Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ICIGWA CA 52

Kubera iki bihambaye ko twitwararika ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya?

Kubera iki bihambaye ko twitwararika ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya?

Twese turafise ingene dushima kwambara n’ukuntu twitunganya. Ariko Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako zodufasha guhitamwo neza uburyo bwo kwambara kandi tukanezereza Yehova. Reka turabe zimwezimwe muri izo ngingo ngenderwako.

1. Ni ingingo ngenderwako izihe zishobora kudufasha guhitamwo uburyo bwiza bwo kwambara no kwitunganya?

Dukwiye guhitamwo ‘inyambaro itunganije neza, iranga urupfasoni no kurorana kw’umuzirikanyi,’ kandi tukaguma tuboneka neza ku buryo abandi babona ko turi abantu “batinya Imana.” (1 Timoteyo 2:9, 10) Raba izi ngingo ngenderwako zine: (1) Inyambaro yacu ikwiye kuba “itunganije neza.” Nk’uko umaze kubibona ku makoraniro, abasavyi ba Yehova bambara mu buryo butandukanye, ariko ukuntu twambara n’ukuntu dutunganya umushatsi, biragaragaza ko twubaha Imana. (2) Kwambara mu buryo buranga “urupfasoni” bisigura ko twirinda impuzu zivyurira abandi inambu y’umubiri canke zituma abandi badusamarira. (3) Turagaragaza ko dufise “ukurorana kw’umuzirikanyi” igihe tudapfa guhitamwo uburyo ubwo ari bwo bwose bwo kwambara no kwitunganya bugezweho. (4) Ukuntu tuboneka bikwiye kwama vyerekana ko turi abantu “batinya Imana,” bigatuma n’abandi babona ko dusenga Imana y’ukuri.​—Soma 1 Abakorinto 10:​31.

2. Ukuntu tuboneka bigira ico bikoze gute ku bo dusangiye ukwemera?

Naho dufise uburenganzira bwo guhitamwo ivyo twambara, turakwiye kuzirikana ingene bigira ico bikoze ku bandi. Turakwiye kugerageza uko dushoboye kwose kugira ntihagire uwo tubabaza, ahubwo ‘dushimishe bagenzi bacu mu vyiza kugira ngo bubakwe.’​—Soma Abaroma 15:​1, 2.

3. Ni gute ukuntu tuboneka bituma abandi bipfuza kumenya Yehova?

Igihe cose twama twihatira kwambara mu buryo bubereye. Ariko turarushiriza kwitwararika ukuntu twitunganya igihe tugiye ku makoraniro be n’igihe twamamaza. Twipfuza ko abantu bashira umutima ku butumwa turiko turababwira aho kudusamarira. Ku bw’ivyo, ukuntu twitunganya bikwiye gutuma abantu bipfuza kumenya ivyerekeye Imana kandi “[bigashariza] inyigisho y’Umukiza wacu.”​Tito 2:​10.

 TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ukuntu uburyo twambara be n’ukuntu twitunganya vyofasha abandi kumenya ko turi abakirisu b’ukuri.

Ukuntu tuboneka birashobora kwerekana ko twubaha abategetsi. Naho Yehova abona ingene tumeze ku mutima, uko tuboneka inyuma na vyo nyene bikwiye kugaragaza ko tumwubaha

4. Ukuntu tuboneka birerekana ko twubaha Yehova

Ni imvo ihambaye iyihe ikwiye gutuma twitwararika ukuntu tuboneka? Nimusome Zaburi 47:​2, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Kuba twitirirwa Yehova bikwiye gutuma duhitamwo kwambara gute?

  • Woba ubona ko bihambaye ko twitwararika ukuntu tuboneka igihe tugiye ku makoraniro no kwamamaza? Kubera iki wishuye gutyo?

 5. Ukuntu twohitamwo neza uburyo bwo kwambara no kwitunganya

Nimurabe iyo VIDEWO.

Impuzu zacu zaba zizimvye canke zitazimvye zikwiye kuba zisukuye kandi zibereye bivanye n’aho twoba turi hose. Nimusome 1 Abakorinto 10:​24 na 1 Timoteyo 2:9, 10. Nimuce muganira ku gituma dukwiye kwirinda kwambara . . .

  • impuzu dupfuye kuvundurura canke zisa uko zishakiye.

  • impuzu zifata cane, zibonerana canke zivyurira abandi inambu y’umubiri.

Naho abakirisu batakigengwa n’Itegeko rya Musa, iryo Tegeko riradufasha kubona ukuntu Yehova abona ibintu. Nimusome Gusubira mu vyagezwe 22:​5, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki dukwiye kwirinda kwambara no kwitunganya mu buryo butuma abagabo baboneka nk’abagore, abagore na bo bakaboneka nk’abagabo?

Nimusome 1 Abakorinto 10:32, 33 na 1 Yohani 2:15, 16, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Kubera iki dukwiye kwihata kugira ngo ukuntu tuboneka ntibitsitaze abandi mu kibano canke mw’ishengero?

  • Ni uburyo bwo kwambara no kwitunganya ubuhe bugezweho aho iwanyu?

  • Ubona hoba hari ubutabereye ku bakirisu? Kubera iki wishuye gutyo?

Turashobora kwambara no kwitunganya mu buryo butandukanye kandi tugahimbara Yehova

HARI ABAVUGA BATI: “Ndafise uburenganzira bwo kwambara uko nshaka.”

  • Woba nawe ari ko ubibona? Kubera iki wishuye gutyo?

 INCAMAKE

Igihe duhisemwo uburyo bwiza bwo kwambara no kwitunganya, tuba twerekanye ko twubaha Yehova hamwe n’abandi.

Wize iki?

  • Kubera iki Yehova abona ko ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya bihambaye?

  • Ni ingingo ngenderwako izihe zishobora kudufasha guhitamwo neza uburyo twitunganya?

  • Ingene twambara bishobora gute kugira ico bikoze ku kuntu abandi babona ugusenga kw’ukuri?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Raba ingene uburyo twambara bugira ico bukoze ku kuntu abandi batubona.

“Mboneka gute?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Raba igituma bihambaye cane ko tuzirikana imbere y’uko twishushanya ku mubiri (tatouages).

“Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye kwishushanya ku mubiri (tatouages)?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Nurabe izindi ngingo ngenderwako zishobora kugufasha gufata ingingo mu bijanye no kwambara no kwitunganya.

“Woba wambara mu buryo buninahaza Imana?” (Umunara w’Inderetsi, Nyakanga 2016)

Umugore umwe yipfuza guhimbara Imana yarize kubona ibijanye no kwambara be no kwitunganya mu buryo buri ku burimbane. Raba icamufashije.

“Ukuntu abandi bambara kandi bakitunganya ni vyo vyantsitaza” (Be maso!, 22 Kigarama 2003, mu gifaransa)