Zaburi 40:1-17
Ku mukuru w’abaririmvyi. Ni zaburi ya Dawidi.
40 Narizigiye Yehova mperejeko*,kandi yaranteze ugutwi*, arumva ugutabaza kwanje+.
2 Yankuye mu cobo kirimwo amazi asuriranya,mu rwondo rujaga.
Yateretse ibirenge vyanje ku rutare,atuma intambuko zanje zikomera.
3 Araheza anyigisha indirimbo nshasha+,indirimbo yo guhayagiza Imana yacu.
Benshi bazotangarira ivyo Imana yakozemaze bizigire Yehova.
4 Hahiriwe umuntu yizigira Yehova,ntakurikire abantu b’abagarariji canke b’ababeshi.
5 Ewe Yehova Mana yanje,ese ukuntu wakoze ibintu vyinshi cane!Ibikorwa vyawe biratangaje kandi ivyiyumviro udufiseko ni vyiza+.
Nta wogereranywa nawe+.Hamwe nogerageza kubivuga no kubiyaga,ni vyinshi ku buryo ntoshobora kubidondagura+.
6 Ibimazi n’amashikanwa ntiwabishatse*+,ahubwo wuguruye amatwi yanje kugira yumve+.
Ntiwasavye amashikanwa aturirwa n’amashikanwa y’igicumuro+.
7 Ndaheza mvuga nti: «Ehe ndaje.
Ni ko vyanditswe mu muzingo* ku binyerekeye+.
8 Ewe Mana yanje, gukora ivyo ugomba birampimbara*+,kandi itegeko ryawe riri muri jewe+.
9 Ndatangaza inkuru nziza y’ubugororotsi mw’ishengero+ rinini.
Emwe, sinigera ncereza+,kandi ivyo urabizi neza Yehova.
10 Sinyegeza ubugororotsi bwawe mu mutima wanje.
Ndatangaza ubwizigirwa bwawe n’ubukiriro utanga.
Simpisha urukundo* rwawe n’ukuri kwawe mw’ishengero+ rinini.»
11 Ewe Yehova, ntunyime imbabazi zawe.
Ese urukundo* rwawe n’ukuri kwawe vyokwama binzigama+!
12 Ivyago binyugarije ni vyinshi cane sinshobora kubiharura+.
Amakosa yanje ni menshi, arandemereye ku buryo ntashobora no kubona inzira+.Ni menshi kuruta umushatsi wanje,kandi nacitse intege.
13 Ewe Yehova, ndakwinginze undokore+.
Nyaruka untabare Yehova+.
14 Abo bose barondera ubuzima bwanje,nibamaramare, barye ivyatsi!
Abo bose bahimbarwa n’ivyago vyanje,nibasubire inyuma bishwe n’ibimaramare.
15 Abo bose bantwengera mw’ijigo,
nibaranduke umutima kubera ibimaramare!
16 Ariko abo bose bakurondera+,nibigine, banezerwe kubera wewe+.
Ese abakunda ubukiriro utanga bokwama bavuga bati:
«Yehova nashemezwe+!»
17 Ariko jewe ndi umukene atagira gitabara.Ese Yehova yonyitaho!
Ni wewe mutabazi wanje n’umurokozi wanje+.Ewe Mana yanje, nyaruka umfashe+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «nararindiriye Yehova nihanganye.»
^ Canke «yarunamye kugira anyumvirize.»
^ Canke «ntivyaguhimbaye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu muzingo w’igitabu.»
^ Canke «ni vyo nipfuza.»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»