Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 NIWIGANE UKWIZERA KWABO | MARIYA

Yarihanganiye ugusogotwa n’inkota

Yarihanganiye ugusogotwa n’inkota

MARIYA yari apfukamye, afise umubabaro utovugwa. Yari acumva mu bwenge ukuboroga kwa nyuma kw’umwana wiwe igihe yacikana amaze amasaha n’amasaha ababazwa. Ijuru ryari ryacuze umwiza isaha zitandatu. Isi yaciye inyiganyiga bimwe bikomeye. (Matayo 27:45, 51) Mariya ashobora kuba yaciye abona ko Yehova ubwiwe yariko yereka isi ko yababajwe cane n’urupfu rwa Yezu Kristu kuruta uwundi muntu wese.

Mu gihe umuco wo ku muhingamo wariko urirukana umwijima wari wapfutse aho i Gologota ni ukuvuga Ahantu h’Agahanga, Mariya yariko araririra umwana wiwe. (Yohani 19:17, 25) Ashobora kuba yaciye yibuka vyinshi. Kimwe muri ivyo ni icari kimaze imyaka nka 33 kibaye. Igihe we na Yozefu bari bahejeje gushikiriza Imana ku rusengero i Yeruzalemu uruyoya rwabo bikundira, umutama Simeyoni yaravuze ubuhanuzi ahumekewe n’Imana. Yaravuze ibintu bikomeye vyerekeye Yezu vyobaye, ariko yongerako yuko umusi umwe Mariya yokwumvise ari nk’aho ariko arasogotwa n’inkota ndende. (Luka 2:25-35) Muri ico gihe c’urupfu rw’umwana wiwe ni ho rero yaza yatahura neza ayo majambo.

Mariya yarasogoswe n’intuntu mu mutima

Bivugwa ko kubura ikibondo cawe ari kwo kubura kugoye kandi kubabaza kuruta ukundi kwose kwoshikira umuntu. Urupfu ni umwansi ateye ubwoba kandi atubabaza twese mu buryo butandukanye. (Abaroma 5:12; 1 Abakorinto 15:26) Vyoba bishoboka ko twihanganira uwo mubabaro ruduteza? Uko turimbura ubuzima bwa Mariya kuva mu ntango y’igikorwa ca Yezu gushika ku rupfu rwiwe ndetse n’inyuma yaho gato, turiga vyinshi ku bijanye n’ukwizera kwafashije Mariya kwihanganira intuntu yamusogota nk’inkota.

“ICO ABABWIRA COSE, MUGIKORE”

Reka dusubize amaso inyuma turabe ivyari bimaze imyaka itatu n’inusu bibaye. Mariya yaricura ko hari ikintu kigira gihinduke. Mbere no mu gasagara gatoyi ka Nazareti, abantu baravuga ibijanye na Yohani Umubatizi be n’ubutumwa bwiwe bukora ku mutima bwo kwigaya. Mariya yarabona ko imfura yiwe ifata ayo makuru nk’ikimenyetso c’uko hageze ko igenda gutangura igikorwa. (Matayo 3:1, 13) Yezu avuye muhira vyari gutuma haba ihinduka ridasanzwe mu buzima bwa Mariya n’abo mu nzu yiwe. Uti kubera iki?

Yozefu umugabo wa Mariya ashobora kuba yari yarapfuye. Ivyo vyoca rero vyerekana ko Mariya atari bwo bwa mbere yari abuze. * Yezu ntiyari acitwa gusa “umuhungu wa wa mubaji” ariko yitwa kandi “umubaji.” Biboneka ko Yezu yari yafashe umwuga wa se kandi yari asigaye ari we atunze umuryango, uwarimwo n’imiburiburi barumunawe batandatu. (Matayo 13:55, 56; Mariko 6:3) Naho nyene Yezu yoba yaramenyereje uwo mwuga Yakobo, uwo bishoboka ko yari mukuru kuri barumunawe, ntivyari kworohera uwo muryango mu gihe imfura yobaye yaragiye. Mariya we yari asanzwe yikoreye umutwaro uremereye. Yoba none yaratewe ubwoba n’iryo hinduka? Nta co tubiziko. Ariko rero ikibazo gihambaye ni iki: Yovyifashemwo gute Yezu w’i Nazareti acitse Yezu Kristu, ari we Mesiya yari amaze igihe kinini asezeranywe? Inkuru imwe yo muri Bibiliya  iragira ico iduhishuriye ku bijanye n’ico kintu.Yohani 2:1-12.

