Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017

Fiji

 KWAMAMAZA NO KWIGISHA KW’ISI YOSE

Oseyaniya

Oseyaniya
  • IBIHUGU 29

  • ABANYAGIHUGU 41.051.379

  • ABAMAMAJI 98.574

  • INYIGISHO ZA BIBILIYA 67.609

Yaratevye araza ku Cibutso

Igihe Olivia wo muri Ostraliya yiga muri garidiyene, yaratumiye umwigisha wiwe ku Cibutso. Imyaka umunani yaraheze ata mwaka n’umwe asiba kumutumira. Vyakabaye kera, mu 2016 uwo mwigisha yaramuterefonye kugira amumenyeshe ko azoza ku Cibutso. Yavuze ko ari iteka kuri we kubona Olivia yagumye amutumira uko umwaka  utashe. Yaraje ku Cibutso ari kumwe n’umugabo wiwe. Uwo mugabo wiwe yaribuka igihe iyo Ngoro y’Ubwami yubakwa, kuko yahoze akora mu buyobozi bw’ico gisagara. Yabwiye abavukanyi ko yatangajwe n’ukuntu igikorwa co kwubaka iyo ngoro cari gitunganijwe neza. We n’umugore wiwe bararyohewe cane ku buryo batashe mu ba nyuma.

Ostraliya: Ugukovya kwiwe kwaravuyemwo ivyiza inyuma y’imyaka 9

Yagisomye incuro zitatu

Jacintu n’umugore wiwe ni abagatolika babunyoye baba muri Timor oriental. Barakubiswe n’inkuba igihe umuhungwabo yaba Icabona, agaheba kujana n’umuryango mu misa. Kugira Jacintu amwereke ko yazimiye, yafashe ingingo yo gusoma igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Yashaka kurondera ibinyoma birimwo. Mu nyuma yabwiye umugore wiwe ati: “Nasomye ca gitabu. Ariko vyose ni sawa.”

Umugore wiwe yamwishuye ati: “Usanga utagisomye neza. Gisubiremwo, ariko ubu hoho ugisome witonze.”

Jacintu yaragisomye, aca asubira kumubwira ati: “Vyose ni sawa.” Yongeyeko ati: “Vyose biri muri Bibiliya, mbere n’ivyo kivuga ku bijanye n’ugusenga abapfuye.”

Umugore wiwe yaciye amubwira ati: “Gisome irya gatatu, ariko ubu hoho uze uraca imirongo ku ngingo zose, ucige witonze. Uko biri kwose harimwo ibinyoma.”

Jacintu yaracize yitonze, akaza araca imirongo mu ngingo. Ahejeje kugisoma ubugira gatatu yavuze ati:  “Vyose ni ukuri! Umuhungwacu ntiyihenze.” Ubu Jacintu ariga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova.

Agakobwa kiwe karatumye ashimishwa

Mushiki wacu w’umutsimvyi wo muri Guam yaragendeye umugore ava mw’izinga rya Pohnpei, aramwereka ka kavidewo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? Yamubwiye ko azogaruka kumuraba. Yaragarutse incuro nka zingahe, ariko ntiyamusangaho. Igihe kimwe yasanzeho agakobwa k’uwo mugore, aca arakereka kamwe muri twa tuvidewo twa Kalebu. Ako gakobwa kararyohewe cane. Uwo mutsimvyi agarutse yasanzeho nyina wako kandi yarashimishijwe n’inkuru nziza. Biboneka ko ako gakobwa kari kabwiye nyina yuko bakwiye kuja gusenga aho wa mugore yakereka videwo asenga. Ivyo bishobora kuba ari vyo vyatumye nyina ashimishwa. Wa mutsimvyi yaciye amwereka ingene inyigisho ya  Bibiliya igirwa, baca baravugana ingene bobandanya kwiga.

Bari bameze “nk’intama zitagira umwungere”

Umucungezi w’umuzunguruko yitwa Terence n’umugore wiwe Stella baragiye mu karere ka Inakor, icibare kitagira uwugikoreramwo co muri Papouasie-Nouvelle-Guinée. Terence yigana ati: “Umusi dushikayo, twagiye twumva abantu badodora mu gaturuturu tutaranavyuka. Abantu benshi bari baturindiriye hanze. Twarabigishije kuva sakumi na zibiri gushika sasita. Twarahagaritse gatoyi kugira twiyoge, tuca dusanga haje n’abandi benshi. Twaciye tubandanya kubigisha  kuva samunani gushika sasita y’ijoro.” Bukeye, Terence na Stella barazindutse cane, baja kwamamaza mu kandi karere. No kuri uwo musi nyene, hari abandi benshi baje kubarondera, ariko basanga si ho bari. Terence avuga ati: “Igihe bamenya iyo twari twagiye, baciye badusangayo. Twarongeye kubigisha gushika sasita. Dusubiye hamwe twashikira, twasanze hari abandi baturindiriye. Ukwo ni ko vyagenda imisi yose. Abantu baho bari bameze ‘nk’intama zitagira umwungere.’”​—Mat. 9:36.

Papouasie-Nouvelle-Guinée: Abantu bari barindiriye Terence na Stella

Yarabwiye inkuru nziza umuganga

Agnès ni umutsimvyi wo muri Nouvelle-Calédonie. Yaragiye kwa muganga kubera yari yavyimvye ukuboko. Umuganga yariko aramuvura yavuze ko amaze kubona abantu benshi bamerewe nabi ku buryo yiyumvira ko Imana ari ruburakigongwe. Agnès yaciye ashimira Yehova mu gacerere kubona amuhaye akaryo ko kumuvugira. Yaramweretse ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Imibabaro yoba izoteba igahera? aca aramusomera Ivyahishuwe 21:3, 4.

Uwo muganga yaciye avuga ati: “Sinibaza ko ico canditswe kirimwo muri Bibiliya yanje. Irimwo Injili gusa.” Amenye ko Agnès ari Icabona, yaciye amubwira ko yigeze guhura n’Ivyabona iwabo muri Shili.

Agnès yaciye yibuka ko kuri ya televiziyo yacu hariko akavidewo ka raporo y’ishami rya Shili. Asubiye kwa muganga, yagiye ajanye akuma kiwe ngendanwa aca aramwereka ako kavidewo. Uwo muganga yararyohewe cane abonye Beteli n’Ingoro y’amateraniro yo muri Shili. Agnès yaciye amubwira ati: “Ehe ikindi kintu nakuzaniye. Ni Bibiliya yuzuye, kugira wirabire ca canditswe  nagusomera mu ndwi iheze co mu Vyahishuwe 21:3, 4.” Uwo muganga yaciye ahaguruka aramugwa mu nda amubwira ati: “Urakoze cane!”

Nouvelle-Calédonie: Umuganga wiwe yararyohewe cane

Agnès agarutse kwa muganga yaje amuzaniye igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? aca arongera aramusigurira igituma kw’isi hari ingorane nyinshi. Uwo muganga yaciye amubwira ko ari mu kuja mu karuhuko muri Shili be n’uko azogenda atwaye ico gitabu kugira agisome cose.