Tugumane umunezero mu bihe bigoye
Tugumane umunezero mu bihe bigoye
“[‘Abahungira kuri Yehova bose,’ “NW”] bazonezerwa, umunezero uzobatera guhora bashira amajwi hejuru.”—ZAB. 5:11.
1, 2. (a) Ni ibintu bimwebimwe ibihe bituma abantu bagira umubabaro mwinshi muri iki gihe? (b) Uretse ivyago usanga bishikira bose, ni ibiki abakirisu b’ukuri bategerezwa kwihanganira?
IVYABONA VYA YEHOVA nta rucanco batewe rubakingira ivyago bishikira abantu muri rusangi. Ubugizi bwa nabi, intambara be n’ibindi bintu vy’akarenganyo vyarashikiye benshi mu basavyi b’Imana. Ivyago vy’ivyaduka, ubukene, indwara be n’urupfu biratuma abantu bagira umubabaro mwinshi. Birabereye kubona intumwa Paulo yaranditse ati: “Tuzi yuko ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe gushika n’ubu.” (Rom. 8:22) Vyongeye, turashikirwa n’ingaruka ziva ku kuba turi abanyagasembwa. Twoshobora kuvuga nka kumwe kw’Umwami Dawidi wo mu gihe ca kera, duti: “Ivyo nagabitanije bi[ra]ndengeye, bimeze nk’umutwaro uremereye umvuna.”—Zab. 38:4.
2 Uretse ivyago usanga bishikira abantu bose, abakirisu b’ukuri kandi barikoreye igiti co gusinzikarizwako c’ikigereranyo. (Luka 14:27) Emwe, nka kumwe kwa Yezu, abigishwa biwe barankwa kandi bagahamwa. (Mat. 10:22, 23; Yoh. 15:20; 16:2) Ni co gituma gukurikira Kristu bisaba ko twihata bimwe bikomeye kandi tukihangana magingo tukirindiriye imihezagiro tuzoronswa mw’isi nshasha.—Mat. 7:13, 14; Luka 13:24.
3. Tuzi gute ko atari ngombwa yuko abakirisu babaho bacumukura kugira ngo bahimbare Imana?
3 Ivyo vyoba bisobanura ko abakirisu b’ukuri ari abantu bakurikirana ubuzima butagiramwo umunezero n’agahimbare? Ubuzima bwacu bwoba bukwiye kuguma bugizwe gusa n’umubabaro n’intuntu gushika umuhero uje? Bigaragara ko Yehova yipfuza yuko tugira agahimbare magingo tukirindiriye ko ivyo yasezeranye biranguka. Bibiliya iravuga incuro n’izindi ko abasavyi b’Imana b’ukuri ari abantu bahimbawe. (Soma Yesaya 65:13, 14.) Muri Zaburi 5:11 hagira hati: “[‘Abahungira kuri Yehova bose,’ NW] bazonezerwa, umunezero uzobatera guhora bashira amajwi hejuru.” Vyemere, n’igihe mbere tuba turi mu vyago, birashoboka ko ku rugero rutari ruto, tugira umunezero, amahoro yo mu muzirikanyi kandi tukumva dushize akanyota. Reka dusuzume ukuntu Bibiliya ishobora kudufasha guhangana n’ibigeragezo kandi tukaguma tunezerewe.
Yehova, “ya Mana ihimbawe”
4. Imana imererwa gute igihe ivyo igomba vyirengagijwe?
4 Nk’akarorero, rimbura ivyerekeye Yehova. Kubera ko ari Imana Mushoboravyose, ni we aganza ibiriho vyose. Nta co abuze kandi nta n’uwo akeneye. Ariko rero, naho Yehova afise ububasha ntangere, ategerezwa kuba hari ukuntu yababaye igihe umwe mu bana biwe b’impwemu yagarariza maze agacika Shetani. Imana itegerezwa kuba yarababaye cane mu nyuma igihe abandi bamarayika bamwebamwe bifatanya na Shetani muri ubwo bugarariji. Zirikana kandi ku mubabaro Imana yagize igihe Adamu na Eva, bano bakaba ari vyo biremwa vyiza igitangaza kuruta ibindi vyose yaremye biboneka, bayitera ibitugu. Kuva ico gihe, abantu amamiliyaridi bakomotse kuri bo barateye akagere ubukuru bwa Yehova.—Rom. 3:23.
