Zefaniya 1:1-18

  • Umusi w’urubanza rwa Yehova uri hafi (1-18)

    • Umusi wa Yehova uriko uraza wihuta (14)

    • Ifeza n’inzahabu ntibishobora kurokora umuntu (18)

1  Mu gihe ca Yosiya+ mwene Amoni+, umwami w’Ubuyuda, Yehova yabwiye Zefaniya* mwene Kushi, Kushi mwene Gedaliya, Gedaliya mwene Amariya, Amariya mwene Hezekiya ati:   «Nzohonya ikintu cose kiri kw’isi», ni ko Yehova avuze+.   «Nzohonya umuntu n’igikoko. Nzohonya inyoni zo mu kirere n’amafi yo mu kiyaga+,nzimanganye ibitsitaza*+ n’abantu bakora ibibi.Nzorandura abantu kw’isi», ni ko Yehova avuze.   «Nzoramvura ukuboko kugira nkubite Ubuyudan’ababa i Yeruzalemu bose;nzozimanganya muri iki kibanza ibisigarira vyose vya Bayali+,izina ry’abaherezi b’imana z’inyamahanga n’abaherezi bahemutse+;   nzohonya abunamira ingabo zo kw’ijuru*+ bari hejuru ku mazu,abunama basezerana ko batazompemukira jewe Yehova+bakongera bagasezerana ko batazohemukira Malikamu+.   Nzozimanganya kandi abaheba kunkurikira jewe Yehova+,ntibandondere jewe Yehova canke ngo bampanuze+   Nimucereze imbere y’Umukama Segaba Yehova, kuko umusi wa Yehova uri hafi+. Yehova yateguye ikimazi, yatyoroye* abatumire biwe.   «Ku musi w’ikimazi canje, jewe Yehova nzohana abatware,abahungu b’umwami+ n’abo bose bambara impuzu z’abanyamahanga.   Kuri uwo musi, nzohana abantu bose begera ikibanza gitaramutse*,abuzuza amazu ya ba shebuja ubukozi bw’ikibi n’ububeshi.» 10  Yehova kandi avuze ati: «Kuri uwo musihazokwumvikana induru kw’irembo ry’amafi+,amaborogo mu gace ka kabiri k’igisagara+,n’urwamo rwinshi mu misozi. 11  Nimuboroge, yemwe ababa i Makiteshi*,kuko abadandaza bose bishwe*,abapima ifeza bose baranduwe. 12  Ico gihe Yeruzalemu nzoyisaka nitonze nkoresheje ibimuri,kandi nzohana abantu ata co bitaho, bibwira mu mitima yabo ngo:“Yehova nta ciza azokora, kandi nta n’ikibi azokora+.” 13  Ubutunzi bwabo buzosahurwa, amazu yabo na yo asenyurwe+. Bazokwubaka amazu ariko ntibazoyabamwo;bazotera imizabibu ariko ntibazonywa umuvinyu wayo+. 14  Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi+! Uri hafi kandi uriko uregereza ningoga+! Uguhinda kw’umusi wa Yehova kurateye ubwoba+. Kuri uwo musi, umurwanyi akomeye azoboroga+. 15  Uwo musi ni umusi w’uburake+,umusi w’amaganya n’umubabaro+,umusi w’igihuhusi n’agatikizo,umusi w’ikizime n’umwiza+,umusi w’ibicu n’umwiza w’umuzitanya+, 16  umusi abantu bazovuza inzamba n’akaruru k’intambara+,bagiye gutera ibisagara bizitije ibihome hamwe n’iminara miremire+. 17  Nzotuma abantu bicwa n’amaganya,bagendagende nk’impumyi+,kuko bancumuyeko jewe Yehova+. Amaraso yabo azosanzazwa nka kurya kw’umukungugu,inyama* zabo na zo nka kurya kw’amase+. 18  Yaba ifeza zabo canke inzahabu zabo, ntibizoshobora kubarokora ku musi w’uburake+ bwanje jewe Yehova,kuko isi yose izorigatwa n’ishavu ryanje rirurumba+,kandi nzotikiza ababa kw’isi yose, emwe, nzobatikiza bimwe bikomeye+

Utujambo tw'epfo

Iryo zina risobanura ngo «Yehova yaranyegeje (yarakingiye).»
Bishobora kuba vyari ibikoresho canke ibikorwa bifitaniye isano no gusenga ibigirwamana.
Izo ngabo zishobora kuba ari izuba, ukwezi n’inyenyeri.
Canke «yejeje.»
Canke «begera umukiruruko», «begera urwinjiriro.» Biboneka ko cari ikibanza gitaramutse carimwo intebe y’umwami.
Biboneka ko cari igice ca Yeruzalemu cari hafi y’irembo ry’amafi.
Mu giheburayo havuga ngo «banumijwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «amara.»