Habakuki 3:1-19

  • Habakuki asaba Yehova ngo ahaseruke (1-19)

    • Imana izokiza abantu bayo yarobanuye (13)

    • Nzokwigina Yehova no mu bihe bigoye (17, 18)

3  Isengesho umuhanuzi Habakuki yatuye nk’uwucura intimba:  2  Ewe Yehova, narumvise ivyawe. Ewe Yehova, ibikorwa vyawe bintera akoba. Nusubire ubikore mu kiringo washinze*. Nubimenyekanishe mu kiringo washinze*. Niwibuke kugira imbabazi mu gihe c’uruhagarara+.  3  Imana yaraje ivuye i Temani,Umweranda aza avuye ku musozi Parani+. (Sela*) Ubuninahazwa bwiwe bwuzura ijuru+,isi na yo yuzura ishemezo ryiwe.  4  Yarakaka nk’umuco+. Hari imishwarara ibiri y’umuco yava mu kuboko kwiwe.Aho ni ho inkomezi ziwe zari zinyegeye.  5  Ikiza+ cagendera imbere yiwe,inyonko ikaze na yo ikamukurikira.  6  Yarahagaze anyiganyiza isi+. Ijisho ryiwe ryatumye amahanga ajugumira+. Imisozi yo kuva kera na rindi yarasenyaguritse,imirambi imaze igihe kirekire igwa hasi+. Izo ni zo nzira ziwe zo kuva kera.  7  Nabonye ivyago mu mahema y’i Kushani. Ibitambara biri ku mahema y’igihugu ca Midiyani vyariko birahinda agashitsi+.  8  Mbega inzuzi ga Yehova, ni zo ushavuriye?Zoba ari zo ziguteye gushavura bigeze iyo hose? Ikiyaga coba ari co ufitiye uburake+ kugira urinde ugendera ku mafarasi yawe+?Imikogote yawe yatahukanye intsinzi*+.  9  Umuheto wawe uwushize ahabona, witeguriye kuwurasisha. Ibirwanisho* vyawe wabishinze igikorwa biciye ku ndahiro*. (Sela) Isi wayisatuje inzuzi. 10  Imisozi yarakubonye irigonyonzora+. Imvura y’isegenya yakwiye igihugu cose. Amazi yo mu nyenga yaratontomye+, yitera hejuru*. 11  Izuba n’ukwezi vyigumiye mu kibanza cavyo iyo hejuru+. Imyampi yawe yagenda yakaka+, icumu ryawe rikagenda riravya. 12  Wagendagenda mw’isi waratse. Wahonyanga* amahanga washavuye. 13  Wazanywe no gukiza abantu bawe, ngo ukize uwo warobanuje amavuta*. Wamenaguye umukuru* w’inzu y’umubisha. Wasambuye inzu yiwe kuva ku mushinge gushika hejuru*. (Sela) 14  Wacumitishije umukuru w’abarwanyi biwe ibirwanisho vyiwe* bwite,igihe baza nk’igihuhusi kugira badushwiragize*. Bari bashashaye kumira umugorwa mu mpisho. 15  Waciye mu kiyaga n’amafarasi yawe,uca mu mazi menshi asuriranya. 16  Naravyumvise mpinda agashitsi*,iminwa yanje iradegedwa kubera ijwi ryavyo. Amagufa yanje yaciye atangura kubora+,amaguru yanje na yo arajugumira. Ariko ndindiriye umusi w’amagorwa ntekanye+,kuko uwo musi uzoza ku badutera. 17  Naho igiti c’umusukoni kitoshurikan’imizabibu ntitange umwimbu,naho igiti c’umwelayo* kitokwaman’imirima* ntiyimbuke,naho ibitungwa bitobito vyohona mu ruhongoren’inka zigahona mu mararo, 18  jewe nzokwigina Yehova,nzonezererwa Imana yo Mukiza wanje+. 19  Umukama Segaba Yehova ni we nkomezi zanje+.Azotuma ibirenge vyanje binyaruka nk’ivy’impongokazi,atume ngendagenda ahantu hahanamye+.

Utujambo tw'epfo

^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu gihe cacu.» Mu giheburayo havuga ngo «hagati mu myaka.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu gihe cacu.» Mu giheburayo havuga ngo «hagati mu myaka.»
^ Canke «yabaye ubukiriro.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «imyampi.» Mu giheburayo havuga ngo «inkoni.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «indahiro z’imiryango ziravuzwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «aduza amaboko.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «wakubita» (nka kurya bakubita ivyimburwa vy’intete).
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
^ Mu giheburayo havuga ngo «umutwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «kw’izosi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «banshwiragize.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «inkoni ziwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu nda haradobangana.»
^ Ico giti cama imyelayo (olive).
^ Canke «imikobeko.»