Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no guhanahana amafoto biciye ku buhinga bwa none?

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no guhanahana amafoto biciye ku buhinga bwa none?

 Wagiye mu buruhuko, ukaba wipfuza kwereka abagenzi bawe bose ukuntu buriko buragenda. None wobigenza gute?

  1.  

  2.  

  3.  

 Igihe sokuru wawe yari afise imyaka nk’iyo ufise, ubwo buryo bwa «A» ni bwo bwonyene bwari buhari.

 Igihe abavyeyi bawe bari bafise imyaka nk’iyo ufise, bari gushobora gukoresha ubwo buryo bwa «B.»

 Muri iki gihe, abakiri bato benshi bashobora kurungika amafoto biciye ku buhinga bwa none, bohitamwo uburyo bwa «C.» Nawe ni bwo wohitamwo? Nimba ari bwo wohitamwo, iki kiganiro kiragufasha kwirinda akaga wohava ugwamwo.

 Ni ivyiza ibihe biri mu gukoresha ubwo buryo?

 Buranyaruka. «Iyo nagiye gutembera ahantu canke iyo ndiko ndaryoherwa n’abagenzi, ndashobora kurungikira abandi amafoto muri uwo mwanya nyene nkiryohewe.»​—Vyavuzwe na Melanie.

 Buroroshe. «Biranyorohera cane kuraba amafoto mashasha abagenzi banje baba bashizeko kuruta kubarungikira ubutumwa kuri internet kugira menye amakuru yabo.»​—Vyavuzwe na Jordan.

 Buragufasha kuguma uhanahana amakuru n’incuti n’abagenzi. «Hari abagenzi banje n’incuti zanje baba kure. Iyo rero baza barashirako amafoto nanje nkaza ndayaraba, ni nk’aho ndababona imisi yose.»​—Vyavuzwe na Karen.

 Ni akaga akahe kari mu gukoresha ubwo buryo?

 Urashobora gushira ubuzima bwawe mu kaga. Nimba telefone yawe ifise bwa buhinga butuma ifoto ifotoye ica ijako n’ikibanza uherereyemwo, amafoto ushirako arashobora gutanga n’amakuru utashaka gutanga. Ishirahamwe rimwe ry’ivya internet rivuga riti: «Gushira kuri internet amafoto canke ayandi makuru yerekana ikibanza uherereyemwo biratuma abantu bose, harimwo n’abafise intumbero mbi, bashobora kumenya aho uri.»

 Ariko ntiwumve, hari inkozi z’ikibi zihimbarwa no kumenya ko utari muhira. Inkuru imwe yavuzwe na rya shirahamwe ry’ivya internet yerekana ko ababandi batatu binjiye mu mazu 18 igihe bene yo batari bahari. None bamenye gute ko bene yo atari ho bari? Bakoresheje internet, barakurikiranye amakanda y’ababa muri izo nzu, baca baramenya ko atari ho bari. Bivye ibintu biciye amadolari 100.000.

 Urashobora kubona ibintu bitabereye. Hari abantu bapfa ivyo bashize kuri internet. Umuyabaga umwe yitwa Sarah avuga ati: «Usanga ari urugamba iyo bishitse ukaraba amafoto y’abantu utazi. Bimeze nko gutembera mu gisagara utazi. Kenshi uruhira kuzimira.»

 Birakurya umwanya wawe. Umugore yitwa Yolanda agira ati: «Biroroshe ko umuntu asanga yatwawe no kuraba amafoto abandi baza barashirako no gusoma ivyo bandika. Birashobora gushika ku rugero rw’uko uguma utora telefone buri kanya kugira urabe bishasha.»

Urakenera kwicungera iyo uhisemwo guhanahana amafoto biciye ku buhinga bwa none

 Ivyo umuyabaga yitwa Samantha aravyemera. Avuga ati: «Mbwirizwa gucungera umwanya mara kuri ayo mafoto. Mu vy’ukuri, urakenera kwicungera iyo uhisemwo guhanahana amafoto biciye ku buhinga bwa none.»

 Ico wokora

  •   Niwiyemeze kwirinda ibintu bitabereye. Bibiliya ivuga iti: «Sinzoshira imbere y’amaso yanje ikintu na kimwe kitagira akamaro.»​—Zaburi 101:3.

     «Nama ndaba amafoto y’abagenzi banje. Ariko iyo hagize uwushirako ibintu bitabereye, nca mpagarika kuza ndaraba ivyo ashirako.»​—Vyavuzwe na Steven.

  •   Niwirinde abantu batisunga ingingo ngenderwako wisunga kuko bashobora kwonona ingeso nziza zawe. Bibiliya ivuga iti: «Ntimuzimire. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.»​—1 Abakorinto 15:33.

     «Niwirinde kuraba amafoto abantu bashize kuri internet ngo ni kubera gusa yerekana ibintu bigezweho. Kenshi uzosanga uriko uraba ibitutsi, abantu bari gusa n’ibindi bintu bitabereye.»​—Vyavuzwe na Jessica.

  •   Niwishingire umwanya uzoza uramara uriko uraraba amafoto n’incuro uzoza urashirako ayawe. Bibiliya ivuga iti: «Mugume muraba neza ukuntu mugenda, ntimugende nk’abatagira ubukerebutsi ariko mugende nk’abantu b’inkerebutsi, mwicungurira umwanya ubereye.»​—Abanyefeso 5:15, 16.

     «Narahagaritse kuraba amafoto y’abantu bashirako amafoto menshi. Nk’akarorero, umuntu arashobora kuja ku kiyaga agaca ashira ku mbuga hwaniro amafoto 20 ashaka gusa. Ibaze nawe! Urazi ukuntu bitwara umwanya kugira umuntu ayaheze!»​—Vyavuzwe na Rebekah.

  •   Niwiyemeze ko amafoto ushirako adatuma abandi biyumvira ko wikunda. Umwanditsi wa Bibiliya yitwa Pawulo avuga ati: «Mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira.» (Abaroma 12:3) Ntiwiyumvire ko abagenzi bawe bazoca babona ko amafoto yawe ari ay’igitangaza.

     «Hari abantu bashirako amafoto igifyo baba barifotoye. None ko turi abagenzi, nsanzwe nzi uko usa. Sinkeneye ko uguma uza urabinyibutsa.»​—Vyavuzwe na Allison.