Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017

 JEWOROJIYA

Murazi aho twabarondereye?

Artur Gerekhelia

Murazi aho twabarondereye?
  • YAVUTSE 1956

  • YABATIJWE 1991

  • IVYIWE MURI MAKE Haheze amezi umunani gusa abatijwe, yarahevye inzu yiwe n’urudandaza rwamuronsa amahera menshi, aja gukorera ahakenewe abamamaji.

NAHERUKA kubatizwa igihe abakurambere bambaza ko noshima kwagura umurimo. Kw’igenekerezo rya 4 Rusama 1992, naritavye inama idasanzwe yari igenewe abipfuza kwimukira ahakenewe abamamaji. Bukeye, jewe n’uwo twari gukorana twarimukiye hafi y’ikivuko c’i Batumi, mu karere ka Ajaria.

Umusi natangura kwamamaza i Batumi, umutima ntiwari mu nda. Naribajije nti: ‘Mbega yemwe ndabihera he?’ Naratangajwe n’ingene umugore natanguye kuganiriza yavyakiriye. Nagiye numva ambwira ati: “Mwari he? Murazi aho twabarondereye?” Yari ashashaye kumenya vyinshi ku vyerekeye Ivyabona ku buryo bukeye yaciye atangura kwiga Bibiliya!

Imbere y’uko tuja i Batumi, twari twaronse aderese z’abantu baho bashimishijwe. Kubera ko tutari tumenyereye  ico gisagara, twaza turabaza inzira abo duhuye. Benshi nta co badufashije kuko amazina y’amabarabara nka yose yaheruka guhinduka, ariko barashimishwa n’ubutumwa twabashikiriza. Mu misi mikeyi twari dusigaye twigisha Bibiliya imigwi y’abantu bari hagati ya 10 na 15.

Haheze amezi ane gusa dushitseyo, abantu barenga 40 baritaba amakoraniro badahorereza. Twaribaza duti: ‘Aba bantu bose ni nde azosigara arabitwararika?’ Ariko kubera indyane zari hagati y’igisirikare ca Jeworojiya n’abagomba ko akarere ka Abkhazia kigenga, abantu bose bo mw’ishengero nahozemwo barimukiye i Batumi. Ku musi umwe gusa, ishengero ririmwo abakurambere n’abatsimvyi bazi utuntu n’utundi ryari rivutse!