Guharura 19:1-22

  • Inka y’ibara ry’akagajo hamwe n’amazi yo guhumanura (1-22)

19  Yehova yongera kubwira Musa na Aroni ati:  «Iri ni ryo tegeko jewe Yehova ntanze: “Bwira Abisirayeli bakuzanire inka y’ibara ry’akagajo itagira akanenge+ kandi batarikoreza umutwaro*.  Muzoyiha Eleyazari umuherezi, na we ace ayijana hanze y’ikambi hanyuma ibagirwe imbere yiwe.  Eleyazari umuherezi azoca atora makeyi ku maraso yayo akoresheje urutoke, ayamijagire incuro indwi ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro+.  Iyo nka bazoca bayiturira abona. Urushato rwayo, inyama zayo, amaraso yayo n’amayezi yayo vyose bizoturirwa+.  Umuherezi azoca atora igiti c’isederi, uduti twa ezobu n’igitambara gisa n’agahama, abiterere mu muriro uriko uraturira iyo nka.  Azoheza amese impuzu ziwe hanyuma yiyoge, abone kwinjira mw’ikambi. Ariko azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba.  Uwaturiye iyo nka na we nyene azomesa impuzu ziwe, yiyoge hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba.  Umugabo adahumanye azokwegeranya umunyota w’iyo nka+, awutware inyuma y’ikambi mu kibanza kidahumanye. Ishengero ry’Abisirayeli rizoca riwubika kugira baze barawuvanga n’amazi bakoresha mu guhumanura+. Ni ishikanwa ry’igicumuro. 10  Uwegeranije umunyota w’iyo nka azomesa impuzu ziwe, hanyuma abe uwuhumanye gushika ku mugoroba. Iryo ni itegeko ryamaho ku Bisirayeli no ku munyamahanga aba muri bo+. 11  Umuntu wese akoze ku kiziga c’umuntu azomara imisi indwi ahumanye+. 12  Uwo muntu azokwihumanuza ayo mazi ku musi ugira gatatu, aheze abe uwudahumanye ku musi ugira indwi. Ariko natihumanura ku musi ugira gatatu, ntazoba uwudahumanye ku musi ugira indwi. 13  Umuntu wese akoze ku kiziga ariko ntiyihumanure, azoba ahumanije ihema ryeranda rya Yehova+ kandi ategerezwa kwicwa*+. Azoguma ahumanye kuko atazoba yamijagiwe amazi bakoresha mu guhumanura+. Ubuhumane bwiwe buzomugumako. 14  Iri ni ryo tegeko rijanye n’umuntu apfiriye mw’ihema: umuntu wese yinjiye muri iryo hema canke uwari asanzwe ari muri ryo, azomara imisi indwi ahumanye. 15  Igikoresho cose gipfunduruye, kitariko umufuniko uboshe n’umugozi, kizoba gihumanye+. 16  Umuntu wese ari mu gahinga azokora ku muntu yicishijwe inkota, ku kiziga, ku magufa y’uwapfuye canke ku mva, azomara imisi indwi ahumanye+. 17  Kugira bahumanure uwo muntu, bazoshira mu gikoresho umunyota mukeyi uvuye kuri rya shikanwa ry’igicumuro baturira, hanyuma bawusukemwo amazi bavomye ku mugezi. 18  Umugabo adahumanye+ azoca atora uduti twa ezobu, atujobeke muri ayo mazi aheze ayamijagire kuri iryo hema, ku bikoresho vyose, ku bantu bari ng’aho no kuri uwo muntu yakoze ku magufa y’uwapfuye, ku wishwe n’inkota, ku kiziga canke ku mva. 19  Uwo mugabo adahumanye azoyamijagira kuri uwo muntu ahumanye ku musi ugira gatatu no ku musi ugira indwi, aheze amutyorore igicumuro ciwe ku musi ugira indwi+. Uwo muntu ahumanye azoca amesa impuzu ziwe, yiyoge aheze abe uwudahumanye ku mugoroba. 20  Ariko umuntu niyaba ahumanye mugabo ntiyihumanure, abwirizwa kwicwa*+ kuko azoba yahumanije ahantu heranda ha Yehova. Azoba ahumanye kuko atazoba yamijagiwe amazi bakoresha mu guhumanura. 21  Iri ni itegeko ryamaho kuri bo: uwumijagiye amazi bakoresha mu guhumanura+ ategerezwa kumesa impuzu ziwe, kandi uwukoze kuri ayo mazi azoba uwuhumanye gushika ku mugoroba. 22  Ikintu cose uwo muntu ahumanye akozeko kizoca kiba igihumanye, kandi uwukoze kuri ico kintu azoca aba uwuhumanye gushika ku mugoroba+.”»

Utujambo tw'epfo

Canke «batarambika ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Canke «kurandurwa mu Bisirayeli.»
Canke «abwirizwa kurandurwa mw’ishengero.»