Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  Rusama 2014

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Ni kubera iki mu kwica inkozi z’ikibi hajamwo no kuzivuna amaguru?

Ku bijanye n’ukuntu Yezu na za nkozi z’ikibi zibiri biciwe ku giti co kubabarizwako, inkuru yo mu Njili yigana iti: “Abayuda . . . basaba Pilato gutegeka ko amaguru yabo avunagurwa, na nya biziga bigakurwaho.”Yohani 19:31.

Ku bijanye n’umuvyimba w’inkozi y’ikibi yiciwe ku giti, Itegeko ry’Abayuda ryavuga riti: “Ntuze urare ku giti.” (Gusubira mu vyagezwe 21:22, 23) Biboneka ko iryo tegeko nyene ari ryo Abayuda bisunze kuri abo bantu Abaroma bari bamanitse ku giti. Ico gihe rero, kubavuna amaguru vyaca vyihutisha urupfu rwabo, bigatuma bahambwa izuba ritararenga ngo Isabato itangure.

Kenshi mu bihe nk’ivyo, uwicwa yashirwa ku giti agakomerwamwo imisumari mu maboko no mu birenge. Igiti kimaze guhagarikwa, umubiri wose wasigara urekera kuri nya misumari, umubabaro ari wose. Kugira uwo muntu aheme, yabanza kwiduza yishimikije umusumari canke imisumari yaba iri mu birenge. Ariko rero amagufa yiwe yo mu maguru bayavunye, ntivyaba bigishoboka ko yisunika. Yaca apfa bidatevye kubera vyanse ko ahema canke na ho kubera ingorane y’ugutembera kw’amaraso.

Umugozi wo guteresha ibuye wakoreshwa gute mu ntambara za kera?

Umugozi wo guteresha ibuye ni co kirwanisho Dawidi yakoresheje mu kwica ca kigatanya Goliyati. Biboneka ko Dawidi yize gukoresha ico kirwanisho mu myaka yamaze ari agahungu k’akungere.1 Samweli 17:40-50.

Ishusho yaharangatuwe y’Abashuri bateza amabuye imigozi bagavye igitero ku gisagara c’Abayuda

Umugozi wo guteresha ibuye uraboneka mu mashusho y’utugenegene tw’Abanyamisiri n’Abashuri bo mu bihe vya kera. Ico kirwanisho cari kigizwe n’agashato canke akaremo bapfundikako imigozi ibiri, nka kurya kw’itopito. Nyene gutera yashira muri ako gashato ibuye risenye canke ryiburungushuye, ry’amagarama nka 250 n’ubwaguke bwa santimetero 5 gushika kuri 7,5. Yaca rero azunguriza uwo mugozi hejuru y’umutwe wiwe maze akarekura umwe muri ya migozi ibiri, rya buye rigaca rigenda n’inguvu nyinshi kandi rikagema.

Abahinga bacukuye mu Karere k’ibihugu vy’Abarabu baratoye igitigiri kinini c’amabuye yatereshejwe umugozi mu ntambara zo mu bihe vya kera. Abarwanyi bakanongoreye bashobora kuba baratera ayo mabuye ku muvuduko w’ibilometero 160 gushika ku 240 kw’isaha. Abahinga ntibahuza ku vy’uko umugozi wo guteresha ibuye woba warashika kure nk’umuheto, ariko rero nta gukeka ko na wo nyene washobora kwica.Abacamanza 20:16.