Nugume mu rukundo rw’Imana

Bibiliya iratwigisha ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu zidufasha kuguma mu rukundo rw’Imana.

Ikete rivuye ku Nama Nyobozi

Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova iraremesheje abo bose bakunda Yehova Imana ngo babeho bisunga ukuri kuri mw’Ijambo ryayo Bibiliya.

IKIGABANE CA 1

Urukundo rw’Imana rwamaho

Bisaba akigoro kugira ngo ubucuti dufitaniye n’Imana bugume bukomeye. Ivyo twobishobora gute?

IKIGABANE CA 2

Nugire ijwi ryo mu mutima ryiza

Umwe wese Imana yaramuhaye ikintu kimuyobora mu buzima.

IKIGABANE CA 3

Nuhitemwo abagenzi bakunda Imana

Abagenzi bacu barashobora kutugirako akosho keza canke kabi. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zodufasha gute guhitamwo abagenzi beza?

IKIGABANE CA 4

Kubera iki twokwubaha ubukuru?

Turafise imvo yo kwubaha ubukuru mu muryango, mw’ishengero no mu kibano.

IKIGABANE CA 5

Ingene twoguma twitandukanije n’isi

Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: ‘Ntimuri ab’isi.’ None iyo “si” ni iki, kandi kubera iki abakirisu bakwiye kuguma bitandukanije na yo?

IKIGABANE CA 6

Ingene twohitamwo uburyo bwo kwinezereza

Kwinezereza kw’ino si kumeze nk’icamwa kiriko agace kaboze. Ni igiki kizogufasha guhitamwo uburyo bwiza bwo kwinezereza no kwirinda uburyo bubi?

IKIGABANE CA 7

Woba uha agaciro ubuzima nk’uko Imana ibigira?

Ni ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya izihe zidufasha gufata ingingo nziza ku bijanye n’ubuzima n’amaraso?

IKIGABANE CA 8

Yehova ashaka ko tuba abadahumanye

Ingingo ngenderwako z’Imana zijanye n’ukudahumana ntiziraba gusa umubiri wacu, ivyambarwa vyacu n’inzu zacu. Ziraraba n’ugusenga kwacu, ukuntu twigenza hamwe n’ivyo twiyumvira.

IKIGABANE CA 9

“Nimuhunge ubusambanyi”

Ubusambanyi ni iki, kandi twobuhunga gute?

IKIGABANE CA 10

Umubano w’ababiranye ni ingabire iva ku Mana

Ni ivyiza ibihe biva ku kwubaka urwawe? Ni igiki cogufasha guhitamwo neza uwo muzokwubakana? Ni igiki cotuma umubano urama?

IKIGABANE CA 11

Inyuma y’umusi w’ubugeni

Nta mubano uburamwo ingorane. Mbere n’abubakanye bafise ingorane zikomeye barashobora kuzitorera umuti maze ingo zabo zikarushiriza gukomera.

IKIGABANE CA 12

Tuvuge amajambo ‘meza yubaka’

Amajambo arashobora kwubaka canke gusambura. Yehova aratwigisha ingene twokoresha neza ingabire yo kuvuga.

IKIGABANE CA 13

Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?

Imisi mikuru usanga ifise ikibanza gikomeye mu buzima bw’abantu. Ni ibiki vyodufasha kumenya ukuntu Yehova ayibona?

IKIGABANE CA 14

Nube imvugakuri muri vyose

Raba imice ine yo mu buzima aho usanga bitatworohera kuba imvugakuri be n’ivyiza twironkera igihe dutsinze urwo rugamba.

IKIGABANE CA 15

Nukunde ibikorwa

Umuremyi wacu ashaka ko duhimbarirwa akazi dukora. Ni igiki none codufasha guhimbarirwa akazi dukora? Hoba hariho ubuzi abakirisu badakwiye gukora?

IKIGABANE CA 16

Nurwanye Shetani

Tuba mw’isi itwarwa na Shetani. Ni gute twoguma twiyegereje Imana, gutyo tukaba twikingiye uwo mwansi wayo?

IKIGABANE CA 17

Nugume mu rukundo rw’Imana

Umwe mu banditsi ba Bibiliya yaremesheje abakirisu ati: ‘Mwiyubake ku kwizera kwanyu kweranda rwose.’ None ivyo wobigira gute?

Utujambo two ku mpera

Insobanuro y’amajambo n’imvugo zikoreshwa mu gitabu Nugume mu rukundo rw’Imana.