Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ICIGWA CA 37

Ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’akazi be n’amahera

Ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’akazi be n’amahera

Vyoba bimaze gushika ugahagarika umutima kubera akazi canke amahera? Birashobora kutubera urugamba kwironsa ivyo dukeneye no gusenga Yehova nk’uko abibereye. Bibiliya iratanga impanuro z’akamaro zodufasha.

1. Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’akazi?

Imana yipfuza ko duhimbarirwa akazi dukora. Bibiliya ivuga yuko ‘ku muntu, ata ciza kihari kuruta ko yotuma umutima wiwe ubona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame.’ (Umusiguzi 2:​24) Yehova arakora cane. Igihe tumwiganye mu gukorana umwete, biratuma anezerwa na twebwe tukanezerwa.

Gukora akazi ni vyiza. Ariko ntidukwiye kwigera tugashira imbere ngo katubuze gukorera Yehova. (Yohani 6:​27) Yehova adusezeranira ko nitwashira imbere igikorwa ciwe, azoturonsa ibitubeshaho.

2. Dukwiye kubona gute amahera?

Naho Bibiliya ivuga yuko “amahera akingira umuntu,” iratugabisha kandi ko atari yo yonyene atuma turonka umunezero. (Umusiguzi 7:​12) Ku bw’ivyo, ituremesha kudakunda amahera, ahubwo ‘tukabumbwa n’ibintu vy’iki gihe.’ (Soma Abaheburayo 13:5.) Igihe tubumbwa n’ivyo dufise, ntiduta umutwe twiyumvira ko ivyo dufise bidahagije. Turirinda amadeni adakenewe. (Imigani 22:7) Vyongeye turirinda imitego iva ku kuja mu vy’akamari no ku gukurikira imigambi yo kurondera gutunga ningoga.

3. Ni gute twokoresha amahera mu buryo butarimwo ubwikunzi?

Yehova ni Imana itanga cane, kandi turamwigana mu kuba abantu “[ba]tanga batitangira, bagabirije gusangira n’abandi.” (1 Timoteyo 6:​18) Turashobora gukoresha amahera yacu mu buryo butarimwo ubwikunzi mu gushigikira ishengero no mu gufasha abari mu nkenero, na canecane abo dusangiye ugusenga. Igihimbara cane Yehova si ubwinshi bw’ivyo dutanga, ahubwo ni agatima tubigirana. Nitwatanga tubikuye ku mutima, bizotuma duhimbarwa na Yehova anezerwe.​—Soma Ivyakozwe 20:​35.

 TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ivyiza biva ku kubona akazi mu buryo bwiza be no kubumbwa n’ivyo dufise.

4. Nutere iteka Yehova mu kazi ukora

Ubucuti dufitaniye na Yehova bukwiye kugira ico bukoze ku kuntu tubona akazi. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri iyo videwo, ni igiki cagukoze ku mutima ku bijanye n’ukuntu Jason yabona akazi be n’ingene yigenza aho akorera?

  • Ni igiki yakoze kugira agume abona akazi mu buryo bubereye?

Nimusome Abakolosayi 3:23, 24, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera iki bihambaye ko dukorana umwete akazi dukora?

Gukora akazi ni vyiza. Ariko ntidukwiye kwigera tugashira imbere ngo katubuze gukorera Yehova

 5. Kubumbwa n’ivyo dufise biratugirira akamaro

Abantu benshi baragerageza kurondera amahera menshi uko bishoboka kwose. Ariko Bibiliya iduhanura ikintu gitandukanye n’ico. Nimusome 1 Timoteyo 6:​6-8, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Bibiliya ituremesha gukora iki?

Turashobora guhimbarwa naho twoba dufise ibintu bike. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Naho iyo miryango ifise amahera make, ni igiki gituma ihimbarwa?

Bite ho hamwe twoba dutunze ibintu vyinshi ariko tukaguma twipfuza ibindi? Yezu yariganye inkuru yerekana ingene ivyo biteye akaga. Nimusome Luka 12:​15-21, muce muganira kuri iki kibazo:

Nimusome Imigani 10:​22 na 1 Timoteyo 6:​10 muce mugereranya iyo mirongo. Nimuce muganira kuri ibi bibazo:

  • Wibaza ko ari igiki gihambaye? Kuba ufitaniye ubucuti na Yehova canke kuba ufise amahera menshi? Kubera iki wishuye gutyo?

  • Ni ingorane izihe ziva ku kuguma umuntu yiruka inyuma y’amahera?

6. Yehova azoturonsa ivyo dukeneye

Ingorane zijanye n’akazi be n’amahera zirashobora kugerageza ukwizera kwacu. Nimurabe iyo VIDEWO kugira mubone ico twokora igihe mwene izo ngorane zidushikiye. Nimuce muganira kuri ibi bibazo:

  • Muri iyo videwo, uwo muvukanyi yari afise ingorane izihe?

  • Ni igiki yakoze kugira avyifatemwo neza?

Nimusome Matayo 6:​25-34, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni igiki Yehova asezeranira abashira imbere igikorwa ciwe?

HARI ABAVUGA BATI: “Kugira umuryango wanje uronke ikiwubeshaho ntegerezwa gukora cane. Rero sinoshobora kwitaba amakoraniro buri ndwi.”

  • Ni icanditswe ikihe cakujijuye yuko kwama dushira imbere gukorera Yehova ari yo ngingo ibereye?

 INCAMAKE

Akazi n’amahera vyama bikenewe, ariko ntibikwiye kwigera bitubuza gukorera Yehova.

Wize iki?

  • Ni igiki cogufasha kubona akazi mu buryo buri ku burimbane?

  • Ni gute kubumbwa n’ivyo ufise bikugirira akamaro?

  • Wokwerekana gute yuko wizigira ko Yehova azoronsa abasavyi biwe ivyo bakeneye nk’uko abisezerana?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe ingene wokoresha amahera mu buryo buhimbara Imana.

“Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gutanga?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

Akamari rwoba ari urukino ata co rutwaye?

“Twisunze Bibiliya​—Akamari” (Be maso!, Ntwarante 2015)

Ni igiki cafashije umukinyi w’akamari akaba n’umusuma guhindura ukuntu yari abayeho?

“Narakunda cane amafarasi akoreshwa mu masiganwa” (Umunara w’Inderetsi, 1 Munyonyo 2011)