Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ICIGWA CA 06

Ibiriho vyabayeho gute?

Ibiriho vyabayeho gute?

‘Ku Mana ni ho hari isôko ry’ubuzima.’ (Zaburi 36:9) Ivyo woba uvyemera? Abantu bamwebamwe bavuga ko ibiriho vyiyadukije, ko ata wabiremye. Nimba ari ukwo biri, twoba twabayeho ku gitangaro. Ariko nimba Yehova Imana ari we yaremye ibiriho, bica vyumvikana ko yabiremye afise umugambi. * Reka turimbure inkuru yo muri Bibiliya ivuga ingene ibiriho vyabayeho, twongere turabe igituma twoyizigira.

1. Isi n’ijuru vyabayeho gute?

Bibiliya ivuga iti: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.” (Itanguriro 1:1) Abahinga batari bake baremera ko ijuru n’isi vyagize intango. None Imana yabiremye gute? Yakoresheje impwemu yayo nyeranda, ari zo nguvu zayo, mu kurema ibintu vyose biri mu kirere harimwo inyenyeri n’imibumbe.​—Itanguriro 1:2.

2. Kubera iki Imana yaremye isi?

Iyi si Yehova ‘ntiyayiremeye ubusa gusa, mugabo yayiremye ngo ibeko abantu.’ (Yesaya 45:​18) Yarayitunganije neza yongera arayishirako ibikenewe vyose kugira ngo abantu bashobore kuyibako ibihe bidahera. (Soma Yesaya 40:​28; 42:5.) N’abahinga baremeza ko iyi si yacu idasanzwe. Ni wo mubumbe wonyene ushobora kubako abantu.

3. Ni igiki gituma abantu baba abatandukanye n’ibikoko?

Yehova amaze kurema isi, yaciye arema ibifise ubuzima. Yabanje kurema ibimera be n’ibikoko. Mu nyuma na ho, “Imana irema umuntu mw’ishusho yayo.” (Soma Itanguriro 1:​27.) Ni igiki none gituma abantu baba abatandukanye n’ibikoko? Kubera ko twaremwe mw’ishusho y’Imana, turashobora kwigana ukuntu imeze, nko mu kugaragaza urukundo n’ubutungane. Vyongeye yaturemanye ubushobozi bwo kwiga izindi ndimi, guhimbarirwa ibintu vyiza, no kuryohererwa umuziki. N’ikirushirije, turashobora gusenga Umuremyi wacu, ico kikaba ari ikintu ibikoko bidashobora gukora.

 TWINJIRE MU MIZI

Reka turabe ibimenyamenya bitwemeza ko ibiriho vyaremwe be n’igituma twokwizigira ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’intango yavyo. Turaraba kandi ingene dushobora kumenya uko Imana imeze dufatiye ku kuntu abantu bameze.

4. Ibiriho vyararemwe

Abantu barashimagizwa kubera ivyo bakoze biganye ivyaremwe. None ni nde abereye gushemezwa kubera ivyaremwe? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Ni ibiki abantu bakoze biganye ivyaremwe?

Ko inzu yose yubakwa n’umuntu, ni nde yakoze ibintu vyose tubona? Nimusome Abaheburayo 3:​4, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Ni ibintu ibihe biri mu bidukikije bigutangaza?

  • Kubera iki dukwiye kwemera ko ibiriho vyose vyaremwe?

Wari ubizi?

Ibiganiro be n’amavidewo ajanye n’ico ciyumviro urashobora kubisanga ku rubuga rwa jw.org mu gice kivuga ngo “Vyoba vyariyadukije?” be n’ikivuga ngo “Ico bavuga ku nkomoko y’ubuzima.”

“Nkako, inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo uwubatse ibintu vyose ni Imana”

 5. Turashobora kwizigira ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’irema

Mw’Itanguriro ikigabane ca 1, Bibiliya irasigura ingene isi be n’ibiri kuri yo vyabayeho. Woba wokwizigira ivyo ivuga canke ni inkuru zitagira ishingiro? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Bibiliya yoba yigisha ko isi be n’ibiri kuri yo vyaremwe mu misi itandatu y’amasaha 24?

  • Woba wibaza ko ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’irema vyumvikana kandi ko dukwiye kuvyizigira? Kubera iki wishuye gutyo?

Nimusome Itanguriro 1:​1, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Abahinga bavuga ko isi n’ijuru vyagize intango. Ico ciyumviro gihuye gute n’ivyo uhejeje gusoma muri Bibiliya?

Abantu bamwebamwe bavuga ko ibiriho vyabayeho biciye kw’ihindagurika. Bibaza ko Imana yaremye akanyabuzima kamwe gaca kagenda karavamwo ibindi bintu vyose bifise ubuzima. Nimusome Itanguriro 1:21, 25, 27, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Bibiliya yoba yigisha ko ibikoko n’abantu vyabayeho biciye kw’ihindagurika? Canke vyaremwe n’Imana?

6. Abantu ni vyo biremwa bidasanzwe Imana yaremye

Twebwe abantu turatandukanye n’ibikoko. Nimusome Itanguriro 1:26, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Kubera ko twaremwe mw’ishusho y’Imana, turashobora kugaragaza urukundo n’impuhwe. None ivyo bitwigisha iki ku kuntu Imana imeze?

HARI ABAVUGA BATI: “Ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’irema ntivyabaye.”

  • Uvyibazako iki? Kubera iki wishuye gutyo?

 INCAMAKE

Yehova ni we yaremye ijuru n’isi n’ibiriho vyose.

Wize iki?

  • Bibiliya yigisha iki ku bijanye n’inkomoko y’ijuru n’isi?

  • Imana yoba yaremye akanyabuzima kamwe kagiye karahindagurika, canke yaremye ibinyabuzima vyose bihari?

  • Abantu batandukaniye he n’ibikoko?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe uturorero tw’ivyaremwe twerekana ko hariho Umuremyi.

“Ivyaremwe bitwigisha iki?” (Be maso!, Nyakanga 2006)

Nurabe ukuntu umuvyeyi yosigurira umwana wiwe ingene ibiriho vyaremwe.

‘Yehova ni we yaremye vyose’ (2:37)

Raba ukuntu ibisigarira vy’ibikoko n’ibiti canke ibintu abashakashatsi bubuye vyerekana nimba ibiriho vyararemwe canke vyariyadukije.

Ibibazo bitanu wokwibaza ku bijanye n’inkomoko y’ubuzima (agatabu mu gifaransa)

^ ing. 3 Mu cigwa ca 25 tuzobona umugambi Imana ifitiye abantu.