Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Amategeko yo mu rugo yoba akenewe vy’ukuri?

Amategeko yo mu rugo yoba akenewe vy’ukuri?

 Hari itegeko ryo mu rugo rigutera ingorane? Iki kiganiro hamwe n’umwimenyerezo bijanye biragufasha kuganira n’abavyeyi bawe ivy’iryo tegeko.

 Kubona ibintu mu buryo bwiza

 Iciyumviro kitari co: Niwimuka ukava muhira, uzoba usezeye ivy’amategeko.

 Uko ibintu biri koko: Amategeko ntaca ahera kubera wimutse. Uzoguma ufise umuntu utegerezwa kwubaha, kumbure umukoresha wawe, uwo upangiye, canke ubutegetsi. Danielle, uwufise imyaka 19, avuga ati: “Nibaza ko abakiri bato badashobora kwubaha amategeko yo mu rugo batangara iyo bagiye kwibana.”

 Bibiliya ivuga iti: “[Mugamburukire] intwaro n’abakuru.” (Tito 3:1) Kwubaha amategeko y’abavyeyi birakumenyereza uko uzokwifata igihe uzoba uri umuntu akuze.

 Ico wokora: Nubone iciza kiri muri ayo mategeko. Umusore yitwa Jeremy avuga ati: “Amategeko abavyeyi bampa yaramfashije kumenya uko nohitamwo abagenzi n’ukuntu nokoresha neza umwanya. N’ikindi, ayo mategeko yatuma ntaraba televiziyo umwanya urengeje canke ngo mare umwanya urengeje ndiko ndakina udukino two kuri videwo kandi yaramfashije kuronka ibindi bikorwa ngirakamaro, bimwebimwe n’ubu nkaba ndabikunda.”

 Kuvyifatamwo neza

 Wobigenza gute igihe hari itegeko risa n’iritumvikana? Nk’akarorero, umwigeme yitwa Tamara avuga ati: “Abavyeyi banje barampaye uruhusha rwo gutembera mu kindi gihugu, ariko ubu nagarutse muhira ntibanyemerera gufata urugendo n’umuduga rw’iminuta 20 gusa ngiye mu kindi gisagara!”

 Igihe vyogushikira, vyoba ari bibi kuvugana n’abavyeyi ivy’iryo tegeko? Habe namba! Igihambaye ni ukumenya ni ryari kandi gute wobiganira na bo.

 Ryari. Umuyabaga yitwa Amanda avuga ati: “Igihe umaze kwerekana ko uri umwizigirwa ni ho ushobora kubwira abavyeyi bawe ivyo guhindura itegeko.”

 Umwigeme yitwa Daria yasanze ivyo ari vyo. Avuga ati: “Mama yemeye guhindura itegeko amaze kubona ko nama ngamburuka.” Wibuke ko ukwiye kugaragaza ko uri umwizigirwa, si ikintu usaba.

Kuba mu rugo amategeko y’abavyeyi adakurikizwa vyogereranywa n’indege yokwururukira mu kibuga c’indege aho amategeko atubahirizwa

 Bibiliya ivuga iti: “Niwubahirize . . . ibwirizwa rya so wawe, kandi ntuhebe itegeko rya nyoko wawe.” (Imigani 6:​20) Niwakurikiza iyo mpanuro, uzoba uriko urereka abavyeyi ko uri umwizigirwa kandi uzoronka ico ufatirako mu kuyaga nabo.

 Gute. Umusore yitwa Steven avuga ati: “Kuvugana urupfasoni kandi utekanye ni uburyo bwiza bwo kuyaga n’abavyeyi kuruta kwidoga no gukankama.”

 Daria, umwe twavuga, aravyemeza. Avuga ati: “Mama ntaco yahindura iyo ndamuharirije. Ahubwo, rimwe na rimwe yaca ashinga itegeko rirushirije gukara.”

 Bibiliya ivuga iti: “Ikijuju kirekura umutima waco wose, mugabo umuntu w’inkerebutsi atuma uguma utekanye.” (Imigani 29:11) Kwiga ukwigumya bizovamwo ivyiza, haba muhira, kw’ishure, ku kazi hamwe n’ahandi.

 Ico wokora: Banza wiyumvire imbere yo kuvuga. Ukwiguburiza kw’ishavu kurashobora gutuma utakaza ukwizerwa kwose bagufitiye. Ni co gituma Bibiliya ivuga ko “uwuteba gushavura aba ari n’ugutahura kugwiriye.”​—Imigani 14:29.

 Icogufasha: Rimbura amategeko ukoresheje umwimenyerezo ujanye n’iki kiganiro, kandi ni vyaba ngombwa nuganire n’abavyeyi bawe iki kibazo.