Guharura 23:1-30

  • Ijambo rya mbere rya Balamu (1-12)

  • Ijambo rya kabiri rya Balamu (13-30)

23  Balamu aca abwira Balaki ati: «Nyubakira ng’aha ibicaniro indwi+, untegurire impfizi z’inka indwi n’impfizi z’intama indwi.»  Ubwo nyene Balaki aca akora ivyo Balamu amubwiye. Hanyuma Balaki na Balamu bashikana impfizi yʼinka n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose+.  Balamu aca abwira Balaki ati: «Sigara ng’aho iruhande y’ishikanwa riturirwa ryawe, jewe ngiye harya hirya gatoyi. Hari aho Yehova yombonekera. Ico ambwira cose ndakikumenyesha.» Aca ava ng’aho agenda hejuru ku gasozi.  Hanyuma Imana ibonekera Balamu+, na we ayibwira ati: «Natondetse ibicaniro indwi, kandi nashikanye impfizi y’inka n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose.»  Yehova aca ategeka Balamu+ ivyo akwiye kuvuga*, maze amubwira ati: «Subira kwa Balaki, kandi ivyo abe ari vyo umubwira.»  Aca asubira inyuma, asanga Balaki n’abaganwa b’i Mowabu bose bahagaze iruhande y’ishikanwa riturirwa ryiwe.  Maze Balamu avuga ati+: «Balaki umwami wa Mowabu yankuye i Aramu+,mu misozi yo mu buseruko, maze ambwira ati: “Ingo umvumire Yakobo. Emwe, ingo untukire Isirayeli+.”   Nokwubahuka gute kuvuma abo Imana itavumye? Nokwubahuka gute gutuka abo Yehova atatutse+?   Ndababona ndi hejuru ku bitandara,nkabitegereza ndi hejuru ku mitumba. Ni umugwi w’abantu uri ukwa wonyene+,baritandukanije n’ayandi mahanga+. 10  Ni nde yoharura udutete tw’umukungugu wa Yakobo+,canke yoharura n’ica kane ca Isirayeli? Icompa nkipfira urupfu rw’abagororotsi,iherezo ryanje rikamera nk’iryabo.» 11  Balaki aca abwira Balamu ati: «Ivyo unkoreye ni ibiki? Nakuzanye kugira umvumire abansi, ariko raba wishinga kubahezagira+ 12  Na we amwishura ati: «None ivyo Yehova antegetse si vyo mvuga+ 13  Balaki aca amubwira ati: «Ndakwinginze uze tujane ahandi ushobora kubabona. Uza kubona igice cabo gusa, ntubabona bose. Uheze ubamvumire uri ng’aho+ 14  Aca amujana mu murima wa Zofimu, hejuru ku musozi wa Pisiga+. Araheza yubaka ibicaniro indwi, maze ashikana impfizi y’inka n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose+. 15  Balamu rero abwira Balaki ati: «Sigara ng’aho iruhande y’ishikanwa riturirwa ryawe, jewe ngiye harya hirya kuvugana n’Imana.» 16  Yehova aca abonekera Balamu, amutegeka ivyo aza kuvuga+. Hanyuma amubwira ati: «Subira kwa Balaki, kandi ivyo abe ari vyo umubwira.» 17  Aca asubira kwa Balaki, asanga amurindiririye hafi y’ishikanwa riturirwa ryiwe, ari kumwe n’abaganwa b’i Mowabu. Balaki aca amubaza ati: «Yehova yakubwiye iki?» 18  Na we amwishura ati+: «Haguruka Balaki wumvirize, nyumviriza wa muhungu wa Zipori! 19  Imana si umuntu ngo ibeshe+,canke umwana w’umuntu ngo ihindure ivyiyumviro*+. Iyo ivuze ikintu, mbega ntigikora? Iyo isezeranye ikintu, mbega ntigishitsa+? 20  Raba, nazanywe no guhezagira,ko rero yamaze kubahezagira+, sinshobora kuyivuguruza+. 21  Ntiyihanganira ivyogirira nabi* Yakobo,ntiyemera ko Isirayeli ashikirwa n’ivyago. Yehova Imana yabo* ari kumwe na bo+,kandi barasamiriza impundu ko ari umwami wabo. 22  Imana ibakuye mu Misiri+. Imeze nk’amahembe y’ishuri yo mw’ishamba* kuri bo+. 23  Nta kuragura kwogirira nabi Yakobo+,nta bupfumu bwogirira nabi Isirayeli+. Ku vyerekeye Yakobo na Isirayeli, umuntu yoshobora kuvuga ati: “Raba ibitangaza Imana yakoze!” 24  Iryo hanga rizohaguruka nk’intambwe,ryiduze nka kurya kw’intambwe+. Rizomera nk’intambwe itaryama itariye ico yafashe,canke itanyoye amaraso y’ibikoko yishe.» 25  Balaki aca abwira Balamu ati: «Nimba udashoboye kubavuma, pfuma ureka no kubahezagira.» 26  Balamu amwishura ati: «Sinakubwiye none ko nza gukora ivyo Yehova avuze vyose+ 27  Balaki yongera kubwira Balamu ati: «Ingo basi tuje ahandi hantu. Hari aho Imana y’ukuri yokwemerera kubamvumira+ 28  Balaki aca ajana Balamu hejuru ku musozi Peyori, aharabana n’i Yeshimoni*+. 29  Balamu araheza abwira Balaki ati: «Nyubakira ng’aha ibicaniro indwi, untegurire impfizi z’inka indwi n’impfizi z’intama indwi+ 30  Balaki aca akora ivyo Balamu amubwiye, ashikana impfizi y’inka n’impfizi y’intama ku gicaniro kimwekimwe cose.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «aca ashira iri jambo mu kanwa ka Balamu.»
Canke «ngo yicuze.»
Canke «amageza yo kugirira nabi.»
Mu giheburayo havuga ngo «Imana yiwe.»
Gishobora kuba cari igikoko kigomba kumera nk’imbogo. Raba Insiguro y’amajambo.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «aharabana n’ubugaragwa», «aharabana n’agahinga.»