Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki dukwiye ‘kuguma turi maso’?

Kubera iki dukwiye ‘kuguma turi maso’?

‘Ntimuzi umusi Umukama wanyu azozirako.’​—MAT. 24:42.

INDIRIMBO: 136, 129

1. Tanga akarorero kerekana igituma bihambaye ko tumenya aho igihe kigeze be n’ibiriko biraba. (Raba ishusho itangura.)

ITANU, ine, itatu, ibiri, umwe! Iyo turi kw’ihwaniro tukaraba muri ya mateleviziyo, tukabona urushinge rw’isaha ruguma rumanuka uko umwanya wo gutangura ikiringo wegereza, duca tumenya ko hageze gufata ivyicaro kugira twinovore umuziki w’intango. Kiba ari igihe co gutekana tukumviriza umuziki uryoshe w’umugwi w’abacuraranzi ba Watchtower. N’ikiruta vyose, bituma dutegura umutima n’ubwenge ku bw’insiguro zica zikurikira. Bite ho iyo hagize abasamara, bakaguma bagendagenda canke biterera inkuru n’abagenzi, batazi ko porogarama yatanguye? Biboneka ko bataba bagumye bari maso ngo barabe umwanya canke uko ibintu biriko biragenda: Umuhagarikizi aba ari ku mukiruruko, umuziki uriko uravuga, abantu na bo bamaze kwicara. Ako karorero dutanze karadufasha kwitaho ibijanye n’ikintu gihambaye kigiye gushika vuba. None ico kintu ni igiki?

2. Ni kubera iki Yezu yabwiye abigishwa biwe ngo ‘bagume bari maso’?

2 Igihe Yezu Kristu yariko avuga ivyerekeye “insozero y’ivy’isi,” yahimirije abigishwa biwe ati: “Mugume mureretse, mugume murikanuye, kuko mutazi aho igihe cashinzwe kizogerera.” Inyuma y’aho, Yezu yarababwiye incuro zitari nke, ati: “Mugume muri maso.” (Mat. 24:3; soma Mariko 13:32-37.) Inkuru yo muri Matayo isa n’iyo, na yo nyene irerekana ko Yezu yagabishije abayoboke biwe ngo bagume bari maso, ati: “Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi Umukama wanyu azozirako. . . . Mwame mwiteguye kuko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.” Mu nyuma, yarasubiriye ati: “Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi canke isaha.”​—Mat. 24:42-44; 25:13.

3. Kubera iki twitaho cane ingabisho Yezu yatanze?

3 Twebwe Ivyabona vya Yehova, turitaho cane iyo ngabisho Yezu yatanze. Turazi ko “igihe c’iherezo” kigeze kure be n’uko ata gihe kinini gisigaye ngo ya “makuba akomeye” atangure. (Dan. 12:4; Mat. 24:21) Turabona intambara z’agacavutu, inyifato runtu irushiriza gutituka, ubugarariji bukomeye, akajagari mu madini, amapfa, indwara z’ibiza be na vya nyamugigima hirya no hino kw’isi. Turazi kandi ko abasavyi b’Imana bariko bararangura igikorwa kidasanzwe co kwamamaza Ubwami kw’isi yose. (Mat. 24:7, 11, 12, 14; Luka 21:11) Turarindiranye igishika ukuza kw’Umukama wacu be n’iranguka ry’umugambi w’Imana.​—Mrk. 13:26, 27.

IGIHE KIRIKO KIREGEREZA

4. (a) Kubera iki twokwemera ko ubu Yezu azi igihe Harumagedoni izozirako? (b) Naho tutazi igihe ya makuba akomeye azotangurira, ni igiki tutokekeranya?

4 Turazi ko buri kiringo c’ihwaniro gitangura ku mwanya uzwi neza. Ariko naho tworaramwo, ntitwovuga tutihenda umwaka amakuba akomeye azotangurirako, icibagiwe coco ni umusi n’isaha. Igihe Yezu yari kw’isi, yavuze ati: “Nayo ivy’uwo musi n’iyo saha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data gusa.” (Mat. 24:36) Ariko rero, Kristu yarahawe ububasha mw’ijuru bwo kurwanya isi ya Shetani. (Ivyah. 19:11-16) Ku bw’ivyo, ntitwoba dushikuje tuvuze ko ubu Yezu azi igihe Harumagedoni izozirako. Mugabo twebwe nta co tuzi. Birahambaye rero ko tuguma turi maso gushika ayo makuba ashitse. Yehova wewe yamye azi neza igihe ivyo bizobera. Yaramaze gushinga igihe nyezina iherezo rizoshikirako. Arabona umwanya usigaye kugira amakuba akomeye atangure, kandi ayo makuba ‘ntazocererwa.’ (Soma Habakuki 2:1-3.) None tuvyemezwa n’iki?

