Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 28

Wokwerekana gute ko ukenguruka ivyo Yehova na Yezu bagukoreye?

Wokwerekana gute ko ukenguruka ivyo Yehova na Yezu bagukoreye?

Wiyumva gute igihe umugenzi aguhaye ingabire nziza cane? Nta nkeka ko bituma uhimbarwa ugaca ushaka kumwereka ko ukenguruka. Yehova na Yezu baraduhaye ingabire nziza kuruta izindi zose, na yo ikaba ari incungu. None twokwerekana gute ko tuyikenguruka?

1. Ni mu buryo bumwe ubuhe twokwerekana ko dukenguruka ivyo Imana na Kristu badukoreye?

Bibiliya isezerana yuko ‘umuntu wese yizera [Yezu]’ ashobora kubaho ibihe bidahera. (Yohani 3:16) None twokwerekana gute ko twizera Yezu? Twovyerekana mu mahitamwo tugira no mu vyo dukora. (Yakobo 2:17) Igihe tugaragaza ukwizera kwacu mu vyo tuvuga no mu vyo dukora, ubucuti dufitaniye na Yezu hamwe na Se wiwe Yehova burakomera.—Soma Yohani 14:21.

2. Ni ikiringo kidasanzwe ikihe kituronsa akaryo ko kugaragaza yuko dukenguruka ivyo Yehova na Yezu badukoreye?

Mw’ijoro ry’imbere y’uko Yezu apfa, yarabwiye abayoboke biwe ubundi buryo bogaragaza ko bakenguruka incungu. Yaratanguje ihimbazwa ry’ikintu kidasanzwe Bibiliya yita “Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba,” kikaba citwa kandi Icibutso c’urupfu rwa Kristu. (1 Abakorinto 11:20) Yezu yashaka ko intumwa ziwe hamwe n’abandi bakirisu bose b’ukuri bokwibuka ko yapfiriye abantu bose. Ku bijanye n’iryo himbazwa, Yezu yadutegetse ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.” (Luka 22:19) Igihe witavye Icibutso, uba werekanye ko ukenguruka urukundo rudasanzwe Yehova na Yezu badukunda.

TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ibindi bintu twokora kugira twerekane ko dukenguruka urukundo rudasanzwe Yehova na Yezu batugaragarije. Turaza kandi kubona akamaro ko kwitaba Icibutso c’urupfu rwa Kristu.

3. Ukuntu twokwerekana ko dukenguruka

Niwihe ishusho umuntu akurokoye ugira usome nturi. Woba woca wigira ukibagira ivyo uwo muntu yagukoreye? Canke woca ugira ico ukoze kugira umwereke ko umukengurukira?

Kubera ko Yehova yatugaragarije ubuntu, dufise icizigiro co kuronka ubuzima budahera. Nimusome 1 Yohani 4:8-10, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Kubera iki incungu ya Yezu ari ingabire idasanzwe?

  • Wiyumva gute uzirikanye ivyo Yehova na Yezu bagukoreye?

Twokwerekana gute ko dukenguruka ivyo Yehova na Yezu badukoreye? Nimusome 2 Abakorinto 5:15 na 1 Yohani 4:11; 5:3. Muhejeje gusoma icanditswe kimwekimwe cose, nimuce muganira kuri iki kibazo:

  • Twisunze ico canditswe, twokora iki kugira twerekane ko dukenguruka ivyo Yehova na Yezu badukoreye?

4. Niwigane Yezu

Ikindi kintu twokora kugira twerekane ko dukenguruka ni kwigana Yezu. Nimusome 1 Petero 2:21, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni gute twokurikira neza intambuko za Yezu?

5. Niwitabe Icibutso c’urupfu rwa Kristu

Kugira umenye ivyabaye kw’ihimbazwa rya mbere ry’Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, nimusome Luka 22:14, 19, 20, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni ibiki vyabaye igihe hahimbazwa Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba?

  • Umukate n’umuvinyu bigereranya iki?—Raba umurongo wa 19 n’uwa 20.

Yezu yashaka ko abigishwa biwe bahimbaza Icibutso c’urupfu rwiwe rimwe mu mwaka. Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova barahurira hamwe buri mwaka kugira bibuke urupfu rwa Kristu nk’uko yabitegetse. Kugira umenye vyinshi ku vyerekeye ico Cibutso, nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ibiki biba ku Cibutso c’urupfu rwa Yezu?

Umukate n’umuvinyu biri n’ico bigereranya. Umukate ugereranya umubiri utunganye Yezu yatanze ku bwacu. Umuvinyu ugereranya amaraso yiwe

HARI ABAVUGA BATI: “Kugira ukizwe, nta bindi ukeneye gukora atari kwizera Yezu.”

INCAMAKE

Twerekana ko dukenguruka ivyo Yezu yadukoreye mu kumwizera no mu kwitaba Icibutso c’urupfu rwiwe.

Wize iki?

  • Twerekana gute ko twizera Yezu?

  • Wewe wokwerekana gute ko ukenguruka ivyo Yehova na Yezu bagukoreye?

  • Kubera iki bihambaye ko twitaba Icibutso c’urupfu rwa Kristu?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Urupfu rwa Yezu rutuma twipfuza gukora iki?

Yakoresheje umubiri wiwe mu gutera iteka Yehova 9:28

Numenye vyinshi ku vyerekeye ukwizera hamwe n’ingene twokugaragaza.

“Nugaragaze ko wizera ivyo Yehova yasezeranye” (Umunara w’Inderetsi, Gitugutu 2016)

Mu nkuru ivuga ngo “Ndumva ko nahumanutse, ndi muzima, kandi ko mbayeho koko,” nurabe ukuntu kwiga ivyerekeye incungu vyatumye umugore umwe ahinduka.

“Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Myandagaro 2011)