Yezu yaragiye kwa Yohani kugira abatizwe, aca acika Uwarobanuwe n’Imana, ni ukuvuga Mesiya. (Luka 3:21, 22) Yaciye atangura gucagura abigishwa biwe. Naho igikorwa ciwe cihutirwa, yarafata akanya ko kuza aranezeranwa n’umuryango be n’abagenzi. Yarajanye na nyina wiwe, abigishwa biwe be na bene wabo ku nzimano y’ubugeni i Kana, bikaba biboneka ko cari igisagara kiri ku gasozi nko ku bilometero 13 uvuye i Nazareti. Mu kiringo c’urwo rubanza, Mariya yarabonye ko hariho ingorane. Kumbure yarabonye bamwebamwe mu bagize umuryango w’abo bageni bariko barabana mu maso bavugana mu bwongoshwe, umutima uri mu kirere. Umuvinyu wari wabaheranye! Mu mico yabo, ukwo kubura ico bazimana abashitsi vyari guteza isoni umuryango, bigatoba urwo rubanza. Mariya yarabumviye akagongwe, aca yitura Yezu.

Yabwiye umuhungu wiwe ati: “Nta muvinyu bafise.” None yari yiteze ko Yezu akora iki? Nta vyo tuzi neza, ariko yari azi ko umuhungu wiwe ari umuntu ahambaye yokoze ibintu bikomeye. Kumbure yari yizigiye ko Yezu yociye atangurira aho nyene. Ni nk’aho yariko aramubwira ati: “Mwana, ndakwinginze ugire ico ukoze!” Inyishu Yezu yamuhaye ibwirizwa kuba yaramutangaje. Yezu yavuze ati: “Mpuriye ku ki nawe, ga mugore?” Hari abiyumvira ko ayo majambo Yezu yavuze atarimwo urupfasoni, ariko si ko biri. Mu rurimi Bibiliya yanditswemwo mu ntango, ayo majambo yerekana ko umuntu adashigikiye ivyo uwundi avuze. Yezu rero yariko abogora nyina mu bwitonzi. Yariko aramwibutsa ko mu vy’ukuri atari akwiye kumubwira ingene yorangura igikorwa ciwe. Iryo ryari ibanga rya Se wiwe Yehova.

Mariya yaremeye gukosorwa n’umwana wiwe, kubera ko yari umugore atahura kandi yicisha bugufi. Yaciye yegera abasereva mu rubanza, ababwira gusa ati: “Ico ababwira cose, mugikore.” Mariya yarabonye ko bitari bikiri ivyiwe guha ubuyobozi umwana wiwe. Ahubwo riho, we hamwe n’abandi babwirizwa kwisunga ubuyobozi Yezu abaha. Yezu na we yarerekanye ko yumviye impuhwe abageni nka nyina wiwe. Yaciye akora igitangaro ca mbere, ahindura amazi umuvinyu uryoshe. Ivyo vyavuyemwo iki? Dusoma duti: “Abigishwa biwe . . . baramwizera.” Mariya na we nyene yarizeye Yezu. Yamubonye nk’Umukama n’Umukiza wiwe aho kumubona gusa nk’umwana wiwe.

Muri iki gihe, abavyeyi barashobora kwigira vyinshi ku kwizera kwa Mariya. Ego ni ko, nta wundi arigera arera umwana atunganye nka Yezu. Ariko rero igihe umwana akuze, iryo hinduka ryoshobora kutoroha. Hari aho umuvyeyi yobandanya gufata umuhungu canke umukobwa wiwe nk’umwana kandi kumbure bitakibereye. (1 Abakorinto 13:11) None umuvyeyi yofata gute abana biwe bakuze? Uburyo bumwe ni ukwereka umuhungu canke umukobwa wawe w’umwizigirwa yuko wizeye vy’ukuri ko azobandanya yisunga inyigisho zo muri Bibiliya maze bitume Yehova amuhezagira. Igihe umuvyeyi yicishije bugufi akereka abana biwe bakuze ko abizigiye, vyoshobora kubafasha cane. Nta gukeka ko Yezu yashimye cane ingene Mariya yamushigikiye mu myaka yakurikiye yabayemwo ibintu vyinshi.

“BENE WABO NTIBARI BAMWIZEYE”

Nta vyinshi Injili zitubwira ku vyerekeye Mariya mu kiringo c’imyaka itatu n’igice y’igikorwa ca Yezu. Ariko rero, twibuke ko ashobora kuba yari umupfakazi, akaba kandi yari yireranye abana, kumbure hakaba hari hakiriho abari mu rugo bakiri bato. Nimba atari ashoboye gukurikira Yezu uko yaja kuvuga inkuru nziza hirya no hino mu gihugu iwabo, ni ikintu gitahurika cane. (1 Timoteyo 5:8) Naho ari ukwo, yarabandanije kuzirikana ku bintu yari yarize  vyerekeye Mesiya no kwitaba amakoraniro mw’isinagogi yo mu karere iwabo nk’uko umuryango wiwe wari usanzwe ubigira.Luka 2:19, 51; 4:16.