5. Tanga akarorero kerekana ko ivyo Yehova avumereye vyama biranguka ku gihe cashinzwe.

5 Ivyo Yehova yavumereye vyamye biranguka ku gihe cashinzwe. Rimbura ingene Abisirayeli bakuwe mu Misiri ku gihe nyene cari carategekanijwe. Mu kwerekeza ku vyabaye ku wa 14 Nisani 1513 imbere ya Kristu, Musa yavuze ati: “Hanyuma ya myaka amajana ane na mirongo itatu iheze, mbere kuri uyo musi nyene, ingabo za Yehova zose ziva mu gihugu ca Misiri.” (Kuv. 12:40-42) Iyo myaka 430 yatanguye igihe isezerano Yehova yagiraniye na Aburahamu ryaja mu ngiro mu 1943 imbere ya Kristu. (Gal. 3:17, 18) Gatoyi inyuma y’aho, Yehova yabwiye Aburahamu ati: “Umenye neza yuko uruvyaro rwawe ruzocika kavamahanga mu gihugu kitari icabo, kandi bazobwirizwa gukorera abantu baho, kandi bano bazobateza amarushwa imyaka amajana ane.” (Ita. 15:13; Ivyak. 7:6) Biboneka ko iyo myaka 400 y’amarushwa yatanguye mu 1913 imbere ya Kristu, hamwe Ishimayeli yashinyagurira Izahaki igihe yacuka, maze irangira igihe Abisirayeli bava mu Misiri mu 1513 imbere ya Kristu. (Ita. 21:8-10; Gal. 4:22-29) Urabona ko Yehova yashinze igihe ntabanduka co kurokora abantu biwe, hagisigaye imyaka amajana ane yose!

6. Kubera iki twizigira tudakeka yuko Yehova azorokora abasavyi biwe?

6 Yosuwa ni umwe muri abo bakuwe mu Misiri. Mu nyuma, yaribukije Abisirayeli bose ati: “Murazi neza n’imitima yanyu yose n’ubuzima bwanyu bwose yuko ata jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse. Yose yararangutse ku bwanyu. Nta jambo na rimwe muri yo ritashitse.” (Yos. 23:2, 14) Na twebwe turizigira tudakeka yuko ivyo Yehova yasezeranye ku bijanye no kuturokora muri ya makuba akomeye, bizoranguka ata kabuza. Ariko rero, nimba dushaka kurokoka igihe iyi si mbi izotikizwa, dutegerezwa kuguma turi maso.

NUGUME URI MASO KUGIRA UZOROKOKE

7, 8. (a) Kera inderetsi yari ijejwe iki, kandi ivyo bitwigisha iki? (b) Tanga akarorero kerekana ivyashobora kuba, bishitse inderetsi zigasinzira.

7 Ivyabaye kera biratwigisha yuko bihambaye ko tuguma turi maso. Kera, ibisagara bininibinini nka Yeruzalemu wasanga bizitijwe ibihome birebire. Ivyo bihome vyarabakingira ibitero vy’abansi, bikagira n’iminara miremire inderetsi zaja kurerekerako. Inderetsi zama ziri hejuru kuri izo mpome no ku marembo, ijoro n’umurango. Zibonye ikintu cose giteye akaga, zaca ziburira abari mu gisagara. (Yes. 62:6) Izo nderetsi zategerezwa kuguma zirikanuye, ahandi ho ibara ryari gushobora kugwa.​—Ezk. 33:6.

8 Umuhinga mu vya kahise w’Umuyuda yitwa Josèphe avuga ko mu 70 inyuma ya Kristu, ingabo z’Abaroma zigaruriye Umunara witwa Antonia wari ku ruhome rwa Yeruzaremu, kubera ko abarinzi bo ku marembo bari basinziriye! Abaroma baciye birasa mu rusengero bararuturira, maze bituma Yeruzalemu be n’ihanga ry’Abayuda bishikirwa n’amakuba bitari bwigere bibona.

