Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Niwigane ukwizera kwabo

 IKIGABANE CA CUMI N’ICENDA

Yarakingiye umuryango, arawuronderera, arumira kw’ibanga

Yarakingiye umuryango, arawuronderera, arumira kw’ibanga

1, 2. (a) Ni amahinduka ayahe Yozefu n’umuryango wiwe bagira bagire? (b) Ni inkuru mbi iyihe Yozefu yabwirizwa kubwira umukenyezi wiwe?

YOZEFU yaraboheye uwundi muzigo ku ndogobwa. Sa n’uwumubona ariko yeraguza irya n’ino mu kigwati ca Betelehemu cari mu mwiza yongera akubita buhorobuhoro mu mafyinga nya gitwazi ciwe gikomeye. Ategerezwa kuba yariko ariyumvira urugendo rurerure rwari rumurindiriye. Ibaze ntuze: yari agiye mu Misiri, mu bantu atazi, bavuga ururimi atazi, bafise n’imico kama atamenyereye; mbega umuryango wiwe mutoyi womenyereye gute ubuzima bushasha?

2 Ntivyari vyoroshe kubwira Mariya umugore wiwe yakunda cane nya nkuru mbi, mugabo Yozefu yarariye umutima amenyo arayimubwira. Yaramwiganiye indoto yari yarose aho umumarayika yamushikirije ubutumwa buvuye ku Mana bw’uko umwami Herodi yashaka kwica umwana wabo! Bategerezwa guca ubwo nyene bakura meza. (Soma Matayo 2:13, 14.) Ivyo vyatumye Mariya ahagarika umutima cane. Kubera iki hari uwariko arondera kwica umwana wiwe ata co azira kandi ata kaga ateye? Yaba Mariya canke Yozefu, nta n’umwe yavyumva. Mugabo barizigiye Yehova baritegurira kugenda.

3. Dondora ukuntu Yozefu n’umuryango wiwe bavuye i Betelehemu. (Raba kandi ifoto.)

3 Yozefu, Mariya na Yezu barasobotse mw’ijoro bava mu kigwati ca Betelehemu abantu baho basinziriye, ata na kimwe bazi. Uko Yozefu yagenda agana mu bumanuko, mu buseruko na ho hakaba hariko hatangura guca, ashobora kuba yaribajije ivyari bibarindiriye. Umubaji mutoyi nka Yozefu yoshoboye gute gukingira umuryango wiwe ibintu bikomeye cane vyowugeramiye? Mbega ho yokwamye aronka ivyo kuwutunga? Yoba yoshoboye kuguma arangura ibanga ritoroshe Yehova Imana yari yaramushinze ryo kubungabunga no kurera uwo mwana adasanzwe? Emwe, Yozefu yari ahanzwe n’ingorane zitoroshe! Uko twihweza ukuntu yavyifashemwo, turaza kubona igituma ba serugo muri iki gihe, eka na twebwe twese, dukeneye kwigana ukwizera kwa Yozefu.

Yozefu yarakingiye umuryango wiwe

4, 5. (a) Ni gute ubuzima bwa Yozefu bwahindutse rwose? (b) Ni gute umumarayika yaremesheje Yozefu kwikorera ibanga riremereye?

4 Amezi n’amezi imbere y’aho, igihe Yozefu yaba mu gisagara ciwe  c’amavukiro ari co Nazareti, yarabonye ko ubuzima bwiwe bwahindutse rwose aho amariye kuresha umukobwa wa Heli. Yozefu yari azi ko Mariya ata kabi ariko, ko ari umwigeme afise ukwizera gukomeye. Mugabo yagiye yumva ngo aribungenze! Yaciye yiyumvira kwahukana na we mu mpisho kugira amukingire agateterwe. * Ariko umumarayika yaravuganye na we mu ndoto, aramusigurira ko Mariya yibungenze biciye ku mpwemu nyeranda ya Yehova. Nya mumarayika yaramubwiye kandi ko umwana Mariya yovyaye “[yokijije] abantu biwe ibicumuro vyabo.” Yaciye asubiriza umutima mu nda Yozefu ati: “Ntutinye gutwara Mariya umugore wawe i muhira.”​—Mat. 1:18-21.

5 Yozefu, umugabo w’umugororotsi kandi agamburuka, yaciye akora kuno. Yarikoreye amabanga aremereye kuruta ayandi yose: kurera no kubungabunga umwana atari uwiwe ahubwo umwana w’Imana w’agaciro kuruta abandi bose. Mu nyuma Yozefu yaragamburutse itegeko ry’umwami w’abami, we n’umugore wiwe yibungenze baraja i Betelehemu kwandikwa. Aho ni ho nya mwana yavukiye.

