Niwigane ukwizera kwabo

Twokwungukira gute ku kwiga ivyerekeye abagabo n’abagore b’ukwizera gukomeye bavugwa muri Bibiliya?

Umurongo werekana ibihe

Umurongo werekana ibihe be n’amakarata bizogufasha kwiha ishusho y’igihe abo bantu b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya babayeho hamwe n’aho baba.

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Inama Nyobozi iraturemesheje twese kwungukira cane kuri iki gitabu mu kugisoma no mu kuciga haba turi twenyene canke mu muryango.

Intangamarara

Bibiliya yuzuye inkuru z’ukuri z’abagabo n’abagore b’abizigirwa. Twokwungukukira gute ku karorero kabo?

ABELI

“Naho yapfuye, aracavuga”

Ni ibiki wokwigira kuri Abeli n’ukwizera kwiwe naho Bibiliya ata vyinshi imuvugako?

NOWA

“Yagendana n’Imana y’ukuri”

Ni ingorane izihe zashikiye Nowa n’umukenyezi wiwe mu kurera abana babo? Berekanye gute ko bafise ukwizera mu kwubaka ubwato?

ABURAMU

“Se w’abari n’ukwizera bose”

Aburamu yerekenye gute ko afise ukwizera? Ni mu buryo ubuhe woshima kwigana ukwizera kwa Aburamu?

RUSI

“Aho uzoja ni ho nzoja”

Ni kubera iki Rusi yemeye guheba umuryango wiwe n’igihugu c’amavukiro? Ni kamere izihe yerekanye zatumye Yehova amukunda cane?

RUSI

“Umugore w’agahebuza”

Ni kubera iki umubano wa Rusi na Bowazi wari uhambaye? Rusi na Nawomi batwigisha iki ku bijanye n’umuryango?

HANA

Yaraseruriye Imana akari ku mutima mw’isengesho

Hana yihanganiye ibintu vyasa n’ibitokwihanganirwa kuko yizera Yehova.

SAMWELI

‘Yabandanije gukurira imbere ya Yehova’

Ni igiki kidasanzwe uravye ubwana bwa Samweli? Ni ibiki vyakomeje ukwizera kwiwe igihe yari ku rusengero?

SAMWELI

Yarihanganiye ibintu bivuna umutima

Twese turahura n’ingorane canke ibintu bivuna umutima bishobora kugerageza ukwizera kwacu. Twokwigira iki ku kwihangana kwa Samweli?

ABIGAYILI

Yarakoranye ukwiyubara

Twokwigira iki kuri wa mubano utoroshe wa Abigayili?

ELIYA

Yaraburaniye ugusenga gutyoroye

Twokwigana gute Eliya igihe duhuye n’abatemera ivyo Bibiliya yigisha?

ELIYA

Yagumye ari maso yongera ararindira

Eliya yerekanye gute ko yari umuntu akunda gusenga igihe yari arindiriye ko Yehova ashitsa ivyo yari yasezeranye?

ELIYA

Yarahojejwe n’Imana yiwe

Ni ibiki vyatumye Eliya acika intege gushika n’aho yipfuza gupfa?

YONA

Yarigiye ku makosa yiwe

Woba utahura Yona kubona yaratinye igikorwa bamushinze? Inkuru yiwe iratwigisha ivyigwa bihambaye ku bijanye n’ukwihangana kwa Yehova hamwe n’imbabazi ziwe.

YONA

Yarize icigwa mu bijanye no kugira imbabazi

Inkuru ya Yona yodufashe gute kwisuzuma tutibesha?

ESITERI

Yaraburaniye abasavyi b’Imana

Kwerekana urukundo rwo kwitangira abandi nka kumwe kwa Esiteri bisaba ukwizera n’umutima rugabo.

ESITERI

Yakoranye ubukerebutsi, ubutwari, ata bwikunzi

Ni gute Esiteri yakoze ibintu ata bwikunzi ku bw’izina rya Yehova no ku bw’abasavyi biwe?

MARIYA

“Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”

Inyishu Mariya yahaye umumarayika Gaburiyeli ihishura iki ku bijanye n’ukwizera kwiwe? Ni izindi kamere nziza izihe yerekanye?

MARIYA

Yaragize “ivyiyumviro ashitseko mu mutima wiwe”

Ivyashikiye Mariya i Betelehemu vyatumye arushiriza kwizera imihango ya Yehova.

YOZEFU

Yarakingiye umuryango, arawuronderera, arumira kw’ibanga

Ni mu buryo ki Yozefu yakingiye umuryango wiwe? Kubera yatwaye Mariya na Yezu mu Misiri?

MARITA

“Ndemera”

Ni gute Marita yerekanye ukwizera kudasanzwe n’igihe yari yishwe n’intuntu?

PETERO

Yararwanije ubwoba n’ugukekeranya

Ugukekeranya ni kubi cane kandi kuronona ibintu vyinshi. Ariko rero, Petero yarashobora gutsinda ubwoba n’ugukekeranya yari afise ku bijanye no gukurikira Yezu.

PETERO

Yari intahemuka mu bigeragezo

Ukwizera kwa Petero hamwe n’ukudahemuka kwiwe vyamufashije gute kwemera gukosorwa na Yezu?

PETERO

Yarigiye kuri Shebuja ibijanye no guharira abandi

Ni icigwa ikiye Yezu yahaye Petero ku bijanye no guharira abandi? Yezu yerekanye gute ko yari yahariye Petero?

Insozero

Ni gute woguma ukomeza ukwizera kwawe kandi ukagumiza mu bwenge icizigiro cawe?

Raba kandi

KWIZERA IMANA

Niwigane ukwizera kw’abagabo n’abagore bavugwa muri Bibiliya

Niwigane abagabo n’abagore b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya maze urushirize kwiyegereza Imana.