9. Muri kino gihe, ni ibiki abantu benshi batazi?

9 Muri kino gihe, ibihugu vyinshi birafise abo twokwita inderetsi bacungera imbibe, bikagira n’ubuhinga buhanitse bwo gucungera umutekano. Baguma bari maso ku bintu biteye akaga vyohava vyinjira ku butaka bwabo canke abansi bohava bonona umutekano w’igihugu cabo. Ariko, izo nderetsi wumva zibona gusa akaga gaturuka ku bantu canke ku ntwaro z’abantu. Ntizizi ko hariho Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru burongowe na Kristu canke ngo zimenye ibikorwa burangura, kandi ntizizi ko ari bwo buzoshitsa urubanza ku mahanga yose. (Yes. 9:6, 7; 56:10; Dan. 2:44) Ariko twebwe nitwaguma turi maso mu vy’impwemu, igihe cose uwo musi w’urubanza uzoshikira, uzosanga twiteguye.​—Zab. 130:6.

NTUREKE NGO HAGIRE IKIKUBUZA KUBA MASO

10, 11. (a) Ni igiki dukwiye kubako maso, kandi kubera iki? (b) Wemezwa n’iki ko Shetani yoheje abantu ngo ntibiteho ubuhanuzi bwo muri Bibiliya?

10 Niwiyumvire inderetsi iri ku kirindiro, ikaba yamaze ijoro ryose itagohetse. Mu bucagucagu, irashobora gutwarwa n’agatiro kubera iba irushe cane. Na twebwe nyene, uko turushiriza kwegereza iherezo ry’ivy’iyi si, ni ko birushiriza kutugora kuguma turi maso. Hamwe tutoguma turi maso, ibara ryogwa! Nimuze turimbure ibintu bitatu vyoshobora kutubuza kuguma tugavye mu gihe twosamara.

11 Shetani arosha abantu kutitaho ivy’Imana. Gatoyi imbere y’uko Yezu apfa, yaraburiye abigishwa biwe incuro zitatu ku bijanye n’“umutware w’iyi si.” (Yoh. 12:31; 14:30; 16:11) Yezu yari azi ko Shetani yohumye abantu imitima kugira ngo ntibabone ko ivyo abahanuzi bamenyesheje ku bijanye na kazoza vyihuta. (Zef. 1:14) Ivyo abikora biciye kw’idini ry’ikinyoma. Ni ibiki uhora wibonera igihe uriko urayaga n’abantu? Nturabona ko Shetani yamaze “[guhuma] imizirikanyi y’abatemera” ngo ntibamenye ko iherezo ry’ivy’iyi si ryegereje be n’uko Kristu ubu aganza mu Bwami bw’Imana? (2 Kor. 4:3-6) Ni kangahe abantu bakubwira ngo “nta vyo nshaka”? Igihe uba uriko ugerageza kubwira abantu ibigiye gushikira iyi si, abenshi usanga batabinegwa.

12. Kubera iki tudakwiye kwemera guhendwa na Shetani?

12 Naho abandi boba batabinerwa, ntucike intege canke ngo bitume ureka kuguma uri maso. Wewe, ico uzi urazi. Paulo yandikiye abo basangiye ukwemera ati: “Mwebwe ubwanyu mu[ra]zi neza cane yuko umusi wa Yehova uzoza.” Yongeyeko yuko uzoza “neza na neza nk’igisuma mw’ijoro.” (Soma 1 Abatesalonika 5:1-6.) Yezu yatugabishije ati: “Mugume mwiteguye, kubera ko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.” (Luka 12:39, 40) Vuba, Shetani azohuma amaso amasinzi y’abantu, maze bemere akamo k’ikinyoma kazovuga ko hari “amahoro n’umutekano.” Azobahenda bemere yuko kw’isi vyose bigenda neza. Tweho bite? ‘Nitwaguma turikanuye kandi tukazigama ubwenge bwacu,’ uwo musi w’urubanza “[ntuzoduhwikira nk’uko wohwikira ibisuma.” Ni co gituma dukwiye gusoma Ijambo ry’Imana buri musi kandi tukazirikana ku vyo Yehova atubwira.

