Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2017

 JEWOROJIYA

Vyaranse ko ayishira hasi!

Marina Kopaliani

Vyaranse ko ayishira hasi!
  • YAVUTSE 1957

  • YABATIJWE 1990

  • IVYIWE MURI MAKE Marina n’umugabo wiwe Badri bari abamamaji b’abanyamwete, naho bari bafise abana babiri. Badri yahavuye akora muri Komite y’igihugu kandi yagumye ari umwizigirwa gushika apfuye mu 2010.

TWE n’umugabo wanje twatanguye kubonana n’Ivyabona mu 1989 tubasanze ku mubanyi. Umuvukanyi Givi Barnadze ni we yariko arigisha Bibiliya uwo mubanyi, ariko Givi nta Bibiliya yari afise, kuko bitari vyoroshe kuronka Bibiliya muri Jeworojiya.

Ivyo twumvise vyaraturyoheye cane, bituma twipfuza kuronka Bibiliya. Igihe umugabo wanje yabonana na mwene wabo, yaramubwiye ko yari akeneye Bibiliya. Yaratangaye yumvise mwene wabo amubwiye ko aheruka kugura Bibiliya y’ikijeworojiya be n’uko yoyimugabira.

Badri ashitse muhira, yaciye yicara arasoma ya Bibiliya gushika buhwibiriye. Bukeye, yayizindukiyeko. Mvuye ku kazi, nasanze yicaye ha handi, akiriko arasoma. Emwe, vyaranse ko ayishira hasi! Naciye ndamubwira afate ikonje  y’imisi mikeyi kugira aheze kuyisoma. Mu misi mikeyi yari ayihejeje yose.

Igihe twatangura kwiga n’umuvukanyi Barnadze igitabu Ukuri kujana mu buzima budahera, vyaraturyoheye cane kuko twari dusanzwe twifitiye Bibiliya. Vyarikoze kuko twebwe ata gitabu twari dufise, na we akaba ata Bibiliya yari afise! Haheze umwaka, twe na Badri twarabatijwe.