Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Ni ibiki nokwirinda igihe nkina udukino twa videwo?

Ni ibiki nokwirinda igihe nkina udukino twa videwo?

 Ibibazo bijanye n’udukino twa videwo

 Muri Amerika aho udukino twa videwo ari urudandaza rwinjiza amadolari amamiliyaridi n’ayandi . . .

  1.   Wibaza ko abakina utwo dukino bafise imyaka ingahe ugereranije?

    1.   18

    2.   30

  2.   Abahungu bakina utwo dukino banga iki? Abakobwa na bo bangana iki?

    1.   Abahungu ni ibice 55 kw’ijana, abakobwa na bo ibice 45

    2.   Abahungu ni ibice 15 kw’ijana, abakobwa na bo ibice 85

  3.   Muri iyi migwi ibiri, ni uwuhe urimwo igitigiri kinini c’abakina utwo dukino?

    1.   Abakobwa b’imyaka 18 n’abayirenza

    2.   Abahungu b’imyaka 17 n’abari munsi yayo

 Inyishu (zishingiye ku bitigiri vyo mu 2013):

  1.   B. 30.

  2.   A. Abakobwa ni ibice 45 kw’ijana, hafi ica kabiri c’abakina utwo dukino bose.

  3.   A. Abakobwa b’imyaka 18 n’abayirenza ni ibice 31 kw’ijana vy’abakina utwo dukino, abahungu b’imyaka 17 n’abari munsi yayo na bo ni ibice 19 kw’ijana.

 Ivyo bitigiri vyoshobora kukwereka abakina utwo dukino abo ari bo, ariko ntibikwereka ingaruka dushobora kugira kuri wewe, zaba mbi canke nziza.

 Ingaruka nziza

 Muri ibi vyiyumviro vyerekeye udukino twa videwo, ni ibihe wemera ko ari vyo?

  •  “Ni uburyo butwenza bufasha abagize umuryango n’abagenzi gukomeza ubucuti.”​—Irene.

  •  “Ni uburyo bwiza bwo kwiyibagiza ingorane.”​—Annette.

  •  “Turatuma ubwenge bubanguka.”​—Christopher.

  •  “Turakarisha ububasha bwo gutorera umuti ingorane.”​—Amy.

  •  “Turatuma ukoresha ubwenge. Turatuma uteka umutwe.”​—Anthony.

  •  “Udukino tumwetumwe turigisha gukorana neza n’abandi.”​—Thomas.

  •  “Udukino tumwetumwe turatuma winonora bigatuma ugira akabiri keza.”​—Jael.

 Woba wemera bimwe muri ivyo vyiyumviro, canke ukaba uvyemera vyose? Udukino twa videwo turashobora kukugirira akamaro mu bwenge no ku mubiri. Naho udukino tumwetumwe usanga ari utwo kwisamaza gusa, tukaba n’“uburyo bwiza bwo kwiyibagiza ingorane” nk’uko Annette abivuga, ivyo ntivyama ari bibi.

 ● Bibiliya ivuga ko “ikintu cose munsi y’amajuru [gi]fise igihe caco,” aho hakaba harimwo n’ukwiruhura.​—Umusiguzi 3:​1-4.

 Ingaruka mbi

 Udukino twa videwo twoba tukurya umwanya?

 “Maze gutangura gukina, guhagarika biba urugamba. Nguma nibwira nti ‘Reka nkine rindi rimwe gusa!’ Ntabiciye n’ikanda, amasaha angahe akaba arakunkumutse ngasanga umwanya wose uheze ndiko ndakina!”​—Annette.

 “Udukino twa videwo turashobora kugutwara umwanya. Uricara amasaha n’ayandi ukibwira ko hari ikintu wimariye kubera watsinze udukino dutanu, ariko mu vy’ukuri nta co uba washitseko.”​—Serena.

 Iciyumviro nyamukuru: Utakaje amahera, woshobora kuronka ayandi. Ariko umwanya ugiye ntugaruka. Twoshobora kuvuga rero ko umwanya uhambaye gusumba amahera. Ku bw’ivyo, ntiwanjanjwe ku mwanya wawe!

 ● Bibiliya ivuga iti: “Mubandanye kugendana ubukerebutsi . . . , mwicungurira umwanya ubereye.”​—Abakolosayi 4:5.

 Udukino twa videwo twoba turiko turonona ubwenge bwawe?

 “Ivyaha vyotuma umuntu apfungwa canke akicwa, mu dukino twa videwo umuntu arabikora ata co yinona.”​—Seth.

 “Udukino twinshi dusaba ko utsinda abansi kugira ushike ku ntumbero yawe. Akenshi ivyo ubigira mu kubica bunyamaswa.”​—Annette.

 “Iyo muriko murakina, hari igihe usanga uriko ubwira abagenzi amajambo utokwubahutse kuvuga, nk’akarorero ngo ‘nakwishe!’ canke ngo ‘ndakwica!’”​—Nathan.

 Iciyumviro nyamukuru: Niwirinde udukino duhayagiza ibintu Imana yanka nk’ubwicanyi, ubuhumbu hamwe n’ubupfumu.​—Abagalatiya 5:​19-​21; Abanyefeso 5:​10; 1 Yohani 2:​15, 16.

 ● Bibiliya ivuga ko Yehova yanka “uwo wese akunda ubukazi,” si uwubukora gusa. (Zaburi 11:5) Naho udukino uhitamwo gukina tuterekana uko uzomera muri kazoza, twoshobora kwerekana uko usanzwe umeze.

 Zirikana gatoyi: Igitabu kimwe (Getting to Calm) kivuga ko “udukino twa videwo twerekana ubukozi bw’ikibi dushobora kuba dufise ingaruka mbi ku nyifato y’abana kuruta na televiziyo, kuko bataba bariko barabisha amaso gusa abo bahizi batagira ikinya kandi b’abicanyi, ahubwo baba bariko barabakinisha. Utwo dukino turigisha, ariko ahanini twigisha ubukozi bw’ikibi.”​—Gereranya na Yesaya 2:4.

 Va i buzimu uje i buntu

 Abakiri bato benshi bari baratwawe n’utwo dukino ubu barahinduye ingendo. Raba uturorero tubiri.

 “Nahora nkina udukino twa videwo bugahakwa kunkerako nibwira nti: ‘None ndyamye amasaha atanu ntakwiye? Reka nkine rindi rimwe.’ Ariko ubu nsigaye nzi kwigerera. Mbona ko ari uburyo bwo kwiruhura nshobora kwikorako rimwe na rimwe. Mugabo muri vyose ndibuka kwigerera.”​—Joseph.

 “Naragabanije umwanya wo gukina, kandi hari ibintu vyinshi nungutse! Nararonse umwanya wiyongereye wo kuvuga ubutumwa, ndaronka akaryo ko gufasha abo dusenga hamwe mbere ndiga no gucuraranga. Hariho ibindi bintu vyinshi umuntu yoshobora gukora uretse utwo dukino!”​—David.

 ● Bibiliya ivuga ko abagabo n’abagore bahumuye “batarenza urugero mu ngeso.” (1 Timoteyo 3:​2, 11) Bariruhura ariko bakishingira akarimbi.​—Abanyefeso 5:​10.

 Iciyumviro nyamukuru: Gukina udukino twa videwo birashobora kuba uburyo bwiza bwo kwiruhura iyo bigizwe ku rugero. Ariko ntureke ngo tugutware umwanya wawe wose canke tukubuze kwitwararika ibintu bihambaye. Aho kumara umwanya wawe wose urondera gutsinda agakino kanaka, ubona gute uwukoresheje mu gushitsa imigambi yawe yo mu buzima bwa misi yose?