13. Impwemu y’isi yosha abantu gukora iki, kandi twokwirinda gute iyo nyosha iteye akaga?

13 Impwemu y’isi iriko irateza abantu agatiro mu vy’impwemu. Abantu benshi bishinga gucurumba mu vy’ubuzima bwa misi yose, ku buryo ‘batamenya ko bakeneye ivy’impwemu.’ (Mat. 5:3) Ibisayangana vy’isi birabakwegakwega maze bigakabura “icipfuzo c’umubiri n’icipfuzo c’amaso.” (1 Yoh. 2:16) Vyongeye, ivy’ukwisamaza vyaratumye abantu batwarwa no ‘gukunda ibinezereza,’ kandi uko umwaka utashe ni ko inyosha mbi zirushiriza kwongerekana. (2 Tim. 3:4) Ni co gituma Paulo yabwiye abakirisu ko badakwiye “[gutegekanya] guhaza ivyipfuzo vy’umubiri,” kuko biteza agatiro mu vy’impwemu.​—Rom. 13:11-14.

14. Ni ingabisho iyihe dusanga muri Luka 21:34, 35?

14 Aho kuyoborwa n’impwemu y’isi, twipfuza kuyoborwa n’impwemu Yehova akoresha kugira ngo atume dutahura ibintu biraririye gushika. [1](1 Kor. 2:12) Ariko ntiwumve, turatahura ko bidasaba ibintu bihanitse kugira ngo umuntu ature ingiga mu vy’impwemu. Mbere n’ibintu bisanzwe, iyo aretse bikanyoha ivy’impwemu, ako gatiro karamutwara. (Soma Luka 21:34, 35.) Naho abandi bodutwenga kubera tuguma turi maso, ntivyotuma duca tubona ko ibintu bitihuta. (2 Pet. 3:3-7) Ahubwo riho, dukwiye kwama twifatanya n’abakirisu bagenzi bacu ku makoraniro, kuko ari ho impwemu y’Imana iba iri.

Woba uriko urakora ibishoboka vyose kugira ugume urikanuye mu vy’impwemu? (Raba ingingo ya 11-16)

15. Ni igiki cashikiye Petero, Yakobo na Yohani, kandi ni gute na twebwe coshobora kudushikira?

15 Umubiri wacu udatunganye uratuma bitugora kuguma turikanuye. Yezu yari azi ko abantu badatunganye bashobora gutwarwa n’intege nke z’umubiri. Rimbura ivyabaye buca yicwa. Kugira ngo agume ari intahemuka, yarituye Se wiwe wo mw’ijuru kugira amuronse inkomezi. Igihe Yezu yaja gusenga, yarasavye Petero, Yakobo na Yohani ngo ‘bagume bari maso.’ Ariko ntibatahuye ko vyari bihambaye yuko baguma barikanuye. Aho kuguma bateramiye Shebuja, umubiri warabagondoje baca barasinzira. Yezu wewe naho yari arushe, yagumye ari maso, asengana ubwira Se wiwe. Ico nyene ni co izo ntumwa ziwe zari zikwiye kuba ziriko zirakora.​—Mrk. 14:32-41.

16. Twisunze Luka 21:36, Yezu yavuze ko twokora iki kugira ‘tugume turikanuye’?

16 Kugira icipfuzo gusa co ‘kuguma turikanuye’ mu vy’impwemu ntibihagije. Hagisigaye imisi mikeyi ngo ivyashitse mw’itongo ry’i Getsemane bibe, Yezu yarabwiye abo bigishwa nyene kuguma batakambira Yehova. (Soma Luka 21:36.) Ku bw’ivyo, kugira ngo na twebwe tugume turi maso mu vy’impwemu, dutegerezwa kuguma dusenga.​—1 Pet. 4:7.

NURUSHIRIZE KUBA MASO

17. Twokora iki kugira ngo twitegurire ivyimirije gushika vuba?

17 Kubera ko Yezu yavuze yuko iherezo rizoshika ‘kw’isaha tutiyumvira,’ iki si igihe co gutura ingiga mu vy’impwemu, mu gukurikirana ibintu vy’uruhendo Shetani be n’isi yiwe batanga be n’ivyo umubiri wacu uhahamira. (Mat. 24:44) Biciye kuri Bibiliya, Imana na Kristu baratubwira ivyiza bimirije kudukorera, bakatwereka n’ingene twoguma turi maso. Turakwiye kwitaho ukwizera kwacu be n’ubucuti dufitaniye na Yehova, kandi tugashira imbere ivy’Ubwami. Turakwiye kumenya igihe tugezemwo be n’ibiriko biraba, kugira ngo twitegurire ivyimirije gushika. (Ivyah. 22:20) Aho gusa ni ho tuzorokora igufa!

^ [1] (ingingo ya 14) Raba ikigabane ca 21 mu gitabu Ubwami bw’Imana buraganza!