Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 6

Ingene twohitamwo uburyo bwo kwinezereza

Ingene twohitamwo uburyo bwo kwinezereza

“Mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.”​—1 ABAKORINTO 10:31.

1, 2. Kubera iki dukwiye kuba maso igihe duhitamwo uburyo bwo kwinezereza?

 DUFATE ko ugira usemure icamwa ariko ugaca ubona ko hariho ahantu kiboze. None woca ukora iki? Woca upfa kukirya uko nyene? Woca ugita? Canke woca ubozora ico gice kiboze maze ukarya igikomeye?

2 Ukwinezereza kwoshobora kugereranywa n’ico camwa. Uburyo bumwebumwe bwo kwinezereza usanga ata co butwaye, ariko bwinshi buraboze kuko burangwa n’ubuhumbu, ubukazi canke ivy’amashetani. None uhitamwo gute uburyo bwo kwinezereza? Woba upfa kwinezereza mu buryo ubwo ari bwo bwose? Woba ubona ko uburyo bwo kwinezereza bwose ari bubi? Canke urahitamwo witonze, ukirinda ubutabereye?

3. Ni igiki dukeneye kuzirikana igihe duhitamwo uburyo bwo kwinezereza?

3 Twese turakeneye kwinezereza, kandi turakwiye guhitamwo neza. Turakeneye rero kuzirikana ukuntu uburyo bwo kwinezereza duhitamwo bugira ico bukoze ku bucuti dufitaniye na Yehova.

“MUKORE VYOSE KU BW’UBUNINAHAZWA BW’IMANA”

4. Ni ingingo ngenderwako iyihe yodufasha guhitamwo neza uburyo bwo kwinezereza?

4 Igihe twiyeguriye Yehova, tuba tumusezeraniye ko tuzomukorera ubuzima bwacu bwose. (Soma Umusiguzi 5:4.) Tuba dusezeranye ko tuzokora “vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.” (1 Abakorinto 10:31) Ivyo bisobanura ko n’igihe tuba turiko turinezereza, tuguma twibuka ko twiyeguriye Yehova. Indagano yo kumwiyegurira ntikora gusa igihe turi mu makoraniro canke mu ndimiro.

5. Hasabwa iki kugira Yehova yemere ugusenga kwacu?

5 Ikintu cose dukora kiragira ingaruka ku bucuti dufitaniye na Yehova. Paulo yaravyerekanye igihe yavuga ati: “Mushikirize imibiri yanyu nk’ikimazi kizima, ceranda, cemerwa ku Mana.” (Abaroma 12:1) Yezu na we yavuze ati: “Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.” (Mariko 12:30) Twipfuza kwama duha Yehova ibintu vyiza kuruta ibindi dufise. Igihe Abisirayeli baba bashikaniye Yehova ikimazi, bategerezwa gushikana igitungwa kimeze neza. Ikimazi caba gifise agahonzi Imana ntiyacemera. (Abalewi 22:18-20) Muri ubwo buryo nyene, Yehova arashobora kutemera ugusenga kwacu. Uti gute?

6, 7. Ukuntu twinezereza bigira ingaruka izihe ku gusenga kwacu?

6 Yehova adutegeka ati: “Mutegerezwa kuba beranda, kuko jewe ndi mweranda.” (1 Petero 1:14-16; 2 Petero 3:11) Yehova yemera ugusenga kwacu igihe gusa kuba ari kweranda, ni ukuvuga kudahumanye. (Gusubira mu vyagezwe 15:21) Ugusenga kwacu ntigushobora kuba ukudahumanye igihe dukora ibintu Yehova yanka, nk’ubuhumbu, ubukazi canke ivy’amashetani. (Abaroma 6:12-14; 8:13) Ariko kandi Yehova ntiyohimbarwa igihe twokwinezereza dukoresheje mwene ivyo bintu. Ivyo vyotuma ugusenga kwacu kuba uguhumanye kandi ntikwemerwe na Yehova. Vyongeye, vyotuma ubucuti dufitaniye na we bwononekara cane.

7 None twoshobora gute guhitamwo neza uburyo bwo kwinezereza? Ni ingingo ngenderwako izihe zodufasha kumenya uburyo bwo kwinezereza bwemewe n’ubutemewe?

NIWANKE IKIBI

8, 9. Ni uburyo bwo kwinezereza ubuhe twirinda? Kubera iki?

8 Muri kino gihe, hari uburyo bwinshi cane bwo kwinezereza. Bumwe buremewe ku bakirisu, ariko ubundi bwinshi ntibwemewe. Reka tubanze turabe ubwo dukwiye kwirinda.