5. Ni ibiki vyababaje cane Yehova?
5 Ubugarariji bwa Shetani n’ubu buracabandanya. Yehova amaze imyaka irenga 6.000 abona ibikorwa biranga ugusenga ibigirwamana, ubukazi, ubwicanyi be n’ubuhumbu. (Ita. 6:5, 6, 11, 12) N’ikindi kandi, yarumvise ibinyoma vy’agahomerabunwa be n’amajambo y’amarogotano. N’abasavyi b’Imana b’ukuri vyarashika bakamubabaza. Bibiliya iradondora kimwe muri ivyo biringo muri aya majambo agira ati: “Erega ni kenshi bayigaraririza mu bugaragwa, bayibabariza mu karēre! Bakihindukiranya, bakagerageza Imana, bakaratsa Iyera y’Abisirayeli.” (Zab. 78:40, 41) Nta gukeka ko Yehova agira umubabaro ukomeye igihe abasavyi biwe bamuteye akagere. (Yer. 3:1-10) Mu vy’ukuri, ibintu bibi biraba, kandi iyo bibaye Yehova biramubabaza cane rwose.—Soma Yesaya 63:9, 10.
6. Imana yihanganira gute ibintu bibabaza cane?
6 Naho ari ukwo, ibintu bibabaza Yehova ntibimubuza kugira ico akoze. Igihe haba hadutse ibintu bitesha umutwe, Yehova yaca ubwo nyene agira ico akoze kugira ngo atume ingaruka mbi ivyo bintu vyokweze ziba nke uko bishoboka kwose. Yarafashe kandi ingingo zotwaye igihe kirekire kugira ngo umugambi wiwe uzoruhire kuranguka. Yehova afatiye kuri ivyo bintu vyiza aba yakoze, aritegana umunezero mwinshi ukwemezwa kw’ubusegaba bwiwe be n’imihezagiro bizana ku bw’abasavyi biwe b’intahemuka. (Zab. 104:31) Emwe, naho Yehova yasizwe iceyi kingana iki, aguma ari “ya Mana ihimbawe.”—1 Tim. 1:11; Zab. 16:11.
7, 8. Igihe ibintu bitagenda neza, twoshobora gute kwigana Yehova?
7 Ego ni ko, ntidushobora kwigereranya na Yehova mu bijanye n’ububangukirwe dufise bwo gutorera umuti ingorane. Naho ari ukwo, turashobora kwigana Yehova uko tunyinyana n’ibintu bigoye. Ni ibisanzwe kwumva tubabaye igihe ibintu bitagenda neza, mugabo ntibikenewe ko tuguma tumerewe gutyo. Kubera ko twaremwe mw’ishusho ya Yehova, turafise ubushobozi bwo kwiyumvira be n’ubukerebutsi ngirakimazi bidufasha gutahura neza ingorane dufise maze tukagira ico dukoze igihe cose biba bishoboka.
8 Ikintu kimwe gihambaye gishobora kudufasha kwihanganira ingorane zidushikira mu buzima ni ukwemera tudakeka ko hariho ivyo tudashoboye. Kuguma dutuntuzwa n’ivyo bintu, vyoshobora gutuma turushiriza guta umutwe kandi bikadutwara umunezero mwinshi uva ku gusenga kw’ukuri. Igihe tumaze gukora ibitegereka kugira ngo dutorere umuti ingorane yinaka, vyoba vyiza kuruta tutabandanije kuyiyumvira ahubwo tukihatira gukora ibiri n’ico bitwungura. Inkuru zikurikira ziganwa muri Bibiliya zirashira neza ahabona ico ciyumviro.
