Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ICIGWA CA 22

Ushobora gute kubwira abandi inkuru nziza?

Ushobora gute kubwira abandi inkuru nziza?

Uko wiga ukuri kwo muri Bibiliya, ushobora kuba wibwira uti: “Abantu bose bakwiye kumenya uku kuri.” Ariko vyoshika ukumva ubwoba bwo kubwira abandi ivyo wize. Reka turabe ingene wotsinda ubwo bwoba maze ugatangura kubwira abandi inkuru nziza umutima uri mu nda.

1. Wobwira gute ivyo wize abantu muzinanye?

Abigishwa ba Yezu bavuze bati: “Ntidushobora kureka kuvuga ivyo twabonye kandi twumvise.” (Ivyakozwe 4:​20) Barakunda cane ivyo Yezu yabigishije ku buryo bashaka kubibwira abantu benshi bashoboka. Ukwo kwoba ari kwo nawe wiyumva? Nimba ari ukwo, nurondere uturyo two kubwira incuti n’abagenzi ivyo wize ubigiranye icubahiro.​—Soma Abakolosayi 4:6.

Uburyo bumwebumwe wokoresha

  • Igihe uriko urayaga n’incuti zawe urashobora kwinjiza muri ico kiyago iciyumviro co muri Bibiliya uti: “Hari ikintu gishimishije nize muri iyi ndwi.”

  • Nusomere icanditswe kiremesha umugenzi wawe agwaye canke ahagaritse umutima.

  • Igihe abo mukorana bakubajije ingene indwi yagenze, nubabwire ivyo uheruka kumenya igihe wariko uriga bibiliya canke ku makoraniro.

  • Niwereke abagenzi bawe urubuga rwa jw.org.

  • Nusabe abandi baze kwifatanya nawe igihe uriko uriga Bibiliya canke ubereke ingene bosaba kwigishwa Bibiliya kuri jw.org.

2. Kubera iki kwamamaza wifatanije n’ishengero ari umugambi mwiza wokwishingira?

Abigishwa ba Yezu barabwira inkuru nziza abantu bazi n’abo batazi. Yezu “[ya]batuma ari babiribabiri ngo bamwitangire imbere baje mu gisagara cose” kwamamaza. (Luka 10:1) Ico gikorwa co kwamamaza cari gitunganijwe neza kandi caratumye abantu benshi baronka akaryo ko kwumva inkuru nziza. Kubera ko abo bigishwa bakorana muri ico gikorwa, vyaratuma bagira akanyamuneza kenshi. (Luka 10:​17) Woba nawe wokwishingira umugambi wo kwamamaza wifatanije n’ishengero?

 TWINJIRE MU MIZI

Nurabe ingene wotsinda ubwoba maze wironkere umunezero uva ku kwamamaza inkuru nziza.

3. Yehova azogufasha

Abantu bamwebamwe bipfuza kwamamaza boshobora kwumva ubwoba igihe biyumviriye ingene abandi bazobabona canke ingene bazovyakira.

  • Kuyagira abandi ivyo wize vyoba bigutera ubwoba? Kubera iki wishuye gutyo?

Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Abo bakiri bato b’Ivyabona batsinze gute ubwoba bari bafise?

Nimusome Yesaya 41:​10, muce muganira kuri iki kibazo:

  • Igihe wumva ufise ubwoba bwo kwamamaza, kubera iki ukwiye gusenga?

Wari ubizi?

Benshi mu Vyabona vya Yehova bahoze biyumvira ko batoshoboye kugira umutima rugabo wo kubwira abandi inkuru nziza. Nk’akarorero, uwitwa Sergey yarikengera kandi ntivyamworohera kuyagisha abandi. Ariko yahavuye atangura kwiga Bibiliya. Avuga ati: “Naho nari mfise ubwoba naratanguye kubwira abandi ivyo nariko ndiga. Igitangaje, kubwira abandi ivyerekeye Bibiliya vyatumye ngenda ndahera ubwoba. Vyongeye vyatumye n’ukwizera kwanje kurushiriza gukomera.”

 4. Nugaragaze icubahiro

Imbere y’uko ubwira umuntu inkuru nziza, nuzirikane ivyo wovuga be n’ingene wobivuga mu buryo buranga icubahiro. Nimusome 2 Timoteyo 2:​24 na 1 Petero 3:​15, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Woshira mu ngiro gute ibivugwa muri iyi mirongo igihe ubwira abandi ivyerekeye Bibiliya?

  • Bamwe mu ncuti n’abagenzi boshobora kutavyakira neza. Ni igiki wokora? Ni igiki wokwirinda gukora?

  • Kubera iki vyoba vyiza ukoresheje utubazo ubigiranye ukwiyubara aho kubahata ngo bemere ivyo ubabwira?

5. Kwamamaza biratuma tugira umunezero

Yehova yarashinze Yezu igikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Yezu yabona gute ico gikorwa? Nimusome Yohani 4:​34, muce muganira kuri ibi bibazo:

  • Gufungura ibifungurwa vyiza biratuma tugira amagara meza kandi bigatuma duhimbarwa. Kubera iki gukora ivyo Imana igomba, harimwo no kwamamaza, Yezu yabigereranije n’ibifungurwa?

  • Ni ivyiza ibihe wibaza ko wokwironkera mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza?

Ico wokora

  • Mw’ikoraniro ryo hagati mu ndwi, nurabe uburyo butandukanye wokoresha mu gutanguza ibiyago.

  • Nuvugane n’uwukwigisha Bibiliya ibijanye no kwiyandikisha mu banyeshure bagira uruhara mw’ikoraniro ryo mu ndwi hagati. Ibiganiro vy’abanyeshure bizotuma urushiriza kuba uwiteguriye kuyagira abandi ivyo uriko uriga.

  • Nukoreshe ibiri mu gice kivuga ngo “Hari abavuga bati” canke “Hari uwobaza ati” kugira wimenyereze kwishura ibibazo abantu bakunda kubaza canke ivyo bakunda kuvuga kugira bahagarike ikiyago.

HARI UWOBAZA ATI: “Amakuru yawe?”

  • Woshobora gute gukoresha ako karyo mu kubwira uwo muntu ivyo wize muri Bibiliya?

 INCAMAKE

Kubwira abandi inkuru nziza birazana umunezero kandi hari aho wosanga vyoroshe kuruta uko uvyibaza.

Wize iki?

  • Kubera iki ukwiye kubwira abandi inkuru nziza?

  • Wobigira gute mu buryo buranga icubahiro?

  • Nimba utinya kwamamaza, ushobora gute gutsinda ubwo bwoba ufise?

Umugambi wokwishingira

RONDERA N’IBINDI

Nurabe uburyo bune busanzwe bwogufasha kwamamaza inkuru nziza ukoresheje agakarata ka jw.org.

Gushikiriza agakarata ka JW.ORG (1:43)

Nurabe kamere zine zishobora kugufasha kwamamaza inkuru nziza.

“Woba witeguriye kuba umurovyi w’abantu?” (Umunara w’Inderetsi, Nyakanga 2020)

Nurabe akarorero ko muri Bibiliya gashobora kugufasha kugira umutima rugabo igihe ubwira abandi inkuru nziza, naho woba ukiri muto.

Yehova azogufasha guhera ubwoba (11:59)

Nurabe ukuntu wobwira ukuri kwo muri Bibiliya incuti zitaramenya ivyerekeye Yehova.

“Ingene twoshikira umutima w’incuti zitemera” (Umunara w’Inderetsi, 15 Ntwarante 2014)