Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Numenyekanishe inkuru nziza y’ubuntu ata wari abukwiriye

Numenyekanishe inkuru nziza y’ubuntu ata wari abukwiriye

“[Nushingire] intahe inogangije inkuru nziza ya bwa buntu ata wari abukwiriye bw’Imana.”​—IVYAK. 20:24.

INDIRIMBO: 101, 84

1, 2. Intumwa Paulo yerekanye gute ko yakenguruka ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana?

BURYA, umugani uca uwuwuzi. Intumwa Paulo yavuze ati: “Ubuntu ata wari abukwiriye [bw’Imana] nagiriwe ntibwabaye impfagusa.” (Soma 1 Abakorinto 15:9, 10.) Kubera ko Paulo yari yahoze ahama abakirisu, yari azi neza ko imbabazi zidasanzwe Imana yamugiriye atazikoreye kandi ko atari azibereye.

2 Mu mpera z’ubuzima bwiwe, Paulo yandikiye Timoteyo ati: “Ndashimira Kristu Yezu Umukama wacu, uwampaye ububasha, kuko yamfashe nk’umwizigirwa mu kunshinga ubusuku.” (1 Tim. 1:12-14) None ubwo busuku bwari ubuhe? Paulo yabwiye abakurambere b’ishengero ry’i Efeso, ati: “Simbona ubuzima bwanje nk’uburi n’ico bumaze, nk’aho ari ubw’agaciro kuri jewe, ahubwo riho icompa nkarangiza urugendo rwanje n’ubusuku nahawe n’Umukama Yezu, ni kwo gushingira intahe inogangije inkuru nziza ya bwa buntu ata wari abukwiriye bw’Imana.”​Ivyak. 20:24.

3. Ni ubusuku budasanzwe ubuhe Paulo yashinzwe? (Raba ishusho itangura.)

3 None iyo “nkuru nziza” Paulo yamamaje, igashira ahabona ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova, ni iyihe? Yabwiye abakirisu b’i Efeso ati: “Mwarumvise ivyerekeye ububwiriza bw’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana, ubwo nahawe ku neza yanyu.” (Ef. 3:1, 2) Paulo yari yashinzwe igikorwa co kumenyesha inkuru nziza abatari Abayuda, kugira ngo na bo nyene bashobore kuba mu bahamagariwe gufadikanya na Kristu kuganza. (Soma Abanyefeso 3:5-8.) Biciye ku mwete Paulo yaranguranye ico gikorwa, yarabereye akarorero keza abakirisu bo mu gihe ca none, yongera arerekana ko ‘atapfishije ubusa’ ubuntu ata wari abukwiriye Imana yamugiriye.

UBUNTU ATA WARI ABUKWIRIYE BW’IMANA BWOBA BUTUMA UGIRA ICO UKOZE?

4, 5. Kubera iki twovuga ko “inkuru nziza y’ubwami” ari cokimwe n’inkuru nziza y’“ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana”?

4 Muri iki gihe c’iherezo, abasavyi ba Yehova bashinzwe kwamamaza “iyi nkuru nziza y’ubwami . . . mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose.” (Mat. 24:14) Ubwo butumwa tuvuga, na bwo nyene ni “inkuru nziza ya bwa buntu ata wari abukwiriye bw’Imana,” kubera ko imihezagiro yose twiteze kuronka igihe Ubwami buzoba buganza, tuyikesha ubuntu Yehova atugaragariza biciye kuri Kristu. (Ef. 1:3) Twoba natwe tugira umwete mu busuku, gutyo tukerekana ko dukenguruka ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova nka kumwe kwa Paulo?​—Soma Abaroma 1:14-16.

5 Mu kiganiro c’imbere y’iki, twarabonye ukuntu twebwe abacumuzi twungukira ku buntu ata wari abukwiriye bwa Yehova mu buryo butandukanye. Turafise rero ibanga ryo gukora uko dushoboye kwose kugira tumenyeshe abantu bose ingene Yehova abagaragariza urukundo rwiwe be n’ingene borwungukirako. None ni ibintu bimwebimwe ibihe biranga ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana dukwiye gufasha abandi gukenguruka?

