Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Isubiramwo ry’Igice ca 4

Isubiramwo ry’Igice ca 4

Nuganire ibibazo bikurikira n’uwukwigisha:

  1. Soma Imigani 13:​20.

    • Kubera iki bihambaye ko uhitamwo neza abagenzi?

      (Raba Icigwa ca 48.)

  2. Ni impanuro izihe zo muri Bibiliya zishobora kugufasha nimba. . .

    • wubatse?

    • uri umuvyeyi canke uri umwana?

      (Raba Icigwa ca 49 n’ica 50.)

  3. Imvugo inezereza Yehova imeze gute? Iyimubabaza yo imeze gute?

    (Raba Icigwa ca 51.)

  4. Ni impanuro izihe zo muri Bibiliya zizogufasha gufata ingingo nziza mu bijanye no kwambara be no kwitunganya?

    (Raba Icigwa ca 52.)

  5. Twohitamwo gute uburyo bwo kwinezereza buhimbara Yehova?

    (Raba Icigwa ca 53.)

  6. Soma Matayo 24:​45-47.

    • “Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ni nde?

      (Raba Icigwa 54.)

  7. Ni gute ushobora gushigikira ishengero urimwo ukoresheje umwanya wawe, inguvu zawe n’ivy’utunze?

    (Raba Icigwa ca 55.)

  8. Soma Zaburi 133:1.

    • Ni ibintu bimwebimwe ibihe wokora kugira uzigame ubumwe mw’ishengero?

      (Raba Icigwa ca 56.)

  9. Yehova adufasha gute igihe twakoze igicumuro gikomeye?

    (Raba Icigwa ca 57.)

  10. Soma 1 Ngoma 28:9.

    • Wokwerekana gute ko ufise “umutima ukwiye” kuri Yehova igihe abandi barwanije ugusenga kw’ukuri canke bahevye ukuri?

    • Kugira ngo ugume uri intahemuka kuri Yehova kandi ugume witandukanije n’amadini y’ikinyoma, hoba hari ivyo ukeneye guhindura?

      (Raba Icigwa ca 58.)

  11. Ushobora gute kwitegurira uruhamo?

    (Raba Icigwa ca 59.)

  12. Utegekanya gukora iki kugira ubandanye gukomeza ubucuti ufitaniye na Yehova?

    (Raba Icigwa ca 60.)