6-8. (a) Ni ibintu ibihe vyatumye haba ayandi mahinduka mu buzima bwa Yozefu n’umuryango wiwe mutoyi? (b) Ni igiki cerekana ko Shetani ari we yarungitse ca kintu bibaza ko ari inyenyeri? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

6 Yozefu ntiyasubije umuryango wiwe i Nazareti. Ahubwo baciye baba i Betelehemu, ku bilometero bikeyi gusa uvuye i Yeruzalemu. Bari bakenye, ariko Yozefu yarakora uko ashoboye kwose kugira Mariya na Yezu ntibabure ivya nkenerwa canke ngo bamererwe nabi. Ntibatevye kuronka inzu iciye bugufi yo kubamwo. Maze igihe Yezu atari akiri akayoya ariko akaba yari amaze kuba umwana mutoyi arenza kumbure umwaka, ubuzima bwabo bwaciye busubira guhinduka bukwi na bukwi.

7 Hari umugwi w’abagabo washitse; bano bari abaragurira ku nyenyeri bari bavuye mu buseruko, bakaba kumbure bari bavuye kure i Babiloni. Bari bakurikiye ikintu bibaza ko ari inyenyeri cabashikanye aho Yozefu na Mariya baba, bakaba bariko barondera umwana yobaye umwami w’Abayuda. Abo bagabo bari abantu bubaha cane.

8 Baba bari babizi canke batabizi, abo bagabo bari bashize uwo mwana Yezu mu kaga gakomeye. Uti gute? Ca kintu bibaza ko ari inyenyeri bari babonye nticaciye kibajana i Betelehemu, ariko cabanje kubajana i Yeruzalemu. * Aho i Yeruzalemu barabwiye Umwami Herodi w’umubisha ko bariko barondera umwana yobaye umwami w’Abayuda. Ivyo vyatumye Herodi arurumba ishari n’ishavu.

9-11. (a) Ni mu buryo ubuhe hari inguvu iruta Herodi canke Shetani yariko irakora? (b) Ni gute urugendo rwo kuja mu Misiri rwari rutandukanye n’urudondorwa mu migani n’ibitito?

9 Ariko igishimishije, hari inguvu iruta Herodi canke Shetani yariko irakora. Uti gute? Urabona, abo bashitsi bamaze gushika aho Yezu yaba maze bakamubona ari kumwe na nyina wiwe, baciye babaha ingabirano,  ariko bo nta co basavye. Emwe, Yozefu na Mariya bategerezwa kuba batatahuye ingene baronse bukwi na bukwi “inzahabu n’imibavu ya olibani be n’imira,” ivyo bikaba vyari ibintu vy’agaciro! Nya bagabo baragurira ku nyenyeri bari bafise intumbero yo gusubira inyuma maze bakabwira Umwami Herodi aho basanze nya mwana. Ariko Yehova yaciye ahaseruka. Biciye mu ndoto, yabategetse gutaha baciye mu yindi nzira.​—Soma Matayo 2:1-12.

10 Haciye akanya gatoyi nya bagabo bagiye, umumarayika wa Yehova yaburiye Yozefu ati: “Haguruka, utore wa mwana na nyina wiwe uhungire mu Misiri, maze ugumeyo gushika ngize ijambo nkubarira; kuko Herodi agira arondere uwo mwana ngo amwice.” (Mat. 2:13) Nk’uko twabibonye mu ntango z’iki kigabane, Yozefu yaciye ubwo nyene akora kuno. Ico yitaho gusumba ibindi wari umutekano w’umwana wiwe, akaba yaciye atwara umuryango wiwe mu Misiri. Kubera ko ba bagabo baragurira ku nyenyeri bari bazanye ingabirano zizimvye cane, Yozefu rero yari afise ivyoshoboye gufasha umuryango mu misi bomazeyo.

Yozefu yarakoranye ubwira kandi ata bwikunzi kugira akingire umwana wiwe

11 Mu nyuma, imigani n’ibitito bidashingiye kuri Bibiliya vyarashikirije ivyiyumviro bitabaho ku bijanye n’urwo rugendo, mu kuvuga ko ngo akana Yezu kakoze igitangaro kakagabanya nya rugendo, kagatuma abambuzi batabakoma, ngo mbere kagatuma ibigazi vy’itende vyigonda kugira nyina yamure ingazi zavyo. * Ariko mu vy’ukuri, bagize urugendo rurerure kandi ruruhisha baja mu karere batazi.