NUMENYESHE INKURU NZIZA YEREKEYE INCUNGU

6, 7. Igihe dusigurira abantu ibijanye n’incungu, ni gute tuba turiko tubamenyesha inkuru nziza y’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana?

6 Muri iyi si irekerana ibintu, gucumura bisigaye ari ibisanzwe cane, ku buryo benshi batabona ko dukeneye gucungurwa. Ariko rero, n’ababona yuko kubaho uko bishakiye bitazana agahimbare nyakuri, baguma barushiriza kuba benshi. Abantu benshi ntibatahura igicumuro be n’ingaruka kitugirako, hamwe n’ico dukwiye gukora kugira ngo tuve mu buja bwaco. Ivyo babitahura gusa ari uko bayaze n’Ivyabona vya Yehova. Abantu b’imitima nziraburyarya bariruhutsa iyo bamenye ko urukundo rwa Yehova be n’ubuntu bwiwe, ari vyo vyatumye arungika Umwana wiwe kw’isi kugira ngo adukize igicumuro n’urupfu.​—1 Yoh. 4:9, 10.

7 Mu kuvuga ivy’uwo Mwana mukundwa wa Yehova, Paulo yanditse ati: “Muri [Yezu], turaronka ukubohorwa biciye ku ncungu tubihawe n’amaraso y’uwo, egome, ukubabarirwa amakosa yacu, nk’uko ubutunzi bw’ubuntu ata wari abukwiriye [bwa Yehova] buri.” (Ef. 1:7) Inkuka y’incungu ya Kristu ni ikimenyamenya kiruta ibindi vyose cerekana ko Imana idukunda be n’uko itugirira ubuntu tudakwiriye bwinshi. Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko igihe twizeye amaraso ya Yezu, dushobora kubabarirwa ibicumuro, maze ijwi ryacu ryo mu mutima rigahumanurwa! (Heb. 9:14) Emwe, iyo ni inkuru nziza twomenyesha abandi!

NUFASHE ABANTU GUCUDIKA N’IMANA

8. Kubera iki abantu b’abacumuzi bakeneye gusubiza hamwe n’Imana?

8 Turi n’ibanga ryo kumenyesha abandi yuko bashobora kugiranira ubucuti n’Umuremyi wabo. Igihe umuntu aba atarizera incungu ya Yezu, Imana imufata nk’umwansi wayo. Intumwa Yohani yanditse ati: “Uwizera Umwana arafise ubuzima budahera; uwugambararira Umwana ntazobona ubuzima, ahubwo uburake bw’Imana buguma kuri we.” (Yoh. 3:36) Kira noneho, incungu ya Kristu iratuma bishoboka ko dusubiza hamwe n’Imana. Paulo yavuze ati: “Mwebwe abari barigijwe kure kera mukaba n’abansi kubera yuko imizirikanyi yanyu yari ku bikorwa bibi, ubu yarabasubije hamwe ikoresheje umubiri w’inyama w’uyo, biciye ku rupfu rwiwe.”​—Kol. 1:21, 22.

9, 10. (a) Ni ibanga irihe Kristu yashinze abavukanyi biwe barobanuwe? (b) Abo mu “zindi ntama” bafasha gute abarobanuwe?

9 Kristu yarajeje abavukanyi biwe barobanuwe bari kw’isi ico Paulo yise “ubusuku bw’ugusubiza hamwe.” Paulo yabivuze muri aya majambo agira ati: “Ibintu vyose biva ku Mana, yo yadusubije hamwe na yo biciye kuri Kristu ikongera ikaduha ubusuku bw’ugusubiza hamwe, ni ukuvuga yuko Imana biciye kuri Kristu yariko yisubiza hamwe n’isi ntibaharureko amakosa yabo, kandi yatujeje ijambo ry’ugusubiza hamwe. Turi rero abaserukira Kristu mu kibanza ciwe, nk’aho Imana yinginga biciye kuri twebwe. Mu kibanza ca Kristu, turabinginga duti: ‘Nimusubize hamwe n’Imana.’”​—2 Kor. 5:18-20.

10 Abo mu “zindi ntama” babona ko ari agateka gufasha ico gikorwa abakirisu barobanuwe. (Yoh. 10:16) Abo mu zindi ntama ni intumwa za Kristu, bakaba barangura uruhara rukomeye mu kwigisha abantu ukuri, gutyo bakabafasha kugiranira ubucuti na Yehova. Uwo ni umuce uhambaye ujanye n’igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana.

NUMENYESHE ABANTU KO IMANA YUMVA AMASENGESHO

11, 12. Iyo abantu batahuye ko bashobora gusenga Yehova, ni kubera iki aba ari inkuru nziza?

11 Abantu benshi basenga kubera ko bituma bumva baremurutse, ariko ntibemera yuko vy’ukuri Imana yumva amasengesho yabo. Barakeneye kumenya ko Yehova ‘yumva amasengesho.’ Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yavuze ati: “Wewe wumva amasengesho, emwe, abantu b’ubwoko bwose bazoza kuri wewe. Ibintu vy’ikosa vyandushije inkomezi. Nayo ibigabitanyo vyacu, wewe ubwawe uzobipfuka.”​—Zab. 65:2, 3.

12 Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Nimwagira ikintu musaba mw’izina ryanje, nzogikora.” (Yoh. 14:14) Ico “kintu” kivugwa ng’aho ni ikintu cose gihuye n’ivyo Yehova agomba. Yohani aduhumuriza ati: “Uku ni kwo guhera amazinda dufise kuri yo: ni uko ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva.” (1 Yoh. 5:14) Ese ukuntu ari vyiza gufasha abandi gutahura ko isengesho ari uburyo bwiza igitangaza bwo kwegera “intebe y’ubuntu ata wari abukwiriye” ya Yehova, aho kuba gusa ikintu gituma bumva baremurutse mu mutima! (Heb. 4:16) Igihe tubigishije gusenga mu buryo bubereye, bagasenga Uwubibereye kandi bagasaba ibibereye, turashobora kubafasha kwiyegereza Yehova kandi bagahumurizwa mu bihe vy’ingorane.​—Zab. 4:1; 145:18.

UBUNTU ATA WARI ABUKWIRIYE TUZOGIRIRWA MURI KAZOZA

13, 14. (a) Ni uduteka tudasanzwe utuhe tubikiwe abarobanuwe? (b) Ni igikorwa gishimishije ikihe abarobanuwe bazokorera abantu?

13 No muri kazoza, Yehova azobandanya kutugaragariza ubuntu ata wari abukwiriye bwiwe. Paulo yaravuze ibijanye n’agateka kadasanzwe Imana yateye bamwe 144.000, abahamagariwe gufadikanya na Kristu kuganza mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Yanditse ati: “Imana, imwe igwije imbabazi, kubera urukundo rwinshi yadukunze, yaratugize bazima hamwe na Kristu, mu gihe nyene twari twarapfiriye mu makosa​—mukaba mwakirishijwe ubuntu ata wari abukwiriye. Kandi yatuzuriye hamwe, itwicarika hamwe mu bibanza vyo mw’ijuru mu bumwe na Kristu Yezu, kugira ngo mu bihe bizoza haze herekanwe ubutunzi buhebuje bw’ubuntu ata wari abukwiriye bwayo mu butoni bwayo itugirira mu bumwe na Kristu Yezu.”​—Ef. 2:4-7.

14 Ivyiza Yehova abikiye abakirisu barobanuwe igihe bazoba baganza bari kumwe na Kristu mw’ijuru, birasiga ubwenge. (Luka 22:28-30; Flp. 3:20, 21; 1 Yoh. 3:2) Yehova azokwereka canecane abarobanuwe “ubutunzi buhebuje bw’ubuntu ata wari abukwiriye” bwiwe. Bazocika “Yeruzalemu nshasha,” wa mugeni wa Kristu. (Ivyah. 3:12; 17:14; 21:2, 9, 10) Bazofadikanya na Yezu mu “kuvura amahanga,” bafashe abantu bagamburuka kwiganzura igicumuro n’urupfu, maze bashike ku kuba abantu batunganye.​—Soma Ivyahishuwe 22:1, 2, 17.

