Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017

 JEWOROJIYA

Urukundo nta kirutangira

Urukundo nta kirutangira

IMBERE y’uko ka Sanel kavuka, abaganga baramenyesheje abavyeyi bako ko karamutse kavutse kazogira ingorane zikomeye z’amagara. Bategerezwa kukabaga kakivuka. Abavyeyi bako baba i Abkhazia, akarere kari katangaje ko kiyonkoye kuri Jeworojiya. Barabuze umuganga yokabaga atagateye amaraso.

Abavyeyi bako barituye Komite ija inama n’ibitaro yo muri ako karere. * Bariruhukije bumvise ko abo bavukanyi baronse umuganga i Tbilisi ku murwa mukuru wa Jeworojiya. Ariko nyina wa Sanel ntiyashobora kujayo kubera atari bwaronke utuguvu. Baciye bafata ingingo y’uko ba inakuru ba Sanel, bompi bakaba bari Ivyabona, ari bo bamujana mu bitaro i Tbilisi.

Baramubaze biragenda neza, naho bitari vyoroshe. Inyuma yaho gatoyi, ba inakuru banditse bati: “Twamaze imisi irenga 20 mu bitaro. Ico gihe cose abavukanyi benshi b’Abanyajeworojiya baraza kuturaba, bakatuzanira n’utwo dukeneye. Benshi baratwumvira impuhwe. Twahora dusoma ibijanye n’urukundo rw’abavukanyi bacu, ariko ico gihe ho twararwiboneye.”

^ ing. 4 Muri Jeworojiya, abakurambere bakora muri Komite zija inama n’ibitaro baramaze kuronka abaganga barenga 250 bemera kubaga ata maraso.