Zaburi 101:1-8
Ni zaburi ya Dawidi.
101 Nzoririmba urukundo rwawe n’ubutungane bwawe.
Ewe Yehova, nzokuririmbira amashemezo*.
2 Nzokwiyubara kandi ngume ndi intungane*.
None uzontabara ryari?
Nzogendera mu nzu yanje mfise umutima utunganye+.
3 Sinzoshira imbere y’amaso yanje ikintu na kimwe kitagira akamaro.
Ndanka ibikorwa vy’abantu batagororotse+.Sindavyerekwa na gato*.
4 Sinegera abantu b’umutima ugoramye.Sinzokwigera nemera* ikibi.
5 Umuntu abeshera mugenziwe mu mpisho+,ndamunumya*.
Umuntu yishira hejuru kandi yibona,sindamwihanganira.
6 Nzoraba ryiza abizigirwa bo kw’isi,kugira bibanire nanje.
Abantu b’intungane* ni bo bazonkorera.
7 Nta muntu w’indyarya azoba mu nzu yanje,kandi nta mubeshi azohagarara imbere yanje.
8 Buri gitondo nzonumya* ababisha bose bo kw’isi,kugira ndandure mu gisagara ca Yehova inkozi z’ikibi zose+.