9 Amasinema, imihora ya internet, ibiganiro bica kuri televiziyo, udukino two kuri videwo n’imiziki myinshi usanga vyuzuyemwo ibintu vy’ubuhumbu, ubukazi n’amashetani. Akenshi ibintu bibi vyerekanwa nk’aho ata co bitwaye canke nk’aho ari ivyo gutwenza gusa. Ariko abakirisu baramirira kure uburyo bwo kwinezereza budahuye n’ingingo ngenderwako za Yehova zityoroye. (Ivyakozwe 15:28, 29; 1 Abakorinto 6:9, 10) Igihe tubwamiriye kure, tuba tweretse Yehova ko twanka ikibi.​—Zaburi 34:14; Abaroma 12:9.

10. Ni ingaruka izihe ziva ku guhitamwo ukwinezereza kutabereye?

10 Ariko hari abibaza ko kwinezereza kurimwo ivy’amashetani, ubukazi canke ubuhumbu ata co gutwaye. Bibwira bati: ‘Ikibi kiri hehe? Erega ndabiravye simba ndabikoze.’ Twiyumviriye gutyo twoba twihenze. Bibiliya ivuga iti: “Umutima ni umuhemu kuruta ikindi kintu cose kandi ni mubi cane.” (Yeremiya 17:9) Hamwe twokwinezereza dukoresheje ibintu Yehova atemera, wumva none twovuga ko tuvyanka? Uko tubikoresha mu kwinezereza, ni ko turushiriza kubona ko ari ibisanzwe. Bukebuke, ijwi ryacu ryo mu mutima rizogenda riragoyagoya maze ntirisubire kutuburira igihe tugira dufata ingingo itabereye.​—Zaburi 119:70; 1 Timoteyo 4:1, 2.

11. Ibivugwa mu Bagalatiya 6:7 vyodufasha gute guhitamwo neza uburyo bwo kwinezereza?

11 Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.” (Abagalatiya 6:7) Igihe umuntu yinezereza akoresheje ibintu bibi, amaherezo aruhira kubikora. Nk’akarorero, hari abaguye mu busambanyi kubera bahora binezereza bakoresheje ibintu birimwo ubuhumbu. Ariko Yehova aradufasha guhitamwo neza uburyo bwo kwinezereza.

NIWISUNGE BIBILIYA MU GUFATA INGINGO

12. Ni igiki kizodufasha gufata ingingo nziza mu bijanye no kwinezereza?

12 Hari uburyo bwo kwinezereza Bibiliya itomora neza ko Yehova atemera, kandi dutegerezwa kubwirinda. Ariko bite ho ku bwo idatomora neza? Yehova ntaduha urutonde rw’amategeko avuga ivyo dukwiye kuraba, kwumviriza canke gusoma. Ashaka ko dukoresha ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. (Soma Abagalatiya 6:5.) Araduha ingingo ngenderwako, ni ukuvuga ukuri kw’ishimikiro kudufasha kumenya uko abona ibintu. Izo ngingo ngenderwako ziradufasha kumenyereza ijwi ryacu ryo mu mutima. Ziradufasha kumenya “ukugomba kwa Yehova ukwo ari kwo” kugira dushobore gufata ingingo zimuhimbara.​—Abanyefeso 5:17.

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziradufasha guhitamwo neza uburyo bwo kwinezereza

13. Kubera iki abakirisu badahitamwo kwinezereza mu buryo bumwe? Ariko bose bakwiye kuyoborwa n’iki?

13 Abakirisu ntibama bahitamwo kwinezereza mu buryo bumwe. Kubera iki? Kubera ko twese tudakunda bimwe. Vyongeye, ico umwe abona ko ata co gitwaye, uwundi ashobora kubona ko kitabereye. Naho ari ukwo, kugira abakirisu bose bafate ingingo nziza, bategerezwa kuyoborwa n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (Abafilipi 1:9) Izo ngingo ngenderwako ziradufasha guhitamwo uburyo bwo kwinezereza bushimwa n’Imana.​—Zaburi 119:11, 129; 1 Petero 2:16.

14. (a) Ni igiki dukwiye kwitwararika ku bijanye n’umwanya? (b) Ni impanuro iyihe Paulo yahaye abakirisu?