Birashoboka rero ko Mariya yari mu bariko barumviriza igihe Yezu yafata ijambo mw’isinagogi y’i Nazareti. Ese ingene yahimbawe no kwumva umwana wiwe atangaza ko ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwari bumaze ibinjana, ico gihe bwari burangukiye kuri Yezu! Ariko rero, bitegerezwa kuba vyaramubabaje cane kubona Abanyanazareti bagenziwe batizeye umwana wiwe. Baranagerageje kumwica.Luka 4:17-30.

Ikindi camubabaje cane ni ukuntu abandi bahungu biwe bakiriye ivyo Yezu yigisha. Muri Yohani 7:5 havuga ko bene wabo na Yezu bane batari basangiye ukwizera na nyina. Dusoma duti: “Bene wabo ntibari bamwizeye.” Ku bijanye na bashiki ba Yezu, bakaba n’imiburiburi barashika babiri, Bibiliya nta co ivuga. * Uko vyari biri kwose, Mariya yaragize umubabaro udasanzwe wo kubana n’abantu bafise ukwemera gutandukanye n’ukwiwe. Yabwirizwa kurwana urugamba rwo kutadohoka ku kuri kw’Imana no gukora uko ashoboye kugira ajijure abagize umuryango wiwe atiriwe arabaremera canke ngo ahazuke na bo.

Igihe kimwe, umugwi w’incuti za Yezu, hakaba hashobora kuba harimwo na bene wabo, barafashe ingingo yo kuja “kumufata”. Mu bisanzwe, bariko bavuga ngo: “Yasaze.” (Mariko 3:21, 31) Mu vy’ukuri Mariya ntiyiyumvira gutyo, ariko yarajanye n’abahungu biwe, yizeye ko kumbure bari kugira ico bahigiye cobafashije kugira ukwizera. None boba barizeye? Naho Yezu yagumye akora ibitangaro yongera yigisha ukuri kw’igitangaza, abandi bana ba Mariya ntibizeye namba. Mariya yoba yarahakwa gushavura, akibaza ati: ‘Ni igiki ga yemwe kizoheba kikabakora ku mutima?’

Woba uba mu rugo rw’abantu badasangiye idini? Ukwizera kwa Mariya kurashobora kukwigisha vyinshi. Ntiyigeze aheba abo mu muryango wiwe batizera. Ahubwo yahisemwo kureka ngo bibonere ukuntu ukwizera kwiwe kwatumye aronka umunezero n’amahoro yo mu mutima. Ku rundi ruhande, yagumye afata mu mugongo umwana wiwe w’umwizigirwa. Yoba yarakumbura Yezu? Vyoba vyarashika akiyumvira ati: ‘Ese iyo aba akiri kumwe natwe mu muryango!’ Nimba vyarashika, yarashoboye kwigumya. Yabona ko ari agateka gushigikira Yezu no kumuremesha. Woba nawe ushobora gufasha abana bawe gushira Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo?

“INKOTA NDENDE IZOSOGOTA UMUTIMA WAWE”

Hoba hari impembo Mariya yaronse kubera ko yizera Yezu? Yehova ntiyigera areka guha impembo uwizera, kandi nta gukeka ko ari ko vyagenze no kuri Mariya. (Abaheburayo 11:6) Niwibaze nawe ukuntu yumva amerewe yumvise umwana wiwe ariko aravuga canke akumva abandi bavuga ibijanye n’insiguro ziwe baba biyumviye!

Vyinshi mu bigereranyo vya Yezu birafitaniye isano n’ivyo Yozefu na Mariya bamwigishije

Ibigereranyo Yezu yakoresha vyoba vyaributsa Mariya bimwebimwe mu vyabaye igihe Yezu yari akiriko arakura i Nazareti? Igihe Yezu yavuga ibijanye n’umugore akubura inzu yiwe arondera igiceri catakaye, uwusya ifu y’umukate canke uwatsa itara akarishira ku gitereko caryo, Mariya yoba yaciye abona ka gahungu kaba kari iruhande yiwe igihe yaba ariko arakora ibikorwa nk’ivyo vya buri musi? (Luka 11:33; 15:8, 9; 17:35) Igihe Yezu yavuga ko ingǒgo yiwe yoroshe n’uko umutwaro wiwe uhwahutse, Mariya yoba yaciye yibuka kera ku muhingamo uraho uhimbaye, ariko aritegereza ingene Yozefu yigisha agahungu kiwe Yezu ukuntu bahingura ingǒgo  bavyitondeye kugira igitungwa coroherwe no kuyikorera? (Matayo 11:30) Nta gukeka ko Mariya yahimbarwa cane yibutse agateka Yehova yari yaramuteye ko kurera no kwigisha umwana yohavuye aba Mesiya. Ategerezwa kuba yaragira umunezero udasanzwe ariko arumviriza Yezu, we mwigisha ahambaye kuruta abandi bose kw’isi yafata ivyo bintu bisanzwe akabikuramwo ivyigwa bikomeye cane!