Gukora ibitegereka ni ikintu gihambaye cane
9. Ni gute Hana yakoze ibitegereka?
9 Rimbura akarorero ka Hana, uwahavuye aba nyina wa Samweli umuhanuzi. Yari yaravunywe umutima no kuba ata bana yashoboye kuronka. Yaratyekezwa akongera agacokorwa kubera ko yari ingumba. Vyarashika Hana akumva acitse intege ku buryo yakorora amosozi no gufungura ntafungure. (1 Sam. 1:2-7) Igihe Hana yari yagiye kw’ihema rya Yehova, ‘yaradundumiwe ku mutima; aca atangura rero gusenga Yehova no kurira cane.’ (1 Sam. 1:10, NW) Hana ahejeje gusukira Yehova amaganya yiwe, Eli umuherezi mukuru yaramwegereye maze amubwira ati: “Ni wīgīre amahoro; Imana ya Isirayeli iguhe ico wayisavye.” (1 Sam. 1:17) Nta gukeka ko ico gihe Hana yatahuye yuko yari yakoze ivyo yari ashoboye vyose. Ingorane yo kutavyara ntiyari ashoboye kuyitorera umuti. Emwe, Hana yakoze ibitegereka. Yaciye “[yigira]; araheza ararya, ntiyasubira kwiraburanirwa ukundi.”—1 Sam. 1:18.
10. Paulo yagaragaje gute ko abona ibintu mu buryo bubereye igihe yari afise ingorane atari ashoboye gutorera umuti?
10 Intumwa Paulo yaragaragaje agatima nk’ako nyene igihe yariko ahangana n’ikintu kigoye. Yari afise ububare bwamucumukuza cane. Yabwise “ihwa mu mubiri.” (2 Kor. 12:7) Uko ubwo bubabare bwari bumeze kwose, Paulo yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo buhere, arasenga Yehova amusaba ko yomutabara. None Paulo yoba yinginze Yehova incuro zingahe ku bijanye n’iyo ngorane? Incuro zitatu zose. Paulo amaze kwinginga Imana ubugira gatatu, Imana yaramuhishuriye ko iryo “hwa mu mubiri” ritokuweho ku gitangaro. Paulo yaravyemeye maze aca yitunira ku gusukurira Yehova bimwe bishitse.—Soma 2 Abakorinto 12:8-10.
11. Ni uruhara uruhe isengesho be n’intakambo birangura igihe dushikiwe n’ivyago?
11 Ubwo burorero ntibushaka kwerekana ko dukwiye kureka gusenga Yehova tumubwira ibijanye n’ingorane zibabaza zidushikira. (Zab. 86:7) Ahubwo nyabuna, Ijambo ry’Imana ridusaba ritwinginga riti: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, mugabo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba bijana n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.” None Yehova azokwakira gute izo ntakambo be n’ivyo bintu tumusaba? Bibiliya yongerako iti: “Maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.” (Flp. 4:6, 7) Ego ni ko, Yehova yoshobora kudaca akuraho iyo ngorane, ariko arashobora kwishura amasengesho tumutura mu kuzigama ububasha bwacu bwo kwiyumvira. Tumaze gusenga ku bijanye n’ingorane yinaka, twoshobora gutahura akaga kari mu kwiganyira birenze.
Turonkere agahimbare mu gukora ivyo Imana igomba
12. Ni kubera iki kumara igihe kirekire ducitse intege bishobora kutugirira nabi?
12 Mu Migani 24:10 hemeza icese hati: “Ni wadendebukirwa ku musi w’ivyago inkomezi zawe zizoba . . . nke.” Uwundi mugani uvuga uti: “Umubabaro wo mu mutima usāvya umushaha.” (Imig. 15:13) Hari abakirisu bacitse intege ku buryo bahagarika gusoma Bibiliya no kuzirikana kuri iryo Jambo ry’Imana. Amasengesho yabo yacitse ayo guheza umwuga, kandi bashobora kuba baragiye kure y’abo bari basangiye ugusenga. Mu vy’ukuri, kuguma tubabaye birashobora kutugirira nabi.—Imig. 18:1, 14.
