Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

 Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

KUBERA IKI umugabo yari afise abagore benshi akaba n’uwurwanya Ivyabona vya Yehova yafashe ingingo yo kuba Icabona ca Yehova? Ni igiki catumye umupasitori wo mw’idini rya pentekoti ahindura ivyo yemera? Ni igiki catumye umugore yakuriye mu bintu biteye agahinda yiyegereza Imana naho yahora yizinukwa? Kubera iki umusore yakunda cane umuziki ukaze (bita heavy metal) yahavuye aba umuntu akorera Imana? Nusome izo nkuru uronke inyishu.

“Narushirije kuba umugabo mwiza.”​—RIGOBERT HOUETO

YAVUTSE MU 1941

IGIHUGU AKOMOKAMWO: BÉNIN

IVYO YACIYEMWO: YARI AFISE ABAGORE BENSHI; YARARWANYA IVYABONA VYA YEHOVA

KAHISE KANJE: Navukiye i Cotonou, igisagara kinini co muri Bénin. Narerewe mw’idini rya gatolika, ariko sinama nagiye mu misa. Abagatolika benshi bo mu karere nabamwo wasanga bafise abagore benshi, narirya ico gihe guharika vyari vyemewe n’amategeko. Nahavuye ngira abagore bane.

Igihe haduka imigumuko yo kurondera amahinduka mu vya politike mu myaka ya 1970, niyumviriye yuko vyogiriye akamaro igihugu canje. Narashigikiye nivuye inyuma iyo migumuko, ntangura kuja mu vya politike. Abariko baharanira amahinduka baranka Ivyabona vya Yehova babahora ko batagira aho bahengamiye mu vya politike. Nari mu babahama. Igihe abamisiyonari babo birukanwa mu gihugu mu 1976, nibwiye yuko batokwigeze basubira kuhahonyoza ikirenge.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Mu 1990, nya migumuko yarahagaze. Haciye igihe gito, naratangaye nsubiye kubona abamisiyonari b’Ivyabona vya Yehova. Naciye ntangura kwiyumvira yuko Imana ishobora kuba iri kumwe n’abo bantu. Muri iyo misi, naravuye aho nakorera nja gukora ahandi. Umwe mu bo twaciye dutangura gukorana yari Icabona ca Yehova, kandi ntiyatevye kumbwira ivyo yemera. Yaranyeretse imirongo yo muri Bibiliya yerekana ko Yehova ari Imana y’urukundo n’ubutungane. (Gusubira mu vyagezwe 32:4; 1 Yohani 4:8) Izo kamere z’Imana zarampimbaye. Kubera ko nipfuza kumenya n’ibindi ku vyerekeye Yehova, naciye nemera kwiga Bibiliya.

Bidatevye, naratanguye kwitaba amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova. Narakozwe ku mutima n’urukundo nyakuri nabonye bafitaniye; ivy’ugutandukanya abantu ufatiye kw’ibara ry’urukoba canke ku kuntu babonwa mu kibano, emwe, ntivyaharangwa. Uko narushiriza kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova, ni ko narushiriza kubona ko ari abayoboke nyakuri ba Yezu.​—Yohani 13:35.

Narabonye yuko nobwirijwe kuva muri gatolika nimba nipfuza gukorera Yehova. Ariko ntivyari vyoroshe gutera iyo ntambwe kubera ko natinya ukuntu abandi bari guca babibona. Haciye igihe kitari gito kandi ndabifashijwemwo  na Yehova, narariye umutima amenyo ndasezera Ekeleziya.

Yamara, hariho irindi hinduka rikomeye nari nkeneye kugira. Mu kwiga Bibiliya naramenye yuko Imana idashigikira ivy’ukugira abagore benshi. (Itanguriro 2:18-24; Matayo 19:4-6) Naratahuye ko umubano wanje wa mbere ari wo wonyene yemera. Naciye rero ndawandikisha, ndavana n’abandi bagore nari mfise, nongera ndatunganya ibintu kugira ngo baronke ikibatunga. Babiri mu bahoze ari abagore banje bahavuye baba Ivyabona vya Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE: Naho umukenyezi wanje akiri umugatolika, arubahiriza ingingo nafashe yo gukorera Yehova. Twempi turabona ko narushirije kuba umugabo mwiza.

