Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017

 JEWOROJIYA

Nariboneye ivyo Bibiliya ivuga!

Pepo Devidze

Nariboneye ivyo Bibiliya ivuga!
  • YAVUTSE 1976

  • YABATIJWE 1993

  • IVYIWE MURI MAKE Yakuriye mw’ishengero ry’aborotodogisi, kandi yarubahiriza imigenzo yaryo ata guca ku ruhande. Amaze kumenya ukuri, yarakoreye kuri Beteli ari kumwe n’umugabo wiwe. Ubu ni abatsimvyi badasanzwe.

NATANGUYE kwumva ivy’Ivyabona nkiri umunyeshure mu gisagara ca Kutaisi. Hari umubanyi yambwiye ko Ivyabona badakoresha ibishusho be n’uko batemera ko Yezu ari Imana Mushoboravyose. Ivyo vyari bitandukanye rwose n’inyigisho nakunda z’aborotodogisi.

Igihe nasubira iwacu i Tsageri mu ci ryo mu 1992, nasanze na ho nyene hariyo Ivyabona. Mawe yari amaze kwumva abantu benshi babavuga neza. Kubera ko nari nkibiyumvira nabi, yambwiye ati: “Uragenda wirabire ivyo bigisha.”

Hari abavukanyi b’abatsimvyi (Pavle na Paata) bama baza kwigisha umuryango umwe wo mu karere iwacu. Iyo baje, benshi mu babanyi baca bagenda kwumviriza ivyo bigisha no kubabaza ibibazo. Naje naciye nza ndagenda  kubumviriza. Iyo ndababajije ikibazo, baca bazingurura Bibiliya, bakampa ngo nisomere inyishu. Ivyo vyarankoze ku mutima cane. Nariboneye n’amaso yanje ivyo Bibiliya ivuga!

Bidatevye, narifatanije n’abantu abo bavukanyi bigisha Bibiliya. Mu ci ryakurikiye, cumi muri twebwe barabatijwe. Mawe na we nyene yahavuye aba Icabona.

Nsubije amaso inyuma, ndakenguruka kubona abo bavukanyi barampa Bibiliya nkisomera inyishu z’ibibazo vyanje. Amakenga yose nari mfise ku nyigisho zidahuye n’izo nari nsanzwe nemera yaraheze. Nibutse ingene kwisomera inyishu muri Bibiliya vyamfashije, bituma nkoresha ubwo buryo nyene mu gufasha abandi gutahura ukuri!