Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI RUSAMA 2014

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Ni nde vy’ukuri atwara iyi si?

Iyo Imana iba ari yo itwara iyi si, ubwo haba hari imibabaro myinshi gutya?

Abantu benshi bemera ko Imana y’ukuri ari yo itwara iyi si. Ariko none iyo Imana iba ari yo itwara iyi si, ubwo isi iba yuzuye imibabaro gutya? (Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5) Bibiliya ivuga ko isi iri mu bubasha bw’umubisha.Soma 1 Yohani 5:19.

None vyagenze gute ngo umubisha yigarurire abantu? Igihe abantu batangura kubaho, hari umumarayika yagararije Imana maze yosha umugabo n’umugore ba mbere ngo na bo nyene bagararize. (Itanguriro 3:1-6) Uwo mugabo n’umugore bahisemwo kwumvira uwo mumarayika w’umugarariji Shetani, bamugira umutware wabo. Imana Mushoboravyose ni yo yonyene ifise uburenganzira bwo kuba Umutware, ariko ishaka ko abantu bahitamwo ubutegetsi bwayo babitumwe n’urukundo bayifitiye. (Gusubira mu vyagezwe 6:6; 30:16, 19) Ikibabaje ni uko abantu benshi bahenzwe bakagira ihitamwo ribi nk’iry’uwo mugabo n’umugore ba mbere.Soma Ivyahishuwe 12:9.

Ni nde azotorera umuti ingorane z’abantu?

Imana yoba izoreka Shetani akabandanya ubutegetsi bwiwe bubi? Haba namba! Imana izokoresha Yezu kugira akureho ibibi Shetani yakoze.Soma 1 Yohani 3:8.

Yezu abishobojwe n’Imana, azorandura Shetani. (Abaroma 16:20) Imana rero izoca itegeka abantu yongere itume babaho mu mahoro no mu gahimbare nk’uko yabigomba mu ntango.Soma Ivyahishuwe 21:3-5.

 

Raba n'ibindi

Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?

Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?

Umugambi Imana ifise wo guhindura isi Iparadizo woba uzoranguka? Nimba uzoranguka, ni ryari?