Yozefu yarahevye ivyotuma amererwa neza ku bw’umuryango wiwe

12. Ni igiki abavyeyi barereye abana muri ino si iteye akaga bashobora kwigira kuri Yozefu?

12 Hari vyinshi abavyeyi bashobora kwigira kuri Yozefu. Yaremeye guhagarika akazi kiwe no guheba ivyotuma amererwa neza kugira akingire umuryango wiwe akaga. Biribonekeza ko umuryango wiwe yawubona nk’ikintu ceranda Yehova yamubikije. Muri iki gihe abavyeyi barerera abana mw’isi iteye akaga cane, isi yuzuyemwo ibintu vyogeramira urwaruka, bikarwonona, canke mbere bikaruhitana. Ese ukuntu ari ivyo gukeza igihe ba inabibondo na ba sebibondo bagira ico bakoze n’ubwira nka Yozefu, bakihatira gukingira ibibondo vyabo utwosho nk’utwo!

Yozefu yararondereye umuryango ikiwutunga

13, 14. Vyagenze gute ngo Yozefu na Mariya barerere umwana wabo i Nazareti?

13 Biboneka ko uwo muryango utamaze igihe kirekire mu Misiri kuko budakeye na kabiri umumarayika yamenyesheje Yozefu ko Herodi yapfuye. Yozefu yaciye asubiza umuryango wiwe mu gihugu c’amavukiro. Kera, hari ubuhanuzi bwari bwaravuze ko Yehova yohamagaye Umwana wiwe “ngo ave mu Misiri.” (Mat. 2:15) Yozefu yarafashije gushitsa ubwo buhanuzi; ariko none yojanye hehe umuryango wiwe?

 14 Yozefu yari umuntu yiyubara. Yaratinya Arikelayo uwasubiriye Herodi ku ngoma, kandi vyari bibereye ko amutinya kuko na we nyene yari inkazi akaba n’umwicanyi. Imana yabwiye Yozefu ngo adugane umuryango wiwe mu buraruko, kure ya Yeruzalemu n’imigambi yaho y’ububisha; asubira mu gisagara ciwe c’amavukiro ca Nazareti i Galilaya. Aho ni ho we na Mariya barereye umwana wabo.​—Soma Matayo 2:19-23.

15, 16. Igikorwa Yozefu yakora cari kimeze gute, kandi ashobora kuba yakoresha ibiki?

15 Bagize ubuzima busanzwe ariko butoroshe. Bibiliya yita Yozefu umubaji, iryo jambo rikaba ririmwo ibikorwa vyinshi bijanye no gutegura igiti, nko kucicira, kukiburuta, kugitegura ngo gikoreshwe mu kwubaka amazu, amato, ibiraro bitobito, imikogote, amapine y’imikogote, ingǒgo, n’ubwoko bwose bw’ibikoresho vyo kurima. (Mat. 13:55) Cari igikorwa c’inguvu kiruhisha. Umubaji wo mu bihe vya Bibiliya akenshi yakorera imbere y’umuryango w’inzu yiwe iciye bugufi canke mw’isaramara ibangikanye na yo.

16 Yozefu yarakoresha ibikoresho vyinshi bitandukanye, bimwebimwe akaba ashobora kuba yari yabihawe na se. Ashobora kuba yarakoresha ikeri, karisho, umugozi uriko ifu y’ingwa, agashoka, umusumeno, imbazo, inyundo, imangu ari yo nyundo y’igiti, isinzo, igikoresho co gutoboza imbaho yakoresha mu kuza arakwega umuheto yongera awusuguma, uburembo butandukanye, kumbure n’imisumari mikeyi naho yari izimvye.

17, 18. (a) Ni ibiki Yezu yigiye kuri se wiwe murezi? (b) Ni kubera iki Yozefu yategerezwa kurushiriza gukora cane umwuga wiwe?