Nahora niyumvira ko noshoboye kugira ico mariye ikibano mu kuja mu vya politike, ariko nasanze ari ukuruhira ubusa. Ubu ndabona ko Ubwami bw’Imana ari wo muti rudende w’ingorane zugarije umuryango w’abantu. (Matayo 6:9, 10) Ndakengurukira Yehova kubona yaranyeretse ingene nogira ubuzima burangwa agahimbare koko.

“Ntivyanyoroheye kugira amahinduka yari akenewe.”​—ALEX LEMOS SILVA

YAVUTSE MU 1977

IGIHUGU AKOMOKAMWO: BEREZILE

IVYO YACIYEMWO: YARI UMUPASITORI W’UMUPENTEKOTI

KAHISE KANJE: Nakuriye ku mpera y’igisagara ca Itu co muri Leta ya São Paulo. Ako gace kari kazwi ko kagwiriyemwo ubukozi bw’ikibi.

Nari umuntu w’ikirara kandi w’igihumbu. N’ikindi kandi, narakora urudandaza rw’ibiyayuramutwe. Ariko nahavuye ntahura yuko ndamutse ntaruhukiye mu mvuto noruhukiye mu mva, nca ndaheba ubwo buzima. Naciye rero nja mw’idini rya pentekoti, nkaba nahavuye mba pasitori.

Nabona ko nshobora vy’ukuri gufasha abantu biciye ku gikorwa nakora muri iryo dini. Hari mbere n’ikiganiro c’ivy’Imana nashikiriza ku nsamirizi yaho, bituma menyekana cane. Ariko rero, naratanguye kubona ko iryo dini muri rusangi ritari ribabaye ineza y’abarigize, tureke ivyo gutera iteka Imana. Nabona umengo ryironderera gusa amahera. Naciye rero mfata ingingo yo gutanga imihoho ndarivamwo.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Aho ntanguriye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, naciye ubwo nyene mbona ko ata ho bahuriye n’ayandi madini. Hari ibintu bibiri vyankoze ku mutima. Ica mbere, Ivyabona vya Yehova ntibavuga gusa ivyo gukunda Imana n’abandi bantu nka bo ariko kandi barabishira mu ngiro. Ica kabiri, ntibaja muri politike canke mu ntambara. (Yesaya 2:4) Ivyo bintu bibiri vyarankuye amazinda yuko nari nubuye idini ry’ukuri, ya nzira ipfunganye ijana mu buzima budahera.​—Matayo 7:13, 14.

Naratahuye yuko kugira ngo mpimbare Imana nobwirijwe kugira amahinduka amwamwe akomeye. Nari nkeneye kurushiriza kwitaho urugo rwanje. Nari nkeneye kandi kurushiriza kwicisha bugufi. Ntivyanyoroheye kugira amahinduka yari akenewe, ariko Yehova yaramfashije  birakunda. Umukenyezi wanje yarakozwe ku mutima n’ayo mahinduka nagize. Yari yarantanze gutangura kwiga Bibiliya, ariko ico gihe hoho yaciye arushirizaho gutera imbere ningoga mu nyigisho yiwe. Bidatevye, twari tumaze kwiyumvamwo ko dushaka kuba Ivyabona vya Yehova. Twabatijwe umusi umwe.

IVYIZA NAHAKUYE: Twe n’umukenyezi wanje turahimbarwa no gufasha abana bacu batatu kugiranira ubucuti somambike na Yehova. Umuryango wacu urahimbawe. Ndashimira Yehova kuba yarankwegereye ku kuri kwo mw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Ukwo kuri kurahindura ubuzima koko! Ivyanshikiye biravyemeza.

