Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Kuki noba maso ku bigeme berekanwa mu binyamakuru?​—Igice ca 1: Vyerekeye abakobwa

Kuki noba maso ku bigeme berekanwa mu binyamakuru?​—Igice ca 1: Vyerekeye abakobwa

Abigeme bakunze kwerekanwa gute mu binyamakuru?

  Raba ayo majambo, uce wishura ibibazo bikurikira.

Inkingi ya 1

Inkingi ya 2

Yigenza rwana

Yitaho ibintu

Umugarariji

Yubaha amategeko

Igihumbu

Afise ingeso nziza

Ata co yibanga

Aciye ubwenge

Umunyarusaku

Yiyubara

Umubeshi

Imvugakuri

  1.   Ni amajambo ayahe adondora abigeme ukunze kubona mu masinema, kuri televiziyo canke mu binyamakuru?

  2.   Ni amajambo ayahe adondora ukuntu wewe woshima ko bakumenya?

 Kumbure inyishu watanze ku kibazo ca mbere zavuye mu nkingi ya 1, izo watanze ku kibazo ca kabiri na zo mu nkingi ya 2. Nimba ari uko biri, ivyo bisigura ko wipfuza kumera neza gusumba umwigeme yitwa ko ari uw’akarorero akunze kwerekanwa mu binyamakuru, kandi nturi wenyene! Rimbura impamvu.

 “Amasinema yerekana ko umukobwa yitwa ko ari uw’akarorero ari umugarariji kandi yigenza nabi. Bituma abakobwa twese tuboneka ko tutabereye kwizigirwa, ko turi abantu b’inkomwahato bama barajwe ishinga n’ukuntu abandi bababona.”​—Erin.

 “Abigeme berekanwa kuri televiziyo no mu masinema ni abantu bama bakeneye ko abandi babaraba, bama barajwe ishinga n’ukuntu basa, impuzu bambara hamwe n’ukumenyekana kandi batwawe umutima n’abahungu.”​—Natalie.

 “Abakobwa bitwa ko biryohera usanga kenshi berekanwa bariko baranywa, baryamanye n’abahungu canke bariko baragarariza abavyeyi. Igihe umukobwa yerekanywe atariko arakora mwene ivyo bintu, aca adondorwa ko yifatiwe n’idini canke na ho ko atinya kuvuga ibintu vyerekeye igitsina.”​—Maria.

 Niwibaze uti: ‘Ukuntu nambara, inyifato yanje n’ivyo mvuga vyoba vyerekana ico ndi vy’ukuri, canke vyerekana ko mpfa kwigana ivyo mbona mu binyamakuru?’

Ico ukwiye kumenya

  •    Benshi mu biyumvira ko bariko barerekana ukuntu bameze usanga bariko bigana abandi gusa. Umukenyezi akiri muto yitwa Karen avuga ati: “Ndabibonera kuri mutoyi wanje. Womenga nta kindi kimuraje ishinga atari impuzu n’abahungu. Araciye ubwenge kandi ndazi ko afise ibindi bintu akunda, mugabo arigira gugu kuko yibwira ko ari vyo bituma amera nk’abandi bakobwa. Aho rero ntarenza imyaka 12!”

     Bibiliya ivuga iti: “Mureke gushushanywa n’ivy’iki gihe.”​—Abaroma 12:2.

  •   Si abakobwa bose bagomba kumera nka barya berekanwa mu binyamakuru. Uwitwa Alexis w’imyaka 15 avuga ati: “Ibinyamakuru vyerekana ko abakobwa bikunda birenze, ata co banezwe kandi ko bifata rwana, mugabo nibaza ko benshi muri twebwe atari ko tumeze. Turafise ibindi twiyumvira uretse abahungu bezabeza gusa.”

     Bibiliya ivuga iti: ‘Abantu bahumuye bafise ububasha bwo gutegera bwamenyerejwe gutandukanya iciza n’ikibi.’​—Abaheburayo 5:14.

  •   Amasanamu yerekanwa mu binyamakuru yungura abadandaza, ariko nta co amarira abo bigeme b’imiyabaga. Amaze kubona ko azohakura akanoti, amashirahamwe y’ubudandaji akomeye akorera mu bijanye no gusohora ibitabu, imideri, ubuhinga bwa none n’ukwinezereza aca arondera urwaruka. Igitabu kimwe kigira giti: “Abamenyekanisha ibidandazwa berekana ko imiyabaga idafise impuzu zigezweho, udusharizo hamwe n’ivyo kwikora canke ivyuma vyo mu buhinga bwa none iba isizwe n’amajambere. Abakiri bato baguma berekwa ibintu bihurumbirwa, n’imbere y’uko batahura impamvu bihurumbirwa.”

     Bibiliya igira iti: “Ikiri mw’isi cose—icipfuzo c’umubiri n’icipfuzo c’amaso be n’uguhaya uburyo umuntu afise bwo kwibeshaho—[ntig]ikomoka kuri Data, ahubwo gikomoka mw’isi.”​—1 Yohani 2:​16.

 Zirikana gatoyi: Wibaza ko ari nde yunguka igihe umaze umwanya uzirikana ku muderi w’impuzu ukundwa na benshi? Ni nde yunguka vy’ukuri iyo uguze telefone igezweho kugira urunganwe rwawe rukwemere? Wibaza ko ari igiki kiraje ishinga abadandaza: ineza yawe canke ineza yabo?

Ico wokora

  •    Ntupfe kwemera ibintu bihayagizwa mu binyamakuru. Uko ukura ni ko ugenda uramenya gutandukanya icatsi n’ururo. Nukoreshe rero ubwenge bwawe mu kuzirikana ku ngaruka ibihayagizwa mu binyamakuru bishobora kukugirako. Uwitwa Alana w’imyaka 14 agira ati: “Ibinyamakuru vyerekana ko umwigeme nyawe ari uwikora cane kandi akambara atikwije. Imiyabaga myinshi ntitahura ko ivyo bidatuma iba myiza ahubwo vyerekana ko yipfuza cane kwiyerekana.”

  •   Niwishingire imigambi ijanye n’ukuntu ushaka kumera. Nk’akarorero, zirikana kuri za kamere wahitamwo mu ntango z’iki kiganiro, ari na zo woshima ko zikuranga. Ubona gute utanguye kuzitsimbataza canke kuziryohora? Bibiliya ivuga iti: “Mwambare wa muntu mushasha, umwe agirwa mushasha hisunzwe ishusho y’Uwamuremye, biciye ku bumenyi butagira amakosa.” Urabona ko umuntu agirwa mushasha hisunzwe ishusho y’Uwamuremye atari ishusho ihayagizwa mu binyamakuru.​—Abakolosayi 3:​10.

  •   Nurondere abantu bokubera akarorero keza. Bamwe boshobora kuba abo mu muryango wawe, nka nyoko wawe canke nyokwanyu. Abandi boshobora kuba abagenzi bawe b’abakobwa mugabo bahumuye. Mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova hariho abakenyezi benshi b’intangakarorero wokwigana.​—Tito 2:​3-5.

 Inama tukugiriye: Nukoreshe igitabu Niwigane ukwizera kwabo kugira umenye uburorero bwiza buvugwa muri Bibiliya bw’abakenyezi nka Rusi, Hana, Abigayili, Esiteri, Mariya hamwe na Marita. Igitabu Niwigane ukwizera kwabo casohowe n’Ivyabona vya Yehova kandi kiraboneka ku muhora www.jw.org.