17 Iyumvire Yezu ari agahungu gatoyi ariko yitegereza se wiwe murezi ariko arakora. Kubera ko yaguma arikanuye yihweza akantu kose Yozefu agira, nta gukeka ko yatangarira inguvu zari mu bitugu vya se vyagutse no mu maboko yiwe y’imirya, ubuhanga yabona mu maboko yiwe n’ubwenge yabona mu maso hiwe. Yozefu ashobora kuba yaratanguye kwigisha uwo muhungu wiwe mutoyi ibikorwa bitobito nko gukoresha urushato rw’ifi rwumye mu gusena urubaho. Ashobora kuba yaramwigishije itandukaniro ry’ibiti bitari bimwe yakoresha, nk’akarorero umusukoni w’umusukomora, igiti citwa chêne, canke umwelayo.

Yozefu yarigishije umuhungu wiwe umwuga wo kubaza

18 Yezu yaratahuye kandi yuko ayo maboko ya Yozefu akomeye yicira ibiti, akabitunganya akongera akabifatanya, ari na yo maboko nyene yoroshe yakoresha mu gukuyakuya no mu kuremesha Yezu ubwiwe, batoyi biwe na nyina wiwe. Emwe, Yozefu na Mariya bari bafise umuryango  watera uba munini wahavuye ubamwo n’imiburiburi abana batandatu biyongereye kuri Yezu. (Mat. 13:55, 56) Yozefu yategerezwa kurushiriza gukora cane kugira abitwararike bose yongere abaronse ivyo bafungura.

Yozefu yaratahura ko kuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’impwemu ari co kintu cari gihambaye kuruta ibindi

19. Ni gute Yozefu yitwararika ivyo umuryango wiwe wakenera mu vy’impwemu?

19 Ariko rero, Yozefu yaratahura ko kuronsa umuryango wiwe ivyo ukeneye mu vy’impwemu ari co kintu cari gihambaye kuruta ibindi. Ni co gituma yamara umwanya yigisha abana biwe ivyerekeye Yehova Imana n’amategeko yiwe. We na Mariya bama babatwara kw’isinagogi yo mu karere kabo, aho Itegeko ryasomwa n’ijwi ryumvikana rikongera rigasigurwa. Bavuyeyo, Yezu ashobora kuba yaba afise ibibazo vyinshi maze Yozefu akagerageza kumumara inyota yaba afise yo kumenya ivy’impwemu. Yozefu yarajana kandi umuryango wiwe ku misi mikuru y’ivy’ugusenga yabera i Yeruzalemu. Kuri Pasika yaba ku mwaka ku mwaka, Yozefu n’umuryango wiwe bishobora kuba vyarasaba ko bamara indwi zibiri kugira bagire urugendo rw’ibilometero 120, bahimbaze uwo musi mukuru bongere bagaruke.

Yozefu yama ajana umuryango wiwe gusenga ku rusengero rw’i Yeruzalemu

20. Ni gute ba serugo bakirisu bigana akarorero ka Yozefu?

20 Muri iki gihe, ba serugo bakirisu barigana akarorero ka Yozefu. Baritangira abana babo, bagashira imbere ivyo kubigisha ivy’impwemu aho gushira imbere ivyo kubaronderera amatungo canke ibindi bintu. Barihatira rwose kugira inyigisho y’umuryango bari i muhira no kujana abana babo ku makoraniro ya gikirisu maninimanini na matomato. Nka kumwe kwa Yozefu, barazi ko ico ari co kintu ciza kuruta ibindi bokora kugira babaronderere kazoza keza.

“Twahagaritse umutima”

21. Ikiringo ca Pasika cari kimeze gute mu muryango wa Yozefu, kandi Yozefu na Mariya bagiye kubona ko batari kumwe na Yezu ryari?

21 Igihe Yezu yari afise imyaka 12, Yozefu yaratwaye umuryango wiwe i Yeruzalemu nk’uko yama abigira. Hari ku musi mukuru wa Pasika, ico gihe imiryango myinshi mininiminini ikaba yarafatanya urugendo ica mu mpinga z’imisozi zitotahaye mu gihe c’impeshi. Begereje akarere kataryoheye ijisho cane ko hafi y’igisagara ca Yeruzalemu cari ahakirurutse, abenshi bararirimba ya mazaburi y’ukuduga yari azwi cane. (Zab. 120-134) Ico gisagara gishobora kuba caruzuramwo abantu ibihumbi amajana. Ivyo biheze, imiryango yaca itangura gufata inzira yo gutaha. Kubera ko Yozefu na Mariya bashobora kuba bari bafise vyinshi vyo gukora, bibwiye ko Yezu ari kumwe n’abandi, kumbure abo mu muryango wabo. Bamaze umusi wose bagenda bavuye i Yeruzalemu, bagize  gutya ni ho bakubitwa n’inkuba babonye ko Yezu atari kumwe na bo!​—Luka 2:41-44.

22, 23. Yozefu na Mariya bakoze iki igihe babura umuhungu wabo, kandi Mariya yavuze iki aho bamuboneye?

22 Baciye basubira inyuma, bagenda baramurondera bataye umutwe gushika n’i Yeruzalemu. Ibaze ukuntu babona umengo ico gisagara kiragaragara kandi kibabereye gishasha uko bagenda mu mabarabara basemerera bahamagara umwana wabo mw’izina. Mbe basha nya mwana yari hehe? Ku musi ugira gatatu bariko bararondera, ubwo Yozefu ntiyoba yaratanguye kwibaza nimba ibanga ryo kwitwararika ikintu ceranda Yehova yamubikije ryari ryamunaniye? Barondeye babuze, ni ho baja ku rusengero. Baramurondeyeyo gushika no mu cumba cari gikoraniyemwo abagabo bize, banonosoye rya Tegeko, wa mwana Yezu ntuze akaba  yari yicaye muri bo! Ibaze ingene Yozefu na Mariya biruhukije!​—Luka 2:45, 46.

23 Yezu yariko arumviriza abo bagabo bize, ababaza ibibazo n’ubwira bwinshi. Abo bagabo baguma bumizwa n’ugutegera kw’uwo mwana be n’inyishu ziwe. Mariya na Yozefu bo ntibavyumva. Iyo nkuru yo muri Bibiliya ntiyerekana ko Yozefu hari ico yavuze. Mugabo aya majambo Mariya yavuze arerekana neza akari ku mutima wabo bompi: “Mwananje, kubera iki watugiriye gutyo? Raba ingene twe na so twahagaritse umutima tukurondera.”​—Luka 2:47, 48.

24. Ni gute Bibiliya yerekana neza uko ibanga ry’ubuvyeyi rimeze?

24 Muri ayo majambo make adomako, Ijambo ry’Imana rirerekana neza uko ibanga ry’ubuvyeyi rimeze. Umuvyeyi arashobora gushuha umutwe, eka naho mbere umwana wiwe yoba atunganye! Kurerera abana muri  iyi si yuzuye akaga birashobora gutuma umuvyeyi ‘ahagarika umutima’ bimwe bitovugwa, mugabo ba sebibondo na ba inabibondo barashobora guhumurizwa no kumenya ko Bibiliya itahura ingorane bahura na zo.

25, 26. Yezu yishuye gute abavyeyi biwe, kandi Yozefu ashobora kuba yiyumvise gute ku bijanye n’amajambo y’uwo muhungu wiwe?

25 Igishimishije, Yezu yari yagumye ahantu honyene mw’isi hatuma yumva yiyegereje cane Se wiwe wo mw’ijuru Yehova, ashashaye kwiyinjizamwo ikintu cose yashobora kuhigira. Yishuye abavyeyi biwe mu majambo yoroshe kandi avuye ku mutima, ati: “Kubera iki mwiriwe murandondera? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba ndi mu nzu ya Dawe?”​—Luka 2:49.

26 Yozefu ategerezwa kuba yarazirikanye ayo majambo incuro n’izindi. Ayo majambo ashobora kuba yaratumye yumva yishimye. Nakare, nta ko atari yaragize ngo yigishe uwo mwana wiwe w’umurerano kwiyumvamwo gutyo Yehova Imana. Ico gihe Yezu yari agahungu, yari amaze kwiyumvamwo cane ijambo “dawe”, ivyo ahanini bikaba vyava ku myaka yari amaranye na Yozefu.

27. Nimba uri sebibondo, ni gute watewe agateka, kandi kubera iki ukwiye kwibuka akarorero ka Yozefu?

27 Nimba uri sebibondo, woba utahura ukuntu watewe agateka ko gufasha abana bawe gutahura ico ari co sebibondo akundana kandi akingira ibibondo? Naho woba ureze abana batari abawe, niwibuke akarorero ka Yozefu, umwe wese ubone ko ameze ukwiwe kandi ko ari uw’agaciro. Nufashe abo bana kurushiriza kwiyegereza Se wabo wo mw’ijuru Yehova Imana.​Soma  Abanyefeso 6:4.

Yozefu yarumiye kw’ibanga abigiranye ukwizera

28, 29. (a) Amajambo ari muri Luka 2:51, 52 ahishura iki ku bijanye na Yozefu? (b) Ni uruhara uruhe Yozefu yagize mu gufasha umuhungu wiwe gutera imbere mu bukerebutsi?

28 Bibiliya ihishura ibindi bintu bikeya gusa ku buzima bwa Yozefu, ariko birahambaye ko tuvyihweza twitonze. Ivuga ngo: “[Yezu] aguma abayobokera,” ni ukuvuga abavyeyi biwe. Ivuga kandi iti: “Yezu abandanya gutera imbere  mu bukerebutsi no gukura ku mubiri no kugira ubutoni ku Mana no ku bantu.” (Soma Luka 2:51, 52) Ayo majambo ahishura iki ku bijanye na Yozefu? Arahishura ibintu bitari bike. Aratwereka ko Yozefu yabandanije guhagarikira urugo rwiwe, kuko umuhungu wiwe atunganye yubaha ubukuru bw’uwo se wiwe, akaguma amuyobokera.

29 Ayo majambo aratwereka kandi ko Yezu yabandanije gutera imbere mu bukerebutsi. Yozefu ategerezwa kuba yarabigizemwo uruhara runini. Ico gihe, hariho umwibutsa Abayuda bari bamenyereye kuva kera. No muri iki gihe uwo mwibutsa uracariho kandi uracavugwa. Wavuga ko aborohewe mu buzima ari bo bonyene bashobora kuba inkerebutsi vy’ukuri; nayo abanyamyuga nk’ababaji, abarimyi n’abacuzi ngo “ntibashobora gushikiriza ubutungane n’urubanza; kandi ntibarangwa ahavugirwa imigani.” Ariko mu nyuma Yezu yarerekanye ko uwo mwibutsa utavuga ukuri. Akiri agahungu, iyumvire incuro yumva se wiwe murezi abigisha neza ivyerekeye “ubutungane n’urubanza” vya Yehova naho yari umubaji aciye bugufi! Nta gukeka ko yavyumva incuro zidaharurika.

30. Ni gute Yozefu yasigiye akarorero ba serugo muri iki gihe?

30 Kuba Yezu yarabandanije akura ku mubiri na vyo nyene biratwereka ko Yozefu yagumye agira uruhara mu bijanye no kumurera. Ako gahungu kitwararikwa kahavuye kavamwo umugabo w’inguvu kandi w’amagara meza. Vyongeye, Yozefu yarigishije umwana wiwe kuba umuhanga mu kazi yakora. Yezu ntiyari azwi gusa ko ari umuhungu w’umubaji, ariko kandi yari azwi ko ari “umubaji.” (Mrk. 6:3) Ivyo birerekana ko Yozefu yamwigishije neza koko. Ba serugo bagira neza kwigana Yozefu mu kuronsa abana babo ibintu vya nkenerwa kugira bamererwe neza no mu kubafasha kugira bazoshobore kwitunga.

31. (a) Ibimenyamenya vyerekana iki ku bijanye n’iherezo ry’ubuzima bwa Yozefu? (Shiramwo n’ibiri mu  ruzitiro.) (b) Ni akarorero akahe Yozefu yadusigiye twokwigana?

31 Inkuru ya Bibiliya igeze aho ivuga ivyerekeye ibatisimu ya Yezu afise imyaka 30, Yozefu ntasubira kuvugwa. Ibimenyamenya bisa n’ivyerekana ko Mariya yari umupfakazi igihe Yezu yatangura igikorwa ciwe. (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Yozefu yapfuye ryari?”) Naho ari ukwo, hari ibintu bitomoye bituma Yozefu tudashobora kumwibagira: yarasize akarorero keza cane ka sebibondo yakingiye umuryango wiwe, arawuronderera ikiwutunga, yongera arumira kw’ibanga abigiranye ukwizera gushika kw’iherezo. Birabereye ko sebibondo wese, serugo wese, canke uwundi mukirisu wese yigana ukwizera kwa Yozefu.

^ ing. 4 Muri iyo misi kuresha vyabonwa nk’ukwubaka.

^ ing. 8 Ico kintu abo bantu bibaza ko ari inyenyeri nticari igisyo gisanzwe; kandi nticari carungitswe n’Imana. Biragaragara ko Shetani yakoresheje ikintu nsigabwenge mu mugambi mubi yari afise wo kwica Yezu.

^ ing. 11 Bibiliya irerekana neza ko Yezu yakoze igitangaro ciwe ca mbere, “intango y’ibimenyetso vyiwe,” amaze kubatizwa.​—Yoh. 2:1-11.