15, 16. Muri kazoza, Yehova azogaragariza gute abo mu “zindi ntama” ubuntu bwiwe?

15 Mu Banyefeso 2:7 havuga ko Imana izokwerekana ubuntu ata wari abukwiriye bwayo “mu bihe bizoza.” Nta mazinda yuko abazoba bari mw’isi nshasha bazokwibonera “ubutunzi buhebuje bw’ubuntu ata wari abukwiriye” bwa Yehova. (Luka 18:29, 30) Kimwe mu bintu bihambaye kuruta ibindi vyose kizogaragaza ubuntu bwa Yehova butangaje, rizoba ari izuka ry’abapfuye. (Yobu 14:13-15; Yoh. 5:28, 29) Abagabo n’abagore bapfuye ari abizigirwa imbere y’uko incungu ya Kristu itangwa, hamwe n’abo mu “zindi ntama” bose bapfa ari abizigirwa, bazozuka kugira babandanye gukorera Yehova.

16 Abantu amamiliyoni bapfuye bataramenya Imana, na bo nyene bazozuka. Bazoronka akaryo ko kwerekana ko bayobokera ubukuru bwa Yehova. Yohani yanditse ati: “Mbona abapfuye, abahambaye n’abato, bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami, maze imizingo irazingururwa. Mugabo uwundi muzingo urazingururwa; ni wo muzingo w’ubuzima. Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri. Maze ikiyaga kirekura abapfuye bo muri co, urupfu n’ukuzimu na vyo birekura abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza umwumwe nk’uko ibikorwa vyabo biri.” (Ivyah. 20:12, 13) Ariko ntiwumve, abazozuka bazosabwa kwiga ingene bokurikiza ingingo ngenderwako z’Imana ziri muri Bibiliya. Ikigeretseko, bazotegerezwa kwisunga ubuyobozi bushasha bwo mu “mizingo” izoba yerekana ibisabwa kugira ngo umuntu abe mw’isi nshasha. Yehova niyaduhishurira ibiri muri iyo mizingo, kizoba ari ikindi kintu kigaragaza ubuntu bwiwe tutabereye.

NUBANDANYE KUMENYEKANISHA INKURU NZIZA

17. Ni igiki dukwiye kwama twibuka igihe dushinga intahe?

17 Kubera ko iherezo ryegereje, birahambaye ko turushiriza kurangura igikorwa twashinzwe co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami. (Mrk. 13:10) Si ivy’imbeshere, inkuru nziza irashira ahabona ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova. Turakwiye kwama twibuka ico kintu igihe dushinga intahe. Intumbero tuba dufise ni ugutera iteka Yehova. Ivyo twobigira mu kwereka abantu ko imihezagiro yose tuzokwinovora mw’isi nshasha, igaragaza ubuntu ntangere bwa Yehova.

Dukorane umwete nk’“ababwiriza beza b’ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana.”​—1 Pet. 4:10 (Raba ingingo ya 17-19)

18, 19. Dushemeza gute ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova?

18 Igihe tubwira abandi inkuru nziza, twobasigurira ko igihe Kristu azoba aganza, abantu bazokwironkera ivyiza vyose biva ku ncungu be n’uko bazogenda baragirwa abatunganye. Bibiliya ivuga iti: “Ivyaremwe na vyo bizogirwa ivyidegemvya [bive] mu buja bw’ukubora, [bigire] umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana.” (Rom. 8:21) Ivyo bizoshoboka gusa kubera ubuntu ntangere bwa Yehova.

19 Turi n’agateka ko kubwira abatwumviriza bose umuhango uhimbaye dusanga mu Vyahishuwe 21:4, 5, ahagira hati: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.” Maze Yehova, uwicaye kuri ya ntebe y’ubwami, aca avuga ati: “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.” Yongerako ati: “Andika, kuko aya majambo ari ayo kwizigirwa n’ay’ukuri.” Emwe, igihe tubwiye abandi inkuru nziza tubigiranye umwete, tuba dushemeje ubuntu ata wari abukwiriye bwa Yehova!