Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 37

Yehova avugana na Samweli

Yehova avugana na Samweli

Umuherezi mukuru Eli yari afise abahungu babiri b’abaherezi bakorera kw’itaberenakulo. Umwe yitwa Hofuni, uwundi Finehasi. Abo bahungu ntibagamburukira Yehova kandi bafata abantu nabi cane. Igihe Abisirayeli baba bazaniye ibimazi Yehova, Hofuni na Finehasi baca bitorera inyama nzizanziza bakazitwara. Eli yarumvise ivyo abahungu biwe bakora, ariko ntiyabahanuye. None Yehova yoba yari kubireka gutyo?

Naho Samweli yari muto cane kuri Hofuni na Finehasi, ntiyabiganye. Yehova yarashima Samweli. Umusi umwe mw’ijoro Samweli aryamye, yarumvise umuntu amuhamagara. Yaciye avyuka, yiruka iyo Eli ari, amubwira ati: ‘Ndi hano!’ Ariko Eli yamubwiye ati: ‘Sinaguhamagaye. Subira kuryama.’ Samweli yaciye asubira kuryama. Wa muntu yarongeye kumuhamagara. Samweli yumvise amuhamagaye irigira gatatu, Eli yaciye amenya ko ari Yehova yariko arahamagara Samweli. Yabwiye Samweli ko niyasubira kwumva uwo muntu amuhamagaye, yoca avuga ati: ‘Vuga Yehova. Umusavyi wawe ariko arumviriza.’

Samweli yarasubiye kuryama. Haciye akanya yagiye yumva umuntu amuhamagara ati: ‘Samweli! Samweli!’ Na we yishura ati: ‘Vuga, kuko umusavyi wawe ariko arumviriza.’ Yehova yamubwiye ati: ‘Bwira Eli ko ngomba kumuhana n’umuryango wiwe. Arazi ko ivyo abahungu biwe bakora kw’itaberenakulo yanje ari bibi, ariko nta co abagira.’ Bukeye, Samweli yaruguruye imiryango y’itaberenakulo nk’uko yama abigira. Yaratinye kubwira umuherezi mukuru ivyo Yehova yari yamubwiye. Mugabo Eli yaramuhamagaye amubaza ati: ‘Mwananje, Yehova yakubwiye ibiki? Bimbwire vyose.’ Samweli yaciