Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo


Ingene wokwungukira cane kuri ibi vyigwa vya Bibiliya

Ingene wokwungukira cane kuri ibi vyigwa vya Bibiliya

Nubanze urabe ingene ivyigwa bitunganijwe, hanyuma uce uraba iyo VIDEWO.

IGICE GITANGURA

Mu gutegura buri cigwa, nubanze usome igice gitangura c’icigwa. Ibibazo biri mu rindi bara (A) hamwe n’ivyanditswe (B) bishimika ku vyiyumviro nyamukuru. Nk’uko uza kubibona, harimwo ivyanditswe vyanditseko ngo “soma.”

IGICE CO HAGATI

Amajambo atangura (C) munsi y’ahavuga ngo Twinjire mu mizi yerekana ivyo mugiye kubona. Udutwe dutoduto (D) twerekana ivyiyumviro nyamukuru. Uri kumwe n’uwukwigisha, nimusome ivyanditswe, wishure ibibazo, mwongere murabe n’amavidewo.

Agace karimwo IVIDEWO kakwereka ividewo ijanye n’ivyo uriko uriga. Amavidewo amwamwe yigana ivyabaye koko. Ayandi na yo yerekana ibintu bishobora kuba ariko basubiyemwo mu buryo bw’igikino.

Niwihweze amashusho n’amajambo biri kumwe (E). Niwiyumvire ingene wokwishura uwokubwira amajambo ari ahavuga ngo Hari abavuga bati (F).

IGICE CA NYUMA

Icigwa gisozerwa n’agace kavuga ngo Incamake hamwe n’akavuga ngo Wize iki? (G). Niwandike itariki uherejeko icigwa. Munsi y’ahavuga ngo Umugambi wokwishingira (H) bakwereka ikintu wokora kugira urushirize gutahura ivyo wize canke kugira ubishire mu ngiro. Agace kavuga ngo Rondera n’ibindi (I) karimwo ibindi bintu wosoma canke amavidewo woraba uvyishakiye.

Ingene wotora imirongo yo muri Bibiliya

Bibiliya igizwe n’ibitabu bitobito 66. Igabuwe mu bice bibiri: Ivyanditswe vy’igiheburayo n’igiharameya (ivyitwa kandi “Isezerano rya kera”) n’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu (ivyitwa kandi “Isezerano rishasha”).

Ivyanditswe vyatanzwe muri iki gitabu bigizwe n’igitabu co muri Bibiliya (A), ikigabane (B), n’umurongo canke imirongo (C).

Nk’akarorero, Yohani 17:3 bisobanura igitabu ca Yohani, ikigabane ca 17, umurongo wa 3.