Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki kugira abavyeyi banje banyizigire?

Nokora iki kugira abavyeyi banje banyizigire?

 Ico ukwiye kumenya

 Urugero abavyeyi bagezako mu kukwizigira ruvana n’urugero ugezako mu kuba umwizigirwa. Kugamburuka amategeko abavyeyi bawe bagushingira bimeze nko kuriha ideni. Urafitiye abavyeyi bawe ideni ryo kubagamburukira kandi uko urushiriza kwerekana ko uri umwizigira mu kuriha iryo deni, ni ko barushiriza kuguha ingurane nini (ari wo mwidegemvyo). Ariko nutaba umwizigirwa, ntuze utangare ubonye batakikwizigira.

 Bifata igihe kugira abavyeyi bawe bakwizigire. Kugira abavyeyi bawe bakwongere umwidegemvyo bisaba ko babona yuko uri umuntu yitaho ibintu.

 IKINTU CABAYE KOKO: “Nkiri umuyabaga nari nzi neza ivyo abavyeyi banje bashaka ko nkora. Rero naca nigira nk’aho ari vyo ndiko ndakora ariko mu vy’ukuri nkikorera ivyo nshaka mu mpisho. Ivyo vyatumye abavyeyi banje batanyizigira. Nahavuye mbona ko ikintu cotuma ndonka umwidegemvyo ari kimwe gusa, na co kikaba ari ukuba imvugakuri. Utegerezwa kuba umwizigirwa kugira abandi bakwizigire.”​—Craig.

 Ico wokora

 Nuvugishe ukuri naho vyotuma ubabara. Twese turakora amakosa. Ariko kugerageza kuyahisha mu kuvuga ibinyoma (canke guhisha amakuru amwamwe kugira ukuri ntikuje ahabona) bizotuma abavyeyi bawe batakwizigira. Mugabo igihe weretse abavyeyi bawe yuko uri imvugakuri muri vyose, bituma babona ko uhumuye kubera wemanga amakosa yawe. Aho ni ho bashobora kukwizigira.

 “Igihe cose uzoba ukoze ikosa, ntuzoca utakaza ubwizigirwa, ariko igihe cose uzogerageza guhisha ikosa wakoze, uzoca ubutakaza.”​—Anna.

 Bibiliya ivuga iti: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”​—Abaheburayo 13:18.

  •   Zirikana kuri iki kintu: Igihe abavyeyi bawe bakubajije iyo ugiye n’ivyo ugiye gukora, woba ubabwiza ukuri? Canke igihe bakubajije iyo uvuye n’ivyo wariko urakora, woba ugerageza guhisha amakuru amwamwe bari gushima kumenya?

 Nube umuntu yitaho ibintu. Nugamburuke amategeko yose abavyeyi bashinga. Ivyo bagusavye gukora, nubikore udatebaganye. Ntucerwe ku masango uhabwa. Niwitwararike udukorwa two kw’ishure. Niwubahirize amasaha yo gutaha abavyeyi bagushingira.

 “Abavyeyi bawe nibakwemerera kuja kwiryohera uri kumwe n’abagenzi, bakakubwira ngo satatu z’ijoro uzobe watashe, hama ugaca witahira sayine n’inusu, ntuze witege ko ikindi gihe bazokwemerera.”​—Ryan.

 Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite.”​—Abagalatiya 6:5.

  •   Zirikana kuri iki kintu: Uzwi gute ku bijanye no kwubahiriza umwanya, gukora udukorwa ujejwe no kugamburuka amategeko bagushingira, harimwo n’ayo udakunda?

 Niwihangane. Nimba warakoze ikintu gituma abavyeyi bawe bareka kukwizigira, bizofata igihe kugira basubire kukwizigira. Rero, nurindire wihanganye.

 “Igihe nakwiza imyaka kanaka, narababaye kubona abavyeyi banje bataciye banyongera umwidegemvyo. Sinari nzi ko gukura mu myaka atari cokimwe no gukura mu bwenge. Narasavye abavyeyi banje ngo bampe uturyo two kwerekana ko ndi umwizigirwa. Vyarafashe igihe ariko vyaragenze neza. Narabonye ko igituma umuntu yizigirwa atari imyaka, ahubwo ni ibikorwa.”​—Rachel.

 Bibiliya ivuga iti: “Gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri.”​—2 Abakorinto 13:5.

  •   Zirikana kuri iki kintu: Kugira abavyeyi bakwizigire (canke basubire kukwizigira) ni ibiki wokora ngo ‘werekane ico uri’?

 IMPANURO: Niwishingire umugambi, haba mu bijanye no kudacerwa, guheza udukorwa ushingwa, kwubahiriza isaha yo gutaha canke mu bindi. Numenyeshe abavyeyi bawe imigambi wishingiye, kandi ubabaze ico wokora kugira bakwizigire. Nuce wihatira gushira mu ngiro iyi mpanuro yo muri Bibiliya igira iti: “Mukwiye kwambura wa muntu wa kera ahura n’ingeso zanyu za kera.” (Abanyefeso 4:22) Bukebuke, abavyeyi bawe bazobona ko hari ivyo waryohoye.