Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki ngo ndeke kuba nzobandabikora?

Nokora iki ngo ndeke kuba nzobandabikora?

Woba urambiwe no kwama uheza utevye udukorwa two kw’ishure baguhaye gukorera muhira be n’udukorwa two muhira? Nimba ari ukwo bimeze, urakwiye kureka kuza urigiza ibintu inyuma! Iki kiganiro kiragufasha kureka kuba nzobandabikora mbere n’igihe:

Umaze gusoma iki kiganiro, nukore  umwimenyerezo ujanye no kuba nzobandabikora.

 Bibiliya iradondora ingaruka ibabaje y’ukuba nzobandabikora. Ivuga iti: “Uwuraba umuyaga ntazobiba imbuto; kandi uwitegereza ibicu ntazoshwabura.”​—Umusiguzi 11:4.

 Raba ibintu bimwebimwe vyokwega iyo ngorane be n’ico wokora ngo ureke kuba nzobandabikora.

 Igikorwa gisa n’ikigoye cane.

 Ata guca ku ruhande, hari ibikorwa usanga ari amahanga ku buryo vyoroshe ko umuntu avyigiza inyuma. Ehe ivyiyumviro bikeyi vyofasha:

  •   Nukigabaguremwo udukorwa dutoduto. “Naho mba nzi ko umwanya wanjanye, ndakora uko nshoboye kwose ngaheza igikorwa kimwekimwe cose.”—Umwigeme yitwa Melissa.

  •   Nugitangure ata gutebagana. “Ubwo nyene ukironka igikorwa, ca ugitangura, naho mbere kwoba ari ukugishira gusa mu rutonde rw’ivyo uzokora canke ukaba uranditse utwiyumviro nka tungahe kugira ntutwibagire.”​—Vera.

  •   Saba imfashanyo. Abavyeyi bawe be n’abigisha boshobora kuba barahuye n’iyo ngorane nyene. Kuki none utokwungukira kuri ubwo buhanga bwabo? Bogufasha gutunganya ivyiyumviro vyawe bakakwereka ingene wobigenza.

 Impanuro “Nugire urutonde. Ni ivy’ukuri ko ivyo bisobanura kugira urutonde kandi ukarwumirako, ariko birafasha: ibikorwa vyose urabikora kandi ukabirangiza ku gihe.”​—Abbey.

 Wumva ata vyo ushaka gukora.

 Akenshi usanga mu bikorwa ubwirizwa kurangura harimwo ibikurambira cane. None wokora iki mu gihe igikorwa ufise kitakuryohera? Gerageza ibi bikurikira:

  •   Niwihe impamvu yotuma ugikora hakiri kare. Nk’akarorero, niwiyumvire umunezero wogira ukirangije. “Ndaryoherwa n’ukuntu niyumva igihe nakoze ikintu ku gihe canke nakirangije hakiri kare, nca numva ntekaniwe.”—Umwigeme yitwa Amy.

  •   Nuzirikane ingaruka vyoteza. Wigije inyuma ibintu, uba wiyongereje amaganya kandi uba ugabanije amahirwe ufise yo kwererwa. Bibiliya ivuga iti: “Uzokwimbura ico nyene ubiba.”​—Abagalatiya 6:​7, Good News Translation.

  •   Mu bwenge, nubone ko hageze ko ukirangiza. “Biramfasha igihe mfashe ko igikorwa kirangira umusi umwe canke ibiri imbere y’umusi nyezina cashingiwe, rero ndasubira kugisuzuma kandi ngasanga nacunguye umusi umwe canke ibiri ku bw’ibindi bikorwa.”—Umwigeme yitwa Alicia.

 Impanuro “Vyose ni mu mutwe. Niwibwire ko utegerezwa gukora igikorwa ufise naho hoba iki. Igihe nibwiye gutyo, ikibwirizwa gukorwa kirakorwa.”​—Alexis.

 Usanzwe ufise ibikorwa umurengera.

 “Bakunze kunyita Nzobandabikora, ariko barandenganya! Ntibabona ukuntu mba mfatiriwe!”—Umuhungu yitwa Nathan.

Nimba wiyumva nk’ukwo kwa Nathan, nugerageze zino mpanuro:

  •   Nuhere ku vyoroshe. “Hari uwigeze kumbwira ko hamwe igikorwa coba gisaba iminuta idashika itanu kugira gihere, ukwiye kugikora ubwo nyene. Aho harimwo nk’ivyo gutunganya icumba cawe, kubika impuzu zawe, kwoza ivyombo no guterefona.”—Umwigeme yitwa Amber.

  •   Niwishingire ibija imbere y’ibindi. Bibiliya ivuga iti: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.” (Abafilipi 1:10) None ivyo wobikurikiza gute mu buzima bwawe bwa misi yose? “Namana urutonde rw’ibikorwa vyose mfise be n’igihe bibwirizwa kuba vyakozwe. Ariko igihambaye kuruta, ndandika igihe ntegekanya gukora no kurangiza buri gikorwa.”—Umwigeme yitwa Anna.

 Ivyo vyoba bisa n’ibizitira umuntu? Vyiyumvire gato! Ukuri ni uko, igihe ugize urutonde ukontorora umwanya wawe hako ureka ngo abe ari wo ugukontorora. Kandi ivyo bituma ugabanya amaganya ugira. “Kugira urutonde bituma ntekana kandi nkamenya n’ibikwiye kuja imbere y’ibindi.”—Umwigeme yitwa Kelly.

  •   Kuraho ibisamaza. “Ndamenyesha abo tubana igihe ntangurira igikorwa mfise. Nimba hari ico bashaka ko nkora, ndabasaba ko bakimbwira imbere y’uko ntangura nya gikorwa. Bisubiye, ndazimya telefone yanje be n’isoneri imenyesha ko ndonse e-mail.”—Jennifer.

  Impanuro “Ico utegerezwa gukora cose ntikizokuva imbere utagikoze. Hako wama ucikorera ku mutwe, nupfume ugikura mu nzira. Aho ni ho ushobora guca gushira akaguru ku kandi ata nkomanzi.”​—Jordan.