Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Niwigane ukwizera kwabo

Intangamarara

Intangamarara

“Mwigane abatorana ya mihango biciye ku kwizera n’ukwihangana.”ABAHEBURAYO 6:12.

1, 2. Umucungezi umwe w’ingenzi biboneka ko yabona gute abantu b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya, kandi ni kubera iki abo bantu ari abagenzi beza cane?

UMUKENYEZI umwe mukirisu ahejeje kwumviriza insiguro yashikirijwe n’umucungezi w’ingenzi yitereye mu myaka, yavuze ati: “Avuga ibijanye n’abantu bavugwa muri Bibiliya nk’aho umengo ni abagenzi biwe bo kuva kera.” Kandi ivyo birumvikana, kuko uwo muvukanyi yari amaze imyaka mirongo yiga Ijambo ry’Imana yongera aryigisha, ku buryo abagabo n’abagore bafise ukwizera bavugwa muri Bibiliya bahavuye baba nk’abagenzi biwe bari basanzwe bazinanyi kuva kera.

2 None abo bantu bavugwa muri Bibiliya ntiwosanga bakubereye abagenzi beza? Woba ubona ko batari umugani? Niwihe ishusho ingene vyomera muriko murajana na bo mwongera muganira, ukamara umwanya uriko uragerageza kumenya abo bagabo n’abagore nka Nowa, Aburahamu, Rusi, Eliya na Esiteri. Nuzirikane ku kosho keza bogira ku buzima bwawe, amajambo y’igikundiro yo kugukebura no kukuremesha bokubwira!—Soma Imigani 13:20.

3. (a) Twokwungukira gute ku kwiga ivyerekeye abagabo n’abagore bavugwa muri Bibiliya bari bafise ukwizera? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye kurimbura?

3 Ego ni ko, mu gihe c’“izuka ry’abagororotsi,” ubugenzi nk’ubwo bumara akanyota buzoshoboka ku rugero rushitse. (Ivyak. 24:15) Yamara, no muri kino gihe turashobora kwungukira ku kwiga ivyerekeye abagabo n’abagore bavugwa muri Bibiliya bari bafise ukwizera. Uti gute? Intumwa Paulo atanga iyi nyishu ngirakamaro igira iti: “Mwigane abatorana ya mihango biciye ku kwizera n’ukwihangana.” (Heb. 6:12) Ko dutanguye kwiga ivyerekeye abagabo n’abagore bari bafise ukwizera, reka turimbure ibi bibazo bikeyi ayo majambo ya Paulo atwibutsa: Ukwizera ni iki, kandi kubera iki tugukeneye? Twokwigana gute abo bantu b’abizigirwa ba kera?

Ukwizera ico ari co n’igituma tugukeneye

4. Abantu bibaza ko ukwizera ari iki, kandi kubera iki ukwo ari ukwihenda?

4 Ukwizera ni kamere nziza cane, iyo abagabo n’abagore bose tuzokwiga muri iki gitabu baha agaciro cane. Abantu benshi muri kino gihe ntibaha agaciro ukwizera; bibaza ko gusobanura kwemera ikintu ata cemeza na kimwe ugifitiye. Ariko, barihenda. Ukwizera si ugupfa ivyo wemeye; si inyiyumvo gusa; kuraruta kwemera ikintu. Gupfa ivyo wemeye birimwo akaga. Inyiyumvo zirashobora guhindagurika, kandi no kwemera ntibihagije ku bijanye n’ivy’Imana, kuko n’“amadayimoni na yo [yemera] kandi agahinda agashitsi.”Yak. 2:19.

5, 6. (a) Ukwizera kwacu gushingiye ku bintu bibiri ibihe bitaboneka? (b) Ukwizera kwacu gukwiye kuba gufise ishingiro rikomeye gute? Bitangire akarorero.

 5 Ukwizera nyakuri kuraruta ugupfa ivyo wemeye be n’ukwemera gusa. Raba ukuntu Bibiliya igusobanura. (Soma Abaheburayo 11:1.) Paulo yavuze ko ukwizera gushingiye ku bintu bibiri tudashobora kubona. Ubwa mbere, gushingiye ku bintu biriho ubu “bitabonwa.” Amaso yacu ntashobora kubona ibiri mw’ijuru, nka Yehova Imana, Umwana wiwe canke Ubwami ubu buganza mw’ijuru. Ubwa kabiri, ukwizera gushingiye ku “bintu vyizigiwe,” ni ukuvuga ibintu bitaraba. Ubu ntidushobora kubona isi nshasha Ubwami bw’Imana bugiye vuba kuzana. Ivyo vyoba none bisigura ko ata kimenyamenya dufise cotuma twizera ivyo bintu biriho be n’ivyo bintu twizigiye?