13. Ni imirimo imwimwe iyihe ishobora gutuma tureka gucika intege kandi igatuma tugira umunezero ku rugero kanaka?
13 Ariko rero, kubona ibintu mu buryo bubereye birashobora kudufasha kwitunira ku mice y’ubuzima bwacu ishobora gutuma tugira agahimbare n’umunezero. Dawidi yanditse ati: “Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje.” (Zab. 40:8) Igihe ibintu bitagenda neza mu buzima bwacu, ntidukwiye kurota duhagarika urutonde rwiza rwacu rujanye n’ivy’ugusenga. Nkako, umuti nyawo w’umubabaro ni ugukora imirimo ituzanira agahimbare. Yehova atubwira ko dushobora kuronkera agahimbare n’umunezero mu gusoma Ijambo ryiwe no mu kurisuzuma twitonze tudahorereza. (Zab. 1:1, 2; Yak. 1:25) Ivyanditswe Vyeranda be n’amakoraniro ya gikirisu biraturonsa “amajambo aryoshe” ashobora kuturemesha no gutuma imitima yacu inezerwa.—Imig. 12:25; 16:24.
14. Ni umuhango uwuhe Yehova atanga utuma tugira umunezero muri iki gihe?
14 Imana iraturonsa imvo nyinshi zotuma tunezerwa. Umuhango yaduhaye wo kuzoturokora, mu vy’ukuri ni ikintu gihambaye gituma tugira agahimbare. (Zab. 13:5) Turazi ko naho twoshikirwa n’ibintu bimeze gute muri iki gihe, amaherezo Imana izoha impera abayironderana ubwira. (Soma Umusiguzi 8:12.) Umuhanuzi Habakuki yaraseruye mu buryo bwiza igitangaza mwene ukwo kujijuka igihe yandika ati: “Nah’umusukoni utoshurika, canke n’imizabibu ngw igire ico yama, n’icimburo c’imyelayo kikabura, n’imirima ntiyere indya na mba, n’umukuku ugahenebera mu ruhongore, ntihabe hakigira n’inka mu rugo: na ho nyene jewe nzonezererwa Uhoraho, mpimbarwe n’Imana y’agakiza kanje.”—Hab. 3:17, 18.
‘Hahiriwe ihanga rifise Yehova kw’Imana yaryo’
15, 16. Vuga ibintu bimwebimwe Imana yatugabiye bishobora kutunezereza magingo tukirindiriye imihezagiro yo muri kazoza.
15 Magingo tukirindiye kazoza keza igitangaza tubikiwe, Yehova agomba ko tunezerererwa ibintu vyiza aturonsa. Bibiliya ivuga iti: “Ndazi yukw ata kintu kibagirira ikimazi kuruta kunezerwa no gukora ivyiza imisi yose bakiriho; kand’ikindi, yuk’ubuntu bg’Imana ar’uk’umuntu wese yorya, akanywa, akanezererwa ivyiza mu butame bgiwe bgose. [“Ni yo ngabirano y’Imana,”NW].” (Umus. 3:12, 13) “Gukora ivyiza” birimwo gukorera abandi ibikorwa vyiza. Yezu yavuze ko gutanga kurimwo agahimbare kuruta guhabwa. Ibikorwa biranga ubuntu dukorera uwo twubakanye, abana bacu, abavyeyi bacu be n’izindi ncuti zacu biratuma tugira agahimbare kagera kure. (Imig. 3:27) Kugaragariza abavukanyi n’abavukanyikazi bacu igishika, kubagaragariza ubwakiranyi no kubaharira na vyo nyene biratuma tugira umunezero mwinshi, kandi birahimbara Yehova. (Gal. 6:10; Kol. 3:12-14; 1 Pet. 4:8, 9) Vyongeye, gushitsa ubusuku bwacu tubigiranye agatima k’ukwitanga biratuma twumva dushize akanyota koko.
16 Ayo majambo yavuzwe aho haruguru yo mu Musiguzi arerekana ibintu bisanzwe biduhimbara mu buzima, ivyo na vyo akaba ari nko kurya no kunywa. Mu vy’ukuri, n’igihe nyene twoba turi mu bigeragezo, turashobora kuronkera umunezero mu bintu vyose biboneka Yehova yatugabiye. N’ikindi kandi, ikirengazuba ciza utoraba, akarere gateye igomwe, ivyana vy’ibikoko vyikina amatavu be n’ibindi bintu bitangaje vyo mu bidukikije usanga ata co twatanze kugira ngo tubironke, yamara birashobora gutuma twumva tugize akoba kandi bikatunezereza. Uko tuzirikana kuri mwene ivyo bintu, ni ko turushiriza gukunda Yehova, kuko ari we Mutanzi w’ibintu vyiza vyose.
17. Ni ibiki bizotuma dutabarwa bimwe vyuzuye tugakurwako ibintu bigoye, kandi magingo ivyo bitarashika, ni igiki kiduhumuriza?
17 Bitebe bitebuke, urukundo dukunda Imana, ukuba tugamburuka amabwirizwa yayo be n’ukuba twizera inkuka y’incungu, bizotuma dutabarwa bimwe vyuzuye dukurweko ibihe bigoye vyo muri ubu buzima tubayemwo turi abanyagasembwa, maze bidushikane ku kugira umunezero w’ibihe vyose. (1 Yoh. 5:3) Magingo tukirindiriye, turahumurizwa no kumenya ko Yehova azi neza ibintu vyose bitubabaza. Dawidi yanditse ati: “Nzokwama nnezerwa mpimbawe n’imbabazi zawe, kuko wabonye amagorwa yanje; wamenye imibabaro y’umutima wanje.” (Zab. 31:7) Yehova abitumwe n’urukundo adukunda, azoturokora adukureko ivyago.—Zab. 34:19.
18. Ni kubera iki umunezero ukwiye kwiganza mu basavyi b’Imana?
18 Magingo tukirindiye ko ivyo Yehova, ya Mana ihimbawe, yasezeranye biranguka, nimuze tumwigane. Ese tutoreka ngo kugira umubabaro bitume duhagarika imirimo yo mu vy’impwemu turangura. Igihe hadutse ingorane, ese twoyoborwa n’ubushobozi bwo kwiyumvira be n’ubukerebutsi ngirakimazi. Yehova azodufasha gucungera inyiyumvo zacu no gutera intambwe izo ari zo zose zishoboka kugira ngo dutume ingaruka ziva ku vyago bidushikira ziba nke uko bishoboka kwose. Nimuze turonkere agahimbare mu bintu vyiza aturonsa, vyaba ari ivy’umubiri canke ivy’impwemu. Nitwaguma twiyegereje Imana, tuzoshobora kunezerwa kubera ko “hahirwa ihanga rifise [“Yehova,” NW] kw Imana yaryo!”—Zab. 144:15.
Wize iki?
• Igihe dushikiwe n’ibintu bigoye, dushobora gute kwigana Yehova?
• Gukora ibitegereka bishobora gute kudufasha kwihanganira ibintu bigoye?
• Mu bihe vy’umubabaro, dushobora gute kuronkera agahimbare mu gukora ivyo Imana igomba?
[Ibibazo vy’icigwa]
[Amafoto ku rup. 16]
Yehova arababazwa cane n’ibintu bibi bishika muri iki gihe
[Abo dukesha ifoto]
© G.M.B. Akash/Panos Pictures
[Amafoto ku rup. 18]
Yehova yaraduhaye ibidufasha kugumana umunezero