“Ndumva ko nahumanutse, ndi muzima, kandi ko mbayeho koko.”​—VICTORIA TONG

YAVUTSE MU 1957

IGIHUGU AKOMOKAMWO: OSTRALIYA

IVYO YACIYEMWO: YAKURIYE MU BINTU BITEYE AGAHINDA

KAHISE KANJE: Nakuriye i Newcastle, muri Leta ya Nouvelle-Galles du Sud. Ndi imfura mu bana indwi. Dawe yari umuntu w’inkazi cokimwe na mawe, kandi yari yariziziwe n’icupa. Mawe yarangirira nabi ku mubiri akongera akandyagagura. Yama ambwira ngo ndi umuntu mubi akambwira kandi ko nzobabarizwa mu muriro udahera. Mwene ayo majambo yarantera ubwoba cane.

Kenshi narasiba kw’ishure kubera mawe yankubita akankomeretsa. Mfise imyaka 11, barantandukanije n’abavyeyi banje banshira mu kigo ca Leta, mu nyuma banshira mu kigo c’abihebeye Imana. Nshikanye imyaka 14, naravuye muri ico kigo ndomoka. Kubera ko ntipfuza gutaha i muhira, naciye ntangura kwibera mw’ibarabara mu gace ko ku mpera y’igisagara ca Sydney kitwa Kings Cross.

Ico gihe, naratanguye gufata ibiyayuramutwe n’inzoga, ndaja mu bumaraya no mu vy’ugukoresha amashusho yerekana ubushegabo. Ndibuka ikintu kimwe canshikiye kikantera ubwoba vy’ukuri. Nari maze imisi mba mu nzu y’umugabo umwe yari afise ikirabo. Umusi umwe ku mugoroba, hari abagabo babiri baje kumuraba. Yaciye andungika mu cumba, ariko narashobora kwumva ivyo bariko barayaga. Uwo mugabo yariko avugana na bo kugira ngo abangurisheko. Abo bagabo bari bafise umugambi wo kunyegeza mu bwato butwara ibidandazwa maze bakanjana mu Buyapani gukorera mu kabare. Umutima waramvuyemwo nca nsimbira hasi mvuye kw’ibaraza, nca ndiruka kurondera uwontabara.

Twarahuye n’umugabo umwe yari yaje i Sydney, ndamwiganira ivyanje, nizeye ko yompaye amahera na makeyi. Aho kumpa amahera, yaciye anjana aho yari yashikiye kugira ngo noge hanyuma ngire utwo mfunguye. Nahavuye ndahaguma, haciye umwaka duca turubakana.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Igihe natangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, nagiye ndiyumva mu buryo butandukanye. Narumvise ishavu igihe namenya ko Shetani ari we nkomoko y’ikibi, kubera ko nari namye nigishwa yuko Imana ari yo iteza abantu imibabaro. Ariko narumvise mpumurijwe cane menye ko idahanira abantu mu muriro udahera, iyo ikaba ari inyigisho yari imaze igihe kirekire intera ubwoba cane.

 Narakozwe ku mutima n’ukuntu Ivyabona vya Yehova bisunga Bibiliya mu ngingo zose bafata. Ukwizera kwabo barakugendera. Naho nari umuntu agoye, Ivyabona vya Yehova bararengera ivyo navuga vyose n’ivyo nakora vyose, bakamfatana urukundo n’icubahiro.

Icambereye urugamba gusumba ibindi kwari ukwiyumvamwo ko ata co maze. Nariyanka rwose, kandi n’inyuma y’aho mariye kubatizwa nkaba Icabona ca Yehova, naramaze igihe kirekire nciyumva gutyo. Nariyumvamwo ko nkunda Yehova, mugabo nabona ko atokwigera akunda umuntu nkanje.

Haciye nk’imyaka 15 mbatijwe, harabaye ihinduka rikomeye. Mu nsiguro imwe yashikirijwe mu Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova, uwariko arayishikiriza yarakoresheje icanditswe co muri Yakobo 1:23, 24. Iyo mirongo igereranya Ijambo ry’Imana n’icirore dushobora kwibonamwo nk’uko Yehova atubona. Naciye ntangura kwibaza nimba naribona nk’uko Yehova yambona. Mu ntango, ico ciyumviro gishasha naranse kucemera. Nari nciyumvamwo yuko kwitega ko Yehova yonkunda ari ukwitega ibidashoboka.

Haciye imisi mikeyi, narasomye icanditswe cahinduye ubuzima bwanje. Ico canditswe ni Yesaya 1:18, aho Yehova avuga ati: “Nimuze rero tugorore ibintu hagati yacu. . . . Naho ibicumuro vyanyu vyoba bimeze nk’agahama, bizogirwa ivyera derere.” Numva umengo ni jewe Yehova yariko abwira, ati: “Enda nuze Vicky tugorore ibintu hagati yacu. Ndakuzi, ndazi ibicumuro vyawe n’umutima wawe, kandi ndagukunda.”

Iryo joro sinagohetse. Sinari bwajijuke ko Yehova ashobora kunkunda, ariko naciye ntangura kuzirikana ku nkuka y’incungu ya Yezu. Ubwo nyene naciye ntahura yuko Yehova yari amaze igihe kirekire anyihanganiye, anyereka mu buryo bwinshi ko ankunda. Ariko jewe ni nk’aho nariko ndamubwira nti: “Urukundo rwawe ntiruhagije ku buryo rwonshikira. Incungu y’Umwana wawe ntihagije ku buryo yopfuka ibicumuro vyanje.” Ni nk’aho nari nagumye mfata incungu nkayiterera Yehova ndayimusubiza. Mugabo aho nzirikaniye kuri iyo ngabirano y’incungu, naza natangura kwiyumvamwo ko Yehova ankunda.

IVYIZA NAHAKUYE: Ubu ndumva ko nahumanutse, ndi muzima, kandi ko mbayeho koko. Umubano wanje wararushirije kuba mwiza, kandi ndahimbarwa kubona nshobora gufatira ku vyanshikiye kugira mfashe abandi. Naho impinga yabaye ndende, ubu ndumva ko niyegereje cane Yehova.

“Yari inyishu y’isengesho ryanje.”​—SERGEY BOTANKIN

YAVUTSE MU 1974

IGIHUGU AKOMOKAMWO: UBURUSIYA

IVYO YACIYEMWO: YARAKUNDA CANE UMUZIKI WA HEAVY METAL

KAHISE KANJE: Navukiye i Votkinsk, akaba ari na ho wa muhinga karuhariwe mu vyo gutunganya umuziki yitwa Pyotr Ilich Tchaikovsky yavukiye. Umuryango wacu wari ukenye. Muri rusangi dawe yari umuntu mwiza, ariko kubera ko yari yariziziwe n’inzoga, i muhira hama hari uruhagarara.

Kw’ishure sinabitora rwose, kandi uko imyaka yagiye irarengana naratanguye kwiyumvamwo yuko ata co maze imbere y’abandi. Naratanguye kuba umuntu yikumira kandi atizigira abandi. Kuja kw’ishure vyarampagarika  umutima cane. Nk’akarorero, igihe naba mbwirizwa gushikiriza ivyo nagizeko ubushakashatsi, akenshi vyarananira no gusigura ibintu bisanzwe cane nashobora gusigura mu bindi bihe. Nkiri mu mashure yisumbuye, bilete yanje imwe yari yanditseko ngo: “Azi amajambo make kandi ntazi kuvuga ico yiyumvira.” Ayo majambo yaramvunye umutima cane, nca ndushiriza kwumva ko ata co maze. Naciye ntangura kwibaza ibibazo ku vyerekeye intumbero y’ubuzima bwanje.

Ndi mu buyabaga, naratanguye kunywa inzoga. Mu ntango, kunywa vyatuma numva merewe neza. Mugabo nanyoye nkarenza, ijwi ryo mu mutima ryarambuza amahoro. Sinabona iyo ubuzima bwanje buriko buraja. Naciye ntangura kwihebura cane, rimwe na rimwe nkamara imisi ntava mu nzu. Naratanguye kwiyumvira ivyo kwiyahura.

Nshikanye imyaka 20, narasubiye kuronka agahengwe ariko kamaze umwanya urume rumara. Naratanguye kwumviriza wa umuziki bita heavy metal. Uwo muziki watumye numva inkomezi maze ntangura kurondera abandi bakunda kuwumviriza. Narateretse umushatsi, nditoboza amatwi, ntangura no kwambara nk’abacuraranzi nakunda. Naratanguye kuba umuntu ata co anezwe kandi w’inkazi, nkama ndiko ndahazuka n’ab’i muhira.

Nabona ko kwumviriza uwo muziki vyotumye ngira umunezero, mugabo ibihushanye n’ivyo ni vyo vyariko biraba. Nariko mba uwundi muntu! Vyongeye, igihe namenya ibintu bimwebimwe bibabaje ku bijanye n’abacuraranzi rurangiranwa nemera, naciye numva umengo bampemukiye.

Naciye nsubira kwiyumvira ivyo kwiyahura. Ico gihe hoho nta vyo gufyina vyarimwo. Ikintu conyene catumye mpagarika uwo mugambi ni uko nazirikanye ukuntu vyobabaje mawe. Yarankunda cane, kandi yari yarankoreye ibintu vyinshi cane. Numva merewe nabi cane. Sinashaka kubandanya kubaho, ariko kandi sinashobora kurangiza ubuzima bwanje.

Kugira niyibagize ingorane, naratanguye gusoma ibitabu vyo mu kirusiya vyubahwa cane. Inkuru imwe nasomye yari iy’umuntu yakorera Imana mw’idini rimwe. Aho ndayisomeye, naciye numva nipfuje cane kugira ico nkoreye Imana n’abandi. Naratuye Imana isengesho ndayisukira ibiri mu mutima wanje, kikaba ari ikintu ntari bwigere ngira. Narayisavye ngo inyereke ukuntu nogira ubuzima buri n’intumbero. Ndiko ndasenga, sinokubwira ingene naciye numva nduhutse. Ariko igitangaje kuruta, ni ivyakurikiye. Haciye amasaha abiri gusa, hari Icabona ca Yehova yadodoye ku rugi maze ansaba ko twokwigana Bibiliya. Mbona yuko iyo yari inyishu y’isengesho ryanje. Kuva uwo musi, nari ntanguye kugira ubuzima bushasha, burimwo agahimbare.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Naho bitari vyoroshe, narashibuye ibintu vyose nari mfise bifitaniye isano na wa muziki. Yamara, uwo muziki wangumyemwo igihe kirekire. Bishitse ngaca iruhande y’aho bariko barawuvugiriza, naca nibuka kahise kanje. Ivyo bintu bibabaje nibuka sinashaka ko bivangana n’ibindi vyiza vyariko bishinga imizi mu muzirikanye wanje no mu mutima wanje. Naca rero nza ndirinda guca ahantu mwene aho. Kandi igihe cose naba ntanguye kwiyumvira ivyo naciyemwo, naca nsengana ubwira. Ivyo vyatuma numva mfise “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.”​—Abafilipi 4:7.

Uko niga Bibiliya, naramenye yuko abakirisu babwirizwa kubwira abandi ivyo bizera. (Matayo 28:19, 20) Mu vy’ukuri, nabona ko ntopfuye ndabishoboye. Ku rundi ruhande, ibintu bishasha nariko ndiga vyatuma ngira agahimbare n’amahoro yo mu mutima. Nari nzi ko abandi na bo nyene bakeneye kumenya ukwo kuri. Naho nari mfise ubwoba, naratanguye kuyagira abandi ivyo nariko ndiga. Icantangaje cane ni uko kubwira abandi ivyerekeye Bibiliya vyatumye koko numva ko ndi n’ico maze. N’ikindi kandi, vyatumye ivyo bintu bishasha nemera bishinga imizi mu mutima wanje.

IVYIZA NAHAKUYE: Ubu ndubatse kandi ndahimbawe. N’ikindi kandi, naragize umunezero wo gufasha abantu batari bake kwiga ivyerekeye Bibiliya, ushizemwo mushikanje na mawe. Gukorera Imana no gufasha abandi kwiga ibiyerekeye vyaratumye ubuzima bwanje bugira intumbero vy’ukuri.