Naho ari ukwo, Mariya yagumye yicisha bugufi. Yezu ntiyigeze amushira hejuru ngo bamuhe icubahiro kirenze, ikitavuzwe co ni ugusengwa. Igihe Yezu yariko arigisha, hari umugore yari mw’isinzi yihaye akamo avuga ko nyina wa Yezu ategerezwa kuba yari ahiriwe vy’ukuri kubona yaramuvyaye. Yezu yishuye ati: “Oya, ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!” (Luka 11:27, 28) Igihe na ho abari mw’isinzi babwira Yezu yuko nyina na bene wabo baje, yavuze ko abizera ari bo ba nyina na bene wabo vy’ukuri. Aho gushavura, Mariya abwirizwa kuba yaratahuye ivyo Yezu avuze: Yaratahuye ko ubucuti bwo mu vy’Imana buhambaye cane kuruta ubw’amaraso.Mariko 3:32-35.

Ariko none, ni amajambo ayahe ga yemwe yoserura umubabaro Mariya yagize ariko araraba ingene umwana wiwe apfa rubi ku giti co kubabarizwako? Intumwa Yohani, uwiboneye ivy’urwo rupfu, yahavuye ashira mu nkuru yiwe ikintu kiri n’ico kivuze. Yavuze ko Mariya yari ahagaze “hafi y’igiti co kubabarizwako ca Yezu” muri ico kiringo kitoroshe. Nta cari kubuza uwo muvyeyi w’intahemuka kandi w’umunyarukundo guhagarara hafi y’umwana wiwe gushika kw’iherezo. Yezu yaramubonye, kandi naho yababara cane agize ngo arahemye canke akuyeko umunwa, yaragize ico avuze. Yaciye aha nyina wiwe intumwa yakunda ari we Yohani ngo imwitwararike. Kubera ko bene wabo na Yezu b’amaraso batari bwizere, nta n’umwe muri bo Yezu yajeje nyina wiwe, ahubwo yamujeje umwe mu bayoboke biwe b’ukuri. Yezu rero yarerekanye ukuntu bihambaye ko uwizera yitwararika abiwe, na canecane ku bijanye n’ivyo bakeneye mu vy’Imana.Yohani 19:25-27.

Igihe Yezu yahava agacikana, Mariya yaciye agira wa mubabaro wari waravuzwe kera, ya ntuntu isogota igasonga nk’inkota ndende. Nimba intuntu yagize yotugora gutahura, hari akantu umunezero yagize haheze imisi itatu! Mariya yaramenye ko habaye igitangaro gihambaye kuruta ibindi vyose: Yezu yari yazutse! Umunezero wiwe ntiwagarukiye aho, kuko Yezu yahavuye abonekera mwene nyina Yakobo, akaba abwirizwa kuba yamubonekeye ari wenyene. (1 Abakorinto 15:7) Uwo mubonano waragize ico uhinduye kuri Yakobo hamwe n’abandi bene nyina. Mu nyuma turabona ko bahavuye bizera ko Yezu ari Kristu. Ntibatevye kwitaba amakoraniro ya gikirisu bari kumwe na nyina, “bakovya mu gusenga.” (Ivyakozwe 1:14) Babiri muri bo, ari bo Yakobo na Yuda, bahavuye bandika ibitabu biri mu bigize Bibiliya.

Mariya yarahimbawe cane no kubona abandi bana biwe baba abakirisu b’intahemuka

Mariya avugwa ubwa nyuma ari kuri ayo makoraniro n’abahungu biwe, bariko barasenga. Ese ukuntu inkuru ya Mariya irangira neza! Mbega akarorero keza yasize! Kubera ukwizera kwiwe, yarihanganiye intuntu isogota nk’inkota maze arironkera impembo nziza igitangaza. Nitwigana ukwizera kwiwe, na twebwe turashobora kwihanganira imibabaro iyi si igoye iduteza, maze tukironkera impembo irengeye iyo dushobora kwiyumvira.

^ par. 8 Yozefu ntasubira kuvugwa mu nkuru zo mu Njili inyuma y’ivyabaye igihe Yezu yari afise imyaka 12. Mu vyakurikiye vyose, nyina wa Yezu n’abandi bana biwe ni bo bavugwa, ariko Yozefu ntavugwa. Hari ahantu hamwe Yezu yitwa “umuhungu wa Mariya,” Yozefu ntavugwe.Mariko 6:3.

^ par. 16 Yozefu ntiyari se wa Yezu w’amaraso, akaba ari co gituma abo bavukana bari bene nyina.Matayo 1:20.