Zefaniya 1:1-18
1 Mu gihe ca Yosiya+ mwene Amoni+, umwami w’Ubuyuda, Yehova yabwiye Zefaniya* mwene Kushi, Kushi mwene Gedaliya, Gedaliya mwene Amariya, Amariya mwene Hezekiya ati:
2 «Nzohonya ikintu cose kiri kw’isi», ni ko Yehova avuze+.
3 «Nzohonya umuntu n’igikoko.
Nzohonya inyoni zo mu kirere n’amafi yo mu kiyaga+,nzimanganye ibitsitaza*+ n’abantu bakora ibibi.Nzorandura abantu kw’isi», ni ko Yehova avuze.
4 «Nzoramvura ukuboko kugira nkubite Ubuyudan’ababa i Yeruzalemu bose;nzozimanganya muri iki kibanza ibisigarira vyose vya Bayali+,izina ry’abaherezi b’imana z’inyamahanga n’abaherezi bahemutse+;
5 nzohonya abunamira ingabo zo kw’ijuru*+ bari hejuru ku mazu,abunama basezerana ko batazompemukira jewe Yehova+bakongera bagasezerana ko batazohemukira Malikamu+.
6 Nzozimanganya kandi abaheba kunkurikira jewe Yehova+,ntibandondere jewe Yehova canke ngo bampanuze+.»
7 Nimucereze imbere y’Umukama Segaba Yehova, kuko umusi wa Yehova uri hafi+.
Yehova yateguye ikimazi, yatyoroye* abatumire biwe.
8 «Ku musi w’ikimazi canje, jewe Yehova nzohana abatware,abahungu b’umwami+ n’abo bose bambara impuzu z’abanyamahanga.
9 Kuri uwo musi, nzohana abantu bose begera ikibanza gitaramutse*,abuzuza amazu ya ba shebuja ubukozi bw’ikibi n’ububeshi.»
10 Yehova kandi avuze ati: «Kuri uwo musihazokwumvikana induru kw’irembo ry’amafi+,amaborogo mu gace ka kabiri k’igisagara+,n’urwamo rwinshi mu misozi.
11 Nimuboroge, yemwe ababa i Makiteshi*,kuko abadandaza bose bishwe*,abapima ifeza bose baranduwe.
12 Ico gihe Yeruzalemu nzoyisaka nitonze nkoresheje ibimuri,kandi nzohana abantu ata co bitaho, bibwira mu mitima yabo ngo:“Yehova nta ciza azokora, kandi nta n’ikibi azokora+.”
13 Ubutunzi bwabo buzosahurwa, amazu yabo na yo asenyurwe+.
Bazokwubaka amazu ariko ntibazoyabamwo;bazotera imizabibu ariko ntibazonywa umuvinyu wayo+.
14 Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi+!
Uri hafi kandi uriko uregereza ningoga+!
Uguhinda kw’umusi wa Yehova kurateye ubwoba+.
Kuri uwo musi, umurwanyi akomeye azoboroga+.
15 Uwo musi ni umusi w’uburake+,umusi w’amaganya n’umubabaro+,umusi w’igihuhusi n’agatikizo,umusi w’ikizime n’umwiza+,umusi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya+,
16 umusi abantu bazovuza inzamba n’akaruru k’intambara+,bagiye gutera ibisagara bizitije ibihome hamwe n’iminara miremire+.
17 Nzotuma abantu bicwa n’amaganya,bagendagende nk’impumyi+,kuko bancumuyeko jewe Yehova+.
Amaraso yabo azosanzazwa nka kurya kw’umukungugu,inyama* zabo na zo nka kurya kw’amase+.
18 Yaba ifeza zabo canke inzahabu zabo, ntibizoshobora kubarokora ku musi w’uburake+ bwanje jewe Yehova,kuko isi yose izorigatwa n’ishavu ryanje rirurumba+,kandi nzotikiza ababa kw’isi yose, emwe, nzobatikiza bimwe bikomeye+.»
Utujambo tw'epfo
^ Iryo zina risobanura ngo «Yehova yaranyegeje (yarakingiye).»
^ Bishobora kuba vyari ibikoresho canke ibikorwa bifitaniye isano no gusenga ibigirwamana.
^ Izo ngabo zishobora kuba ari izuba, ukwezi n’inyenyeri.
^ Canke «yejeje.»
^ Canke «begera umukiruruko», «begera urwinjiriro.» Biboneka ko cari ikibanza gitaramutse carimwo intebe y’umwami.
^ Biboneka ko cari igice ca Yeruzalemu cari hafi y’irembo ry’amafi.
^ Mu giheburayo havuga ngo «banumijwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «amara.»