URWARUKA RURIBAZA
Novyifatamwo gute hagize abantoteza kuri internet?
Ivyo ukwiye kumenya
Internet iratuma gutoteza abandi vyoroha. Igitabu kimwe (CyberSafe) kivuga ko internet “ituma mbere n’abana bari bameze neza baba babi kubera ko ata wuba ababona.”
Hariho abantu boroshe gutoteza. Aho harimwo abo usanga bakunda kwikumira, ababoneka ko batandukanye n’abandi canke abikengera.
Gutotezwa kuri internet biri n’ingaruka zikomeye. Biratuma umuntu yigunga, akarwara akabonge, rimwe na rimwe mbere bigatuma yiyahura.
Ico wokora
Ubwa mbere ho, niwibaze uti: ‘Koba ari agatotezo vy’ukuri?’ Rimwe na rimwe abantu baravuga amajambo ababaza batabikuye ku mutima. Rero igihe bishitse, turakwiye gukurikiza iyi mpanuro nziza Bibiliya itanga igira iti:
“Ntiwihute kubabara mu mutima wawe, kuko ukubabara ari kwo gucumbitse mu gikiriza c’ibijuju.”—Umusiguzi 7:9.
Ariko rero, igihe hari uwuduhohoteye n’ibigirankana, akadushira hasi canke akadutera ubwoba kuri internet, ako kaba ari agatotezo.
Nimba rero hari uwugutoteza kuri internet, niwibuke iki kintu: Ukuntu uvyifatamwo birashobora gutuma iyo ngorane ihera canke yunyuka. Niwisunge impanuro zikurikira:
Nuvyihoze. Bibiliya ivuga iti: “Uwo wese atangira amajambo yiwe aba afise koko ubumenyi, kandi umuntu w’ugutahura agira umutima utekanye.”—Imigani 17:27.
Igituma iyo mpanuro ari nziza: “Ahanini abatoteza abandi baba barondera kubasomborotsa kugira bashavure. Igihe rero ushavuye, uba ubateye intege.”—Vyanditswe na Nancy Willard mu gitabu Cyberbullying and Cyberthreats.
Iciyumviro nyamukuru: Hari igihe biba vyiza wihoreye.
Nturondere kwihora. Bibiliya ivuga iti: “[Ntimwishure] ikibi ku kindi canke igitutsi ku kindi.”—1 Petero 3:9.
Igituma iyo mpanuro ari nziza: “Ishavu ni ikimenyetso c’ubugoyagoye, kandi ushavuye uba wikwegeye abagutoteza.” Kwihora birashobora kandi gutuma uboneka ko ari wewe wikwegeye ako gatotezo.—Cyber-Safe Kids, Cyber-Savvy Teens.
Iciyumviro nyamukuru: Ntiwongere ikibi mu kindi.
Nugire ico ukoze. Bibiliya ivuga iti: “Ntureke ngo utsindwe n’ikibi.” (Abaroma 12:21) Hari ibintu wokora kugira uhagarike ako gatotezo utarinze kwunyura ibintu.
Nk’akarorero:
Nushire muri liste noire uwo muntu akurungikira ayo mamesaje. “Ivyo udasomye ntibishobora kukubabaza.”—Mean Behind the Screen.
Nubike ayo mamesaje yose, naho utoba wayasomye. Aho harimwo amamesaje arimwo ibitutsi, amamesaje ashobora guca anyika utayabitse, amafoto bashize ku ma réseaux sociaux, amajwi canke ibindi.
Nubwire uwugutoteza abihagarike. Numurungikire mesaje idakikiriza, nk’akarorero uti:
“Ntuzosubire kundungikira amamesaje!”
“Kurako ivyo bintu washizeko!”
“Udahagaritse ivyo bintu, nzomenya ico nkora kugira ubihagarike!”
Niwihagarareko. Niwibande ku vyo ushoboye, ntiwibande ku bugoyagoye ufise. (2 Abakorinto 11:6) Cokimwe n’abatoteza abandi imbonankubone, ababigira kuri internet na bo nyene bakarira abantu batihagararako.
Nubibwire umuntu akuze. Nuhere ku bavyeyi bawe. Urashobora no kubimenyesha abajejwe urubuga uwo muntu akoresha. Igihe bikomeye, mwe n’abavyeyi bawe murashobora kubimenyesha abayobozi b’ishure, igipolisi canke mugasaba impanuro abazi ivy’amategeko.
Iciyumviro nyamukuru: Hariho ibintu wokora kugira uhagarike ako gatotezo canke kugira ugabanye ingaruka kakugirako.