Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI RUSAMA 2014

 IKIYAGO ICABONA CA YEHOVA AGIRANA N’UWO ABWIRA INKURU NZIZA

Ivyabona vya Yehova boba bemera Yezu?

Ivyabona vya Yehova boba bemera Yezu?

Ibikurikira birerekana ingene ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza gishobora kuba kimeze. Reka dufate ko Icabona ca Yehova umwe twise Antoni yagendeye umugabo twise Tito.

KWIZERA YEZU BIRAHAMBAYE

Antoni: Bite ga Tito? Ndahimbawe no gusubira kukubona.

Tito: Na jewe.

Antoni: Nari ndakuzaniye Umunara w’Inderetsi na Be maso! biherutse gusohoka. Nibaza yuko ibiganiro biri muri ibi binyamakuru bizokuryohera vy’ukuri.

Tito: Urakoze. Emwe, ndahimbawe kubona uje, hari ikintu nashaka kukubaza.

Antoni: Ni vyiza. None ico wagomba kumbaza ni igiki?

Tito: Ejobundi, nariko ndaganira n’uwo dukorana. Naramubwiye ibijanye na vya bitabu wampa be n’ingene biryoshe. Ariko yambwiye ko ntari nkwiye kubisoma ngo kubera ko Ivyabona vya Yehova batemera Yezu. Vyoba ari vyo? Naciye ndamubwira yuko nzokubaza ugarutse kungendera.

Antoni: Sha, ndahimbawe kubona umbajije ico kibazo. Ni vyiza kubona uciye ubaza abo cerekeye. Nakare, ushaka kumenya neza ico umuntu yemera urabimwibariza.

Tito: Ni ko nanje navyiyumviriye.

Antoni: Ico womenya co ni uko Ivyabona vya Yehova bemera cane Yezu. Nkako, tubona ko kwizera Yezu ari ntahara kugira turokoke.

Tito: Nari nzi ko ari ko mubibona, ariko igihe uwo dukorana yavuga ko mutemera Yezu, vyatumye ngira amakenga. Nibaza ko twe nawe tutarigera tubiyagako cane.

Antoni: Woshima ko ndakwereka imirongo imwimwe yo muri Bibiliya yerekana akamaro ko kwizera Yezu? Ni imirongo Ivyabona vya Yehova bakoresha kenshi igihe bayaga n’abantu.

Tito: Jako.

Antoni: Umurongo twoherako ni uwurimwo amajambo Yezu ubwiwe yavuze dusanga muri Yohani 14:6. Ayo majambo ari mu kiyago Yezu yagiranye n’imwe mu ntumwa ziwe. Dusoma duti: “Yezu amubwira ati: ‘Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.’ ” Twisunze uwo murongo, ubona uburyo bwonyene bwo gushikira Data wa twese ari ubuhe?

Tito: Ni uguca kuri Yezu.

Antoni: Ni vyo. Kandi Ivyabona vya Yehova baravyemera rwose. Reka ndakwibarize: Wisunze ivyo uzi ku bijanye n’ivyo Imana idusaba, igihe umuntu asenga akwiye kubicisha mw’izina rya nde?

Tito: Rya Yezu.

Antoni: Ntubeshe. Ni na co gituma isengesho iryo ari ryo ryose ndaritura nciye mw’izina rya Yezu. Kandi Ivyabona vya Yehova bose ni ukwo.

Tito: Nta vyo nari nzi.

Antoni: Ikindi canditswe tworimbura ni Yohani 3:16. Uwo murongo urahambaye cane ku buryo bawise Injili ntoya. Ni ukuvuga ko nka hamwe wofata ibintu vyose vyanditswe ku bijanye n’ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi n’igikorwa yaranguye  ukabivuga mu murongo umwe, uwo murongo woba Yohani 3:16. Woshima gusoma ico canditswe?

Tito: Nta ngorane. Havuga hati: “Kuko Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo aronke ubuzima budahera.”

Antoni: Urakoze. Woba umenyereye uwo murongo?

Tito: Egome, ndamaze kwumva kenshi bawuvuga mw’idini iwacu.

Antoni: Ni umurongo uzwi cane. Reka tuwihweze twitonze, turabe ivyo Yezu yavuze. Urabona ko urukundo rw’Imana rutuma turonka ubuzima budahera. Mugabo ni igiki dusabwa?

Tito: Kwizera.

Antoni: Ni vyo. Na canecane kwizera Umwana w’ikinege Yezu Kristu. Ico kintu rero c’uko kwizera Yezu bituma twironkera ubuzima budahera, kiravugwa ng’aha ku rupapuro rwa 2 rw’ikinyamakuru nakuzaniye. Ku bijanye n’intumbero y’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi, havuga hati: “Kiraremesha abantu ngo bizere Yezu Kristu, uwapfuye kugira ngo dushobore kuronka ubuzima budahera kandi ubu akaba aganza ari Umwami w’Ubwami bw’Imana.”

Tito: Emwe, urambariye. Ikinyamakuru canyu nyene kiratanga ikimenyamenya c’uko Ivyabona vya Yehova bemera Yezu.

Antoni: Neza cane.

Tito: None ni kubera iki abantu bavuga ko mutemera Yezu?

Antoni: Hashobora kuba hariho imvo zituma bavuga gutyo. Rimwe na rimwe abantu babivuga kubera gusa bumvise abandi babivuga. Canke na ho boshobora kuba bavyigishijwe n’umukuru w’idini ryabo.

Tito: Hari ikintu nariko ndiyumvira: Ubwo abantu bamwebamwe ntibavuga ko mutemera Yezu kubera muvuga ko muri Ivyabona vya Yehova, aho kuba Ivyabona vya Yezu?

Antoni: Na vyo nyene vyoshoboka.

Tito: Kubera iki none muvuga cane Yehova?

“NARABAMENYESHEJE IZINA RYAWE”

Antoni: Kimwe coco, turemera ko bihambaye gukoresha izina ry’Imana ry’uruharo ari ryo Yehova, nk’uko n’Umwana wayo Yezu yabigize. Raba ivyo Yezu yavuze mw’isengesho yatuye Se. Biri muri Yohani 17:26. Ubona wosoma uwo murongo?

Tito: Ego cane. Havuga hati: “Narabamenyesheje izina ryawe, kandi nzorimenyekanisha, kugira ngo urukundo wankunze rube muri bo nanje nunge ubumwe na bo.”

Antoni: Urakoze. Yezu yavuze ko yamenyekanishije izina ry’Imana. Wibaza yuko yabikoze kubera iki?

Tito: Hmm. Nta vyo nzi neza.

Kwizera Yezu ni ntahara kugira turokoke

Antoni: Sawa, kumbure tworaba ikindi canditswe cishura ico kibazo. Nciye nibuka ibivugwa mu Vyakozwe 2:21. Hagira hati: “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.” Nimba kwambaza izina rya Yehova ari igisabwa kugira turokoke, nibaza yuko utohakana ko Yezu ategerezwa kuba yari azi ico kintu.

Tito: Ivyo vyo.

Antoni: Ukurokoka kw’abayoboke ba Yezu rero ni kimwe mu vyatuma abona ko bihambaye yuko bamenya bakongera bagakoresha izina ry’Imana. Vyongeye, ni imwe mu mvo zihambaye zituma tuvuga cane Yehova. Kumenyekanisha izina ry’Imana ry’uruharo tugafasha abandi kuryambaza, tubona ko bihambaye.

Tito: Ariko n’igihe abantu bataba bazi izina ry’Imana canke ngo barikoreshe, iyo bavuze Imana baba bazi uwo bariko baravuga.

Antoni: Ivyo vyoshoboka. Ariko rero, kuba Imana yaratubwiye izina ryayo ry’uruharo, vyatumye bitworohera kuyiyegereza.

Tito: Ushatse kuvuga iki?

 Antoni: Reka dufate akarorero: Ntivyari ngombwa ngo tumenye izina rya Musa. Twari gushobora kumumenya nk’umuntu gusa yagabuyemwo kubiri Ikiyaga Gitukura canke umuntu yahawe ya Mabwirizwa Cumi. Mbega Nowa wewe, kubera iki twomenya izina ryiwe? Bibiliya yari gushobora kuvuga gusa ko ari umugabo yubatse ubwato akarokora umuryango wiwe n’ibikoko. Mbere na Yezu Kristu twari gushobora kumumenya gusa nk’umuntu yaje ava mw’ijuru maze arapfa kubera ibicumuro vyacu, si ko?

Tito: Nibaza ko ari vyo.

Antoni: Ariko rero Imana yaritwararitse ko tumenya amazina y’abo bantu. Ico ni ikintu kidasanzwe gituma twumva ko ari abantu babayeho koko. Naho nyene tutarigera tubona Musa, Nowa canke Yezu, kumenya gusa amazina yabo bituma turushiriza kubona ko abo bagabo babayeho koko.

Tito: Emwe, sinari bwigere niyumvira ico kintu, ariko kirumvikana!

Antoni: Iyo ni iyindi mvo ituma Ivyabona vya Yehova bakoresha cane izina ry’Imana ry’uruharo. Twipfuza gufasha abantu kwizera Yehova Imana, babone ko abaho koko kandi ko bashobora kumwiyegereza. Ariko kandi, turashimika cane ku ruhara Yezu afise mu kurokoka kwacu. Kumbure reka dusome ikindi canditswe kugira tuvyumve neza.

Tito: Ego.

Antoni: Twatanguye dusoma muri Yohani 14:6. Uribuka ko Yezu yavuze yuko ari we “nzira n’ukuri n’ubuzima.” Reka dusubire inyuma gatoyi turabe ivyo avuga muri Yohani 14:1. Ubona wosoma amajambo Yezu avuga mu gace ka nyuma k’uwo murongo?

Tito: Reka nsome. Hagira hati: “Mwizere Imana, na jewe munyizere.”

Antoni: Urakoze. Woba none wovuga ko ukwizera nyakuri ari ugucagura umwe muri abo babiri? Kwoba ari ukwemera Yezu canke Yehova?

Tito: Oya. Yezu yavuze ko ari ukubizera bompi.

Antoni: Ni vyo. Kandi ndazi ko na wewe ubona yuko kuvuga gusa ngo turizera Imana na Yezu bidahagije. Mu vy’ukuri, turakeneye kubaho mu buryo bwerekana ko tubizera.

Tito: Aho ntubeshe namba.

Antoni: Ariko none umuntu yerekana gute ko yizera vy’ukuri Imana na Yezu? Reka tuze tuyage kuri ico kibazo uwundi musi. *

Tito: Vyompimbara.

Hoba hariho ikibazo umaze kwibaza kijanye na Bibiliya? Woba wipfuza kumenya ivyo Ivyabona vya Yehova bemera canke ivyo bakora mu bijanye no gusenga? Nimba ari ukwo biri, ntuze witinye kubaza Icabona ca Yehova. Azohimbarwa no kuyaga nawe ku bibazo nk’ivyo.

^ par. 60 Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 12 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Raba n'ibindi

Tubeho mu buryo buhimbara Imana

Birashoboka ko ubaho mu buryo buhimbara Yehova. Nkako, urashobora kuba umugenzi wiwe.