Guharura 25:1-18

  • Abisirayeli bacumura mu gusambana n’Abanyamowabukazi (1-5)

  • Finehasi ahaseruka (6-18)

25  Igihe Abisirayeli baba i Shitimu+, baratanguye gusambana n’abagore b’i Mowabu+.  Abo bagore barabatumiye ngo basangire ibimazi bashikaniye imana zabo+, na bo batangura kurya no kwunamira izo mana+.  Nuko Abisirayeli bifatanya na bo mu gusenga Bayali y’i Peyori+, Yehova aca arabashavurira cane.  Yehova aca abwira Musa ati: «Fata abakuru b’abo bantu ubice hanyuma ubamanike imbere yanje jewe Yehova izuba riva, kugira ishavu rya Yehova rive ku Bisirayeli.»  Musa aca abwira abacamanza ba Isirayeli ati+: «Umwe wese niyice abagabo atwara bagiye gusenga* Bayali y’i Peyori+  Ubwo nyene haca haza Umwisirayeli azanye umugore w’Umumidiyani mw’ikambi+, Musa n’ishengero ryose ry’Abisirayeli babona. Bariko bararira bari ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro.  Finehasi+ umuhungu wa Eleyazari, Eleyazari umuhungu wa Aroni umuherezi abibonye, aca ava mw’ishengero ry’Abisirayeli atora icumu.  Aca akurikira uwo mugabo w’Umwisirayeli mw’ihema, arabatobekeranya bose, uwo mugabo n’uwo mugore, acishije mu bihimba vy’irondoka vy’uwo mugore. Ikiza cari ku Bisirayeli gica kirahagarara+.  Abishwe n’ico kiza bari 24.000+. 10  Yehova aca abwira Musa ati: 11  «Finehasi+ umuhungu wa Eleyazari, Eleyazari umuhungu wa Aroni umuherezi, yasubije inyuma uburake mfitiye Abisirayeli, kuko atihanganiye na gato abampemukira+. Ni co gituma ntatikije Abisirayeli, naho nsaba gusengwa* jenyene+. 12  Ku bw’ivyo rero, mubwire ko ngiranye isezerano ry’amahoro na we. 13  Ni isezerano ry’ubuherezi bwamaho kuri we n’uruvyaro rwiwe+, kuko atihanganiye abahemukira Imana yiwe+ akongera agatangira impongano Abisirayeli.» 14  Uwo Mwisirayeli yishwe ari kumwe n’Umumidiyanikazi, yitwa Zimuri umuhungu wa Salu, umukuru w’umugwi ugizwe n’imiryango ikomoka kuri Simeyoni. 15  Uwo Mumidiyanikazi yishwe na we yitwa Kozibi, umukobwa wa Zuri+. Zuri yari umukuru w’umugwi ugizwe n’imiryango yakomokamwo i Midiyani+. 16  Mu nyuma Yehova abwira Musa ati: 17  «Nimutoteze Abamidiyani mubice+, 18  kuko babakwegeye ivyago mu kubahenda, bigatuma mucumura i Peyori+. Baraboheje muracumura biciye kuri mushiki wabo Kozibi, umukobwa w’umukuru w’i Midiyani, umwe bica+ kuri wa musi mwatezwa ikiza kubera ivyabereye i Peyori+

Utujambo tw'epfo

Canke «bagiye kwifatanya.»
Canke «kwiheberwa.»