14 Ikindi kintu dukwiye kwitwararika ni umwanya tumara turiko turisamaza. Uwo mwanya urerekana ivyo tubona ko bihambaye. Kubera ko turi abakirisu, umurimo turangurira Yehova ni wo uhambaye mu buzima bwacu. (Soma Matayo 6:33.) Ariko tutabiciye n’ikanda, twoshobora gusanga ivyo kwisamaza vyadutwaye umwanya wacu nka wose. Paulo yahanuye abakirisu ati: “Mugume muraba neza ukuntu mugenda, ntimugende nk’abatagira ubukerebutsi ariko mugende nk’abantu b’inkerebutsi, mwicungurira umwanya ubereye.” (Abanyefeso 5:15, 16) Turakwiye rero kwishingira umwanya ntarengwa twomara turiko turisamaza kandi tukama twiyemeza ko igikorwa turangurira Imana ari co dushira imbere mu buzima bwacu.​—Abafilipi 1:10.

15. Twokwirinda gute uburyo bwo kwinezereza bushobora kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova?

15 Biratomoye ko dutegerezwa kwamirira kure uburyo bwo kwinezereza Yehova atemera. Ariko bite ho ku bwo tutazi neza ko ari bwiza? Twoba na ho nyene dukeneye kwiyubara? Dufate ko uriko uraca ku kiraro. Woba wokwibanda ku mubari waco? Oya nawe nu! Nimba wikunda, uguma kure y’ahantu hateye akaga. Ni ko bimeze no ku bijanye n’uburyo bwo kwinezereza duhitamwo. Ijambo ry’Imana ritubwira riti: “Kura ikirenge cawe mu bibi.” (Imigani 4:25-27) Ku bw’ivyo, ntitwirinda gusa uburyo bwo kwinezereza tuzi ko ari bubi, ariko kandi turirinda n’ubwo twicura ko bwoba butabereye ku buryo bushobora kwonona ubucuti dufitaniye na Yehova.

NUBONE IBINTU NK’UKO YEHOVA ABIBONA

16. (a) Vuga ibintu bimwebimwe Yehova yanka. (b) Twerekana gute ko twanka ivyo Yehova yanka?

16 Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Yemwe abakunda Yehova, nimwanke ikibi.” (Zaburi 97:10) Bibiliya iratwereka uko Yehova yiyumvira n’uko abona ibintu. Nuzirikane ukuntu ivyo uriko uriga vyogufasha kubona ibintu nk’uko Yehova abibona. Nk’akarorero, Bibiliya iratubwira ko Yehova yanka “ururimi rw’ikinyoma n’amaboko asesa amaraso y’intungane, umutima urementanya imigambi mibi, [n’]ibirenge vyihutira kwirukira ikibi.” (Imigani 6:16-19) Iratubwira kandi ko dutegerezwa kwirinda “ubusambanyi, . . . ugusenga ibigirwamana, gukora ivy’ubupfumu, . . . ishari, ukwiguburiza kw’ishavu, . . . inzigo, ukunywera akaborerwe, ukwidagadura, n’ibintu nk’ivyo.” (Abagalatiya 5:19-21) Woba ubona ukuntu izo ngingo ngenderwako zogufasha guhitamwo uburyo bwo kwinezereza? Twipfuza kwisunga ingingo ngenderwako za Yehova mu mice yose y’ubuzima bwacu, twaba turi kumwe n’abandi canke turi twenyene. (2 Abakorinto 3:18) Kanatsinda, amahitamwo tugira igihe turi twenyene arahishura ico turi koko.​—Zaburi 11:4; 16:8.

17. Ni ibibazo ibihe dukwiye kwibaza igihe duhitamwo uburyo bwo kwinezereza?

17 Igihe rero uhitamwo uburyo bwo kwinezereza, niwibaze uti: ‘Bizogira ingaruka izihe ku bucuti mfitaniye na Yehova? Bizogira ingaruka izihe kw’ijwi ryanje ryo mu mutima?’ Reka turabe izindi ngingo ngenderwako zodufasha guhitamwo uburyo twinezereza.

18, 19. (a) Ni impanuro iyihe Paulo yahaye abakirisu? (b) Ni ingingo ngenderwako izihe zodufasha guhitamwo uburyo bwo kwinezereza?

18 Igihe duhisemwo uburyo bwo kwinezereza, tuba duhisemwo ivyo tugaburira ubwenge bwacu. Paulo yanditse ati: “Ivy’ukuri vyose, ibihambaye vyose, ibigororotse vyose, ibitanduye vyose, ivyo gukundwa vyose, ibivugwa neza vyose, nimba hari ingeso nziza zose be n’ikibereye gushimagizwa cose, bibe ari vyo mubandanya kwiyumvira.” (Abafilipi 4:8) Igihe tugaburira ubwenge bwacu ibintu vyiza nk’ivyo, twoshobora kuvuga duti: “Amajambo y’akanwa kanje be n’ukuzirikana kw’umutima wanje nibibe ibihimbaye imbere yawe, ewe Yehova.”​—Zaburi 19:14.

19 Niwibaze uti: “Ni ibiki ngaburira ubwenge bwanje? Iyo mpejeje kuraba isinema kanaka, mu bwenge hoba hasigara ivyiyumviro vyiza? Noba numva mfise amahoro n’ijwi ryo mu mutima ryiza? (Abanyefeso 5:5; 1 Timoteyo 1:5, 19) Vyoba binyorohera gusenga Yehova? Canke nca numva mbuze amahoro? Ivyo naravye vyoba bituma niyumvira ibintu vy’ubukazi canke vy’ubuhumbu? (Matayo 12:33; Mariko 7:20-23) Uburyo bwo kwisamaza mpitamwo bwoba butuma ‘nshushanywa n’ivy’iki gihe’?” (Abaroma 12:2) Kwishura ivyo bibazo tutibesha birashobora kudufasha kubona ico twokora kugira ubucuti dufitaniye na Yehova bugume bukomeye. Cokimwe n’umwanditsi wa Zaburi, turasaba Yehova duti: “Nutume amaso yanje arengana ntabone ibitagira akamaro.” *​—Zaburi 119:37.

INGINGO DUFATA ZIRAGIRA INGARUKA KU BANDI

20, 21. Kubera iki dukwiye kwitwararika abandi igihe duhitamwo uburyo bwo kwinezereza?

20 Iyindi ngingo ngenderwako ihambaye twogumiza ku muzirikanyi ni iyi: “Vyose biremerwa, mugabo si vyose vyubaka. Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi.” (1 Abakorinto 10:23, 24) Ibintu vyose dufitiye uburenganzira si ngombwa ngo duce tubikora. Turakwiye kuzirikana twitonze ukuntu ingingo dufata zigira ingaruka ku bavukanyi bacu.

21 Amajwi yacu yo mu mutima ntakora kumwe. Nk’akarorero, ijwi ryawe ryo mu mutima ryoshobora kukurekurira kuraba ikiganiro kinaka co kuri televiziyo. Ariko woshobora gusanga ico kiganiro nyene gitsitaza umuvukanyi wawe. None woca ukora iki? Naho ufise uburenganzira bwo kukiraba, woshobora guhitamwo kutakiraba. Uti kubera iki? Kubera ko udashaka ‘gucumura kuri bene wanyu,’ canke mbere ‘gucumura kuri Kristu.’ (1 Abakorinto 8:12) Ntitwipfuza gukora ikintu na kimwe cotsitaza abakirisu bagenzi bacu.​—Abaroma 14:1; 15:1; 1 Abakorinto 10:32.

22. Twokwirinda gute kurenza urugero mu buryo tubona ingingo abandi bakirisu bafata?

22 Bite ho igihe ijwi ryawe ryo mu mutima ritakwemerera kuraba, gusoma canke gukora ikintu uwundi muvukanyi abona ko ata co gitwaye? Kubera ko umukunda kandi ukamwubaha, ntiwomuhata ngo ahitemwo nk’ivyo wewe uhitamwo. Umushoferi arazi yuko abandi bashoferi bashobora kugenda buhorobuhoro canke kunyaruka kumusumvya, kandi bakaguma ari abashoferi beza. Muri ubwo buryo nyene, wewe n’umuvukanyi wawe mwese murashobora kuba mwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ariko mukaba mutandukanye gatoyi mu kuntu mubona uburyo bwo kwinezereza bwemewe.​—Umusiguzi 7:16; Abafilipi 4:5.

23. Ni igiki kizodufasha guhitamwo neza uburyo bwo kwinezereza?

23 None ni igiki kizodufasha guhitamwo neza uburyo bwo kwinezereza? Nitwakoresha ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya kandi tukitwararika abavukanyi bacu, tuzoshobora guhitamwo neza. Gutyo, tuzohimbarwa no kuba turiko turakora “vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana.”

^ Izindi ngingo ngenderwako zodufasha guhitamwo uburyo bwo kwinezereza turazisanga mu Migani 3:31; 13:20; Abanyefeso 5:3, 4; Abakolosayi 3:5, 8, 20.