Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ICIGWA CA 05

Bibiliya ni ubutumwa Imana yaturungikiye

Bibiliya ni ubutumwa Imana yaturungikiye

Bibiliya ni ingabire nziza cane Yehova yaduhaye. Igizwe n’ibitabu 66. Ariko ushobora kuba wibaza uti: ‘Bibiliya yadushikiriye gute? Ikomoka kuri nde? Reka turabe inyishu z’ivyo bibazo.

1. Ko abantu ari bo banditse Bibiliya, kubera iki tuvuga ko ikomoka ku Mana?

Abantu nka 40 ni bo banditse ibitabu vyo muri Bibiliya, mu kiringo c’imyaka nka 1.600. Batanguye kuyandika mu 1513 imbere ya Kristu, barangiza nko mu 98 inyuma ya Kristu. Abayanditse bava mu mice itandukanye y’ubuzima. Naho biri ukwo, ivyo Bibiliya ivuga vyose birahuza. Ivyo bishoboka gute? Ni kubera ko Bibiliya ikomoka ku Mana. (Soma 1 Abatesalonika 2:​13.) Abayanditse ntibandika ivyiyumviro vyabo bwite. Ahubwo “bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.” * (2 Petero 1:​21) Imana yarakoresheje impwemu yayo nyeranda mu gutuma abantu bashobora kwandika ivyiyumviro biva kuri yo.​—2 Timoteyo 3:​16.

2. Bibiliya yoba igirira akamaro abantu bose?

Inkuru nziza iri muri Bibiliya irashobora kugirira akamaro abantu bo mw’“ihanga ryose n’umuryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose.” (Soma Ivyahishuwe 14:6.) Imana yaratumye bishoboka ko Bibiliya iboneka mu ndimi nyinshi kuruta ikindi gitabu ico ari co cose. Hafi abantu bose barashobora kuronka Bibiliya. Kandi ivyo ni ko biri aho boba baba hose canke ururimi urwo ari rwo rwose boba bavuga.

3. Yehova yakingiye gute Bibiliya?

Mu ntango, Bibiliya yanditswe ku bintu bishobora kwononekara ningoga. Mugabo abagabo bakunda Ijambo ry’Imana bagiye barasubiramwo kuryandika n’intoke bavyitondeye uko igihe cagiye kirarengana. Naho hari abategetsi be n’abakuru b’idini bagerageje kuzimanganya Bibiliya, hari abantu bemeye gushira ubuzima bwabo mu kaga kugira bayikingire. Yehova ntiyaretse ngo hagire umuntu n’umwe canke ikintu na kimwe gituma ubwo butumwa yaturungikiye butadushikira. Bibiliya ivuga iti: “Ijambo ry’Imana yacu . . . rizogumaho igihe kitagira urugero.”​Yesaya 40:8.

 TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ingene Imana yahumekeye abantu kwandika Bibiliya, ingene yayikingiye n’ingene yatumye ishikira abantu muri iki gihe.

4. Bibiliya iratubwira uwo ikomokako

Nimurabe iyo VIDEWO. Nimusome 2 Timoteyo 3:​16, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Nimba abantu ari bo banditse Bibiliya, kubera iki yitwa Ijambo ry’Imana?

  • Woba wemera ko Imana yakoresheje abantu mu kwandika ivyiyumviro vyayo? Kubera iki wishuye gutyo?

Nka kurya nyene umuntu ashobora kwandika ivyo ariko arabwirwa n’uwundi, ni ko n’abanditse Bibiliya bandika ibivuye ku Mana

5. Bibiliya yararusimvye

Kubera ko Bibiliya ikomoka ku Mana, ni ivyumvikana ko yoyikingiye. Muri kahise, hari abantu bakomakomeye bagerageje kuyizimanganya. Abakuru b’idini barabuza abantu kuyisoma. Ariko hari abantu benshi bemeye gushira ubuzima bwabo mu kaga barayikingira, naho bashobora kwicwa. Kugira umenye umwe muri bo, nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Kumenya ko hari ibintu vyinshi vyakozwe kugira Bibiliya izigamwe, vyoba vyatumye wipfuza kuyisoma? Kubera iki wishuye gutyo?

Nimusome Zaburi 119:​97, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni igiki catumye abantu benshi bemera gushira ubuzima bwabo mu kaga bagahindura Bibiliya mu zindi ndimi bakongera bakayikwiragiza?

 6. Igitabu kigenewe abantu bose

Bibiliya ni co gitabu cahinduwe mu ndimi nyinshi congera kirakwiragizwa kuruta ibindi bitabu vyose vyanditswe kuva kera. Nimusome Ivyakozwe 10:34, 35, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni kubera iki Imana yipfuza ko Ijambo ryayo rihindurwa mu ndimi nyinshi kandi rigashikira abantu benshi?

  • Ni igiki kigukora ku mutima ku bijanye na Bibiliya?

Hafi

abantu bose

baba kw’isi

barashobora kuronka Bibiliya mu rurimi batahura

Iraboneka mu ndimi zirenga

3.000

ari yose canke igice cayo

Ugereranije, hamaze gusohoka amabibiliya

5.000.000.000

Nta kindi gitabu kirasohoka gutyo

HARI ABAVUGA BATI: “Bibiliya ni igitabu ca kera canditswe n’abantu.”

  • Uvyibazako iki?

  • Ni ibiki bikwemeza ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana?

 INCAMAKE

Bibiliya ni Ijambo ry’Imana, kandi Imana yaritwararitse ko ishikira abantu bose.

Wize iki?

  • Tuvuze ko Imana yahumekeye abantu ngo bandike Bibiliya tuba dushatse kuvuga iki?

  • Wisunze ivyo wize muri iki cigwa, ni ibiki bigutangaza ku vyerekeye Bibiliya?

  • Kumenya ko Imana yakoze ibishoboka vyose kugira ngo ikumenyeshe Ijambo ryayo bituma wiyumva gute?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nusome inkuru yigana ukuntu Bibiliya yadushikiriye.

“Ukuntu Bibiliya yadushikiriye” (Be maso!, Munyonyo 2007)

Hari ibintu bitatu vyari gutuma Bibiliya izimangana. Nurabe ukuntu yarokotse.

“Bibiliya yarasimvye imanga” (Umunara w’Inderetsi No. 4 2016)

Raba ingene abandi bantu bemeye gushira ubuzima bwabo mu kaga kugira bahindure Bibiliya mu zindi ndimi.

Barahaye agaciro Bibiliya (14:26)

Bibiliya yagiye irimurwa yongera irahindurwa mu ndimi zitari nke. Twemezwa n’iki ko ubutumwa buri muri yo bukiri ubw’ukuri?

“Bibiliya yoba yaragoretswe?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

^ ing. 5 Nk’uko icigwa ca 7 kibisigura, impwemu nyeranda ni inguvu Imana ikoresha.