Ja ku birimwo

Kubera iki Ivyabona vya Yehova bibuka urupfu rwa Yezu mu buryo butandukanye n’ayandi madini?

Kubera iki Ivyabona vya Yehova bibuka urupfu rwa Yezu mu buryo butandukanye n’ayandi madini?

 Twebwe turisunga cane Bibiliya mu guhimbaza imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, izitwa kandi ngo “ingaburo y’Umwami,” canke Icibutso c’urupfu rwa Yezu. (1 Abakorinto 11:20; Bibiliya Yera) Ariko rero, ivyo ayandi madini yemera be n’ivyo akora mu guhimbaza uwo musi ntibishingiye kuri Bibiliya.

Kubera iki tubigira?

 Duhimbaza imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba kugira ngo twibuke Yezu, dukenguruke kubona yaradupfiriye. (Matayo 20:28; 1 Abakorinto 11:24) Iryo himbazwa si isakaramentu, canke umugirwa utuma umuntu agirirwa ubutoni canke ababarirwa ibicumuro. a Bibiliya ivuga yuko ukwizera Yezu ari kwo gutuma tubabarirwa, ko tutababarirwa biciye ku mugirwa kanaka w’ivy’idini.​—Abaroma 3:25; 1 Yohani 2:1, 2.

Vyogirwa kangahe?

 Yezu yarategetse abigishwa biwe guhimbaza imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba ariko ntiyadomyeko incuro bobigira. (Luka 22:19) Hari ababona ko iryo himbazwa ryogirwa buri kwezi, abandi na bo buri ndwi, buri musi, incuro nyinshi ku musi, canke igihe cose umuntu abishakiye. Ariko rero, hari ibintu tubwirizwa kurimbura.

 Yezu yatanguje iryo himbazwa kw’itariki Abayuda bahimbarizako Pasika, kandi yapfuye kuri iyo tariki nyene umusi witereye. (Matayo 26:​1, 2) Ivyo ntivyapfuye guhurirana. Ijambo ry’Imana rigereranya incungu ya Yezu n’umwagazi w’intama wa Pasika. (1 Abakorinto 5:​7, 8) Pasika yahimbazwa rimwe mu mwaka. (Kuvayo 12:1-6; Abalewi 23:5) N’abakirisu bo mu ntango bahimbaza urupfu rwa Yezu rimwe mu mwaka, b kandi n’Ivyabona vya Yehova babigenza nk’uko nyene bivugwa muri Bibiliya.

Itariki n’igihe

 Ukuntu Yezu yabigenjeje ntibidufasha gusa kumenya incuro iryo himbaza ryogirwa, ariko kandi biradufasha no kumenya itariki be n’igihe ryogirirwako. Dukurikije ikirangamisi ca Bibiliya gifatira ku mboneko z’ukwezi, Yezu yatanguje iryo himbazwa ku mugoroba wo ku wa 14 Nisani, mu mwaka wa 33 inyuma ya Kristu. (Matayo 26:18-​20, 26) Na twebwe duhimbaza uwo musi kuri iyo tariki nyene buri mwaka, nk’uko vyagirwa n’abakirisu bo mu ntango. c

 Naho ku wa 14 Nisani mu 33 hari ku musi wa gatanu, buri mwaka iyo tariki irashobora kugwa ku wundi musi. Buri mwaka, kugira ngo dutore itariki ihuye no ku wa 14 Nisani, twisunga uburyo bwakoreshwa mu gihe ca Yezu, aho kwisunga ikirangamisi c’Abayahudi bo muri kino gihe. d

Umukate n’umuvinyu

 Muri iryo himbaza rishasha, Yezu yakoresheje umukate utarimwo umwambiro be n’umuvinyu utukura, vyari vyasigaye ku mfungurwa za Pasika. (Matayo 26:26-​28) Mu kumwigana, natwe dukoresha umukate utarimwo umwambiro canke ikirungo na kimwe, be n’umuvinyu utukura. Ntidukoresha umutobe w’inzabibu canke umuvinyu wongewemwo ibintu bituma usosa canke ukara, kibure bituma ugira akandi kamoto.

 Amadini amwamwe akoresha umukate urimwo umwambiro. Ariko muri Bibiliya, akenshi umwambiro ugereranya igicumuro n’ukwononekara. (Luka 12:1; 1 Abakorinto 5:6-8; Abagalatiya 5:7-9) Ku bw’ivyo, umukate utarimwo umwambiro canke ikirungo na kimwe ni wo wonyene ugereranya neza umubiri wa Kristu utagira igicumuro. (1 Petero 2:​22) Ikindi kintu Bibiliya idashigikira ni ugukoresha umutobe w’inzabibu aho gukoresha umuvinyu. Amadini amwamwe akoresha umutobe kubera ko abuza kunywa inzoga kandi Ijambo ry’Imana ritabibuza.​—1 Timoteyo 5:​23.

Ni ibimenyetso, si umubiri n’amaraso

 Umukate utambiye be n’umuvinyu utukura bikoreshwa ku Cibutso bigereranya umubiri wa Yezu n’amaraso yiwe. Ntibihinduka mu buryo bw’igitangaro ngo bicike umubiri n’amaraso vya Yezu canke ngo bivangane n’umubiri n’amaraso yiwe, nk’uko bamwe bavyiyumvira. Raba impamvu zishingiye kw’Ijambo ry’Imana.

  •   Iyo Yezu ategeka abigishwa biwe kunywa amaraso yiwe, yari kuba abasavye kurenga kw’itegeko ry’Imana ribuza kurya amaraso. (Itanguriro 9:4; Ivyakozwe 15:28, 29) Ivyo Yezu ntiyari kuvyubahuka kuko atari gutegeka abandi kurenga kw’itegeko ry’Imana rivuga ko amaraso ari meranda.​—Yohani 8:​28, 29.

  •   Iyo intumwa ziba zanyoye amaraso nya maraso ya Yezu, ntiyari kuvuga ko amaraso yiwe yari “agiye guseswa,” mu kwerekana ko incungu itari bwatangwe.​—Matayo 26:28.

  •   Incungu ya Yezu yatanzwe “rimwe rizima.” (Abaheburayo 9:​25, 26) Ariko rero, nimba mu gihe co guhimbaza imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba umukate n’umuvinyu bihinduka umubiri n’amaraso vya Yezu, ababifungurako baba basubiye kumutangako incungu.

  •   Yezu yavuze ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka,” ntiyavuze ngo: “Mu kuntangako incungu.”​—1 Abakorinto 11:24.

 Abemera ko umukate n’umuvinyu bicika umubiri n’amaraso vya Yezu, bafatira ku majambo avugwa mu mirongo imwimwe yo muri Bibiliya. Nk’akarorero, Bibiliya nyinshi zivuga ko Yezu yavuze ku bijanye n’umuvinyu ati: “Iki ni amaraso yanje.” (Matayo 26:28) Ariko rero, amajambo Yezu yavuze ashobora kandi guhindurwa ngo: “Iki gisobanura amaraso yanje,” canke “Iki kigereranya amaraso yanje,” canke “Iki gisigura amaraso yanje.” e Aho Yezu yari yakoresheje imvugo ngereranyo, nk’uko yakunda kubigira mu kwigisha.​—Matayo 13:34, 35.

Ni bande barya ku mukate bakanywa no ku muvinyu?

 Igihe Ivyabona vya Yehova baba bariko barahimbaza imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, abantu bakeya gusa ni bo bafungura ku mukate bakanywa no ku muvinyu. Uti kubera iki?

 Amaraso ya Yezu yasheshwe yatanguje “isezerano rishasha” ryasubiriye isezerano Yehova Imana yaragiranye n’ihanga rya Isirayeli ya kera. (Abaheburayo 8:​10-​13) Abari muri iryo sezerano rishasha ni bo bafungura kuri ivyo bimenyetso. Si abakirisu bose, ariko ni “abahamagawe” gusa mu buryo budasanzwe n’Imana. (Abaheburayo 9:15; Luka 22:20) Abo ni bo bazofadikanya na Kristu kuganza mw’ijuru, kandi Bibiliya ivuga ko ari abantu 144.000 gusa batewe ako gateka.​—Luka 22:28-​30; Ivyahishuwe 5:​9, 10; 14:​1, 3.

 Uretse abo bagize “ubusho buto” bahamagawe ngo bafadikanye na Kristu kuganza, abenshi muri twebwe bagize “isinzi rinini” ry’abantu bazobaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi. (Luka 12:32; Ivyahishuwe 7:9, 10) Naho benshi muri twebwe badafungura kuri ivyo bimenyetso kubera ko bazoba kw’isi, twese turitaba iryo himbazwa kugira dukenguruke kuba Yezu yaraducunguye.​—1 Yohani 2:2.

a Igitabu ca 9 ca McClintock na Strong, ku rupapuro rwa 212 havuga hati: “Ijambo isakaramentu nta ho riboneka mw’Isezerano rishasha; n’ijambo ry’ikigiriki μυστήριον [misterio] nta ho ryerekeza kw’ibatisimu canke Imfungurwa z’umukama zo ku mugoroba, canke irindi himbazwa iryo ari ryo ryose.”

b Raba The New Schaff-Herzog Encyclopedia of Religious Knowledge, igitabu ca 4, urupapuro rwa 43-​44, be n’igitabu ca 8 ca McClintock na Strong, urupapuro rwa 836.

c Raba The New Cambridge History of the Bible, igitabu ca 1, urupapuro rwa 841.

d Ikirangamisi c’Abayahudi co muri iki gihe gishinga intango y’ukwezi kwa Nisani gifatiye ku gihe abahinga mu vy’imibumbe bavuga ko ukwezi gushasha kuzobonekerako. Ariko rero ubwo si bwo buryo bwakoreshwa mu kinjana ca mbere. Ahubwo, bavuga ko ukwezi kwa Nisani gutanguye igihe ukwezi kwaba kubonetse ari bwo bwa mbere i Yeruzalemu. Ivyo usanga biba haciye umusi umwe canke urenga ku gihe abahinga bashingirako imboneko z’ukwezi muri iki gihe. Iyo ni imwe mu mpamvu zituma itariki Ivyabona vya Yehova bahimbarizako Icibutso itama ihura n’itariki Pasika ihimbarizwako muri kino gihe.

e Raba Bibiliya ya James Moffatt (A New Translation of the Bible); Isezerano rishasha rya Charles Williams (The New Testament​—A Translation in the Language of the People); be n’irya Hugh J. Schonfield (The Original New Testament).