6 Habe namba! Paulo yasiguye ko ukwizera nyakuri gufise ishingiro rikomeye. Igihe yavuga ko ukwizera ari “ukwitega ata mazinda,” yakoresheje imvugo ishobora kandi gusobanurwa ngo “icete c’icemezo.” Dufate ko hari umuntu ahisemwo kukugabira inzu. Arashobora kuguha icete c’icemezo maze akakubwira ati: “Ng’iyi inzu yawe nshasha.” Ariko ntiwumve, ntaba ashaka kuvuga ko uzoba kuri urwo rupapuro; ahubwo aba ashaka kuvuga ko ico cete cemewe n’amategeko ari ikimenyamenya gikomeye c’uko iyo nzu uyihawe, bikaba nk’aho yoba aguhaye iyo nzu ubwayo. Muri ubwo buryo nyene, ibimenyamenya dufise bituma twizera birakura amazinda kandi birakomeye cane, ku buryo bishobora kugereranywa n’ukwo kwizera ubwakwo.

7. Mu kwizera nyakuri harimwo ibiki?

7 Ku bw’ivyo, mu kwizera nyakuri harimwo ukwizigira gushingiye ku bintu vyabaye kera be n’uguhera amazinda kutanyiganyiga kwibanda cane kuri Yehova Imana. Ukwizera kuratuma tumubona nka Data wa twese munyarukundo kandi kuratuma twizigira ko ivyo yasezeranye vyose bizoranguka ata kabuza. Ariko mu kwizera nyakuri harimwo n’ibindi. Nka kurya kw’ikinyabuzima, ukwo kwizera gutegerezwa kugaburirwa kugira ngo kubandanye kubaho. Gukwiye kugaragarira mu bikorwa, atari aho kwoca gupfa.Yak. 2:26.

8. Kubera iki ukwizera guhambaye cane?

8 Kubera iki ukwizera guhambaye cane? Paulo yaratanze inyishu ijijura. (Soma Abaheburayo 11:6.) Ntidushobora kwiyegereza Yehova canke kumuhimbara tudafise ukwizera. Ku bw’ivyo, ukwizera kurahambaye cane nimba twipfuza gushitsa intumbero ihambaye kuruta izindi zose ibiremwa vyose vy’ubwenge bifise, na yo ikaba ari kwiyegereza no kuninahaza Data wa twese wo mw’ijuru, Yehova.

9. Yehova yerekanye gute ko azi ukuntu dukeneye ukwizera?

9 Yehova arazi ukuntu dukeneye ukwizera, ni co gituma aduha uburorero butwigisha ukuntu twokomeza ukwizera tukongera tukakugaragaza. Arahezagira ishengero rya gikirisu mu kuriha uburorero bw’abagabo b’abizigirwa baja imbere abandi. Ijambo ryiwe rivuga riti: “Mwigane ukwizera kwabo.” (Heb. 13:7)  Yaraduhaye n’ibindi. Paulo yaranditse ivyerekeye “igipfungu kinini . . . c’ivyabona,” abo bakaba ari abagabo n’abagore bo mu bihe vya kera badusigiye uburorero bwiza cane bw’ukwizera. (Heb. 12:1) Hariho n’abandi basavyi ba Yehova benshi b’abizigirwa uretse abo Paulo yadondaguye mu Baheburayo ikigabane ca 11. Bibiliya yuzuyemwo inkuru z’ukuri zerekeye abagabo n’abagore, abakiri bato n’abakuze, bo mu mice itandukanye y’ubuzima, babayeho bagaragaza ukwizera kandi botwigisha ibintu vyinshi muri iki gihe aho abantu benshi batagira ukwizera.

Twokwigana gute ukwizera kw’abandi?

10. Ni gute ukwiyigisha kwodufasha kwigana abagabo n’abagore b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya?

10 Ntushobora kwigana umuntu utamwihweje witonze. Igihe uzoba uriko urasoma iki gitabu, uzobona ko hagizwe ubushakashatsi bwinshi kugira ngo ufashwe kwihweza abo bagabo n’abagore bari bafise ukwizera. Ubona gute na we ugize nk’ukwo nyene ukigirira ubundi bushakashatsi? Igihe uriko uriyigisha, niwimbe muri Bibiliya ukoresheje ibikoresho ufise bifasha kugira ubushakashatsi. Igihe uzirikana ku vyo wiga, nugerageze kubona mu bwenge ahantu ibivugwa muri izo nkuru zo muri Bibiliya biriko birabera be n’ukuntu ibintu vyifashe. Nugerageze kubona ivyo bintu mu bwenge, kwumva amajwi, kwumva akamoto, nk’aho woba ari ho uri. N’igihambaye kuruta, nugerageze kwiyumva nk’uko abavugwa muri iyo nkuru biyumva. Igihe ugerageje kwiyumva nk’uko abo bagabo n’abagore b’abizigirwa biyumva, ntibazoba umugani kuri wewe, uzobamenya neza, mbere bamwe muri bo bazoba nk’abagenzi bawe bo kuva kera wikundira.

11, 12. (a) Ni gute wokwumva urushirije kwiyegereza Aburamu na Sarayi? (b) Wokwungukira gute ku karorero ka Hana, Eliya na Samweli?

11 Niwabamenya vy’ukuri, uzokwumva ushatse kubigana. Nk’akarorero, niwihe ishusho uriko urazirikana ku gikorwa gishasha washinzwe. Biciye kw’ishirahamwe rya Yehova, usabwe kwagura ubusuku bwawe mu muce munaka. Kumbure usabwe kwimukira mu karere gakenewemwo bimwe vyihutirwa abandi bamamaji, canke usabwe kugerageza kugira uruhara mu muce munaka wo kwamamaza utari umenyereye canke utakworohereza. Igihe uriko urazirikana kuri ico gikorwa wongera usenga, kuzirikana ku karorero ka Aburamu ntivyogufasha? We na Sarayi baragize umutima ukunze wo guheba ubuzima bwiza bw’i Uri kandi ivyo vyatumye bahezagirwa cane. Ubiganye, nta nkeka ko uzobona ko usigaye ubazi neza kuruta uko wari usanzwe ubazi.

12 Muri ubwo buryo nyene, vyogenda gute hamwe incuti yawe ishika yogukorera ibintu bikubabaza kandi ukaba wumva wacitse intege, mbere gushika n’aho wumva wosiba amakoraniro? Uzirikanye ku karorero ka Hana be n’ukuntu atareka ngo ibintu bibi Penina yamukorera bimubuze gusenga Yehova, vyogufasha gufata ingingo ibereye kandi vyotuma na  Hana amera nk’umugenzi wawe wikundira. N’ikindi kandi, bishitse ugacika intege kubera wumva umengo nta co umaze, wokwumva urushirije kwiyegereza Eliya igihe wize ibijanye n’ingorane zamushikiye be n’ukuntu Yehova yamuhojeje. Abakiri bato bariko barashikirwa n’akosho kava ku bo bigana batigenza runtu bokwumva barushirije kwiyegereza Samweli bamaze kwiga ukuntu yavyifashemwo ku bijanye n’akosho kabi k’abahungu ba Eli kw’itaberenakulo.

13. Kwigana ukwizera kw’abantu bavugwa muri Bibiliya vyoba hari ukuntu bituma ukwizera kwawe kutagira agaciro? Sigura.

13 Kuba wigana ivyo abo bantu bavugwa muri Bibiliya bakoze kugira ngo berekane ukwizera kwabo vyoba bituma ukwizera kwawe kuba ukutagira ico kuvuze kuri Yehova? Habe namba! Niwibuke ko Ijambo rya Yehova rituremesha kwigana abantu bafise ukwizera. (1 Kor. 4:16; 11:1; 2 Tes. 3:7, 9) N’ikindi kandi, bamwebamwe mu bantu tuzokwiga muri iki gitabu na bo nyene bariganye abantu b’abizigirwa babayeho imbere yabo. Nk’akarorero, nk’uko tubibona mu kigabane ca 17 c’iki gitabu, biboneka ko mu vyo Mariya yavuze yasubiyemwo amajambo yavuzwe na Hana, bikaba bigaragara ko yamubera akarorero. Ivyo vyoba vyatumye ukwizera kwa Mariya kubonwa ko kudakomeye? Eka da! Ahubwo, akarorero ka Hana karafashije Mariya gukomeza ukwizera kwiwe kugira ngo we ubwiwe yironkere izina imbere ya Yehova Imana.

14, 15. Ni ibintu bimwebimwe ibihe bigize iki gitabu, kandi ni gute twogikoresha neza?

14 Iki gitabu cagenewe kugufasha gukomeza ukwizera kwawe. Ibigabane biri muri co bigizwe na vya biganiro vyagiye birasohorwa mu Munara w’Inderetsi kuva mu 2008 gushika mu 2013 bivuga ngo “Niwigane ukwizera kwabo.” Yamara, hari ibindi bintu bishasha vyongewemwo. Harashizwemwo ibibazo bidufasha kuganira ku mayagwa no kuyashira mu ngiro. Hari amafoto mashasha yatunganijwe ku bw’iki gitabu, ayari ahasanzwe na yo yarasubiwemwo aragirwa manini yongera araryohorwa. Harashizwemwo n’ibindi bintu ngirakamaro nk’umurongo werekana igihe ibintu vyagiye biraberako be n’amakarata. Igitabu Niwigane ukwizera kwabo ni igikoresho catunganijwe ku bwo kwiyigisha, ku bw’inyigisho y’umuryango be no ku bwo kwiga mw’ishengero. Hari abagize imiryango boshima gusomera hamwe inkuru ziri muri iki gitabu n’ijwi ryumvikana.

15 Ese iki gitabu cogufasha kwigana ukwizera kw’abasavyi ba Yehova b’intahemuka ba kera! Kandi ese cogufasha gukura mu kwizera uko urushiriza kwiyegereza So wawe wo mw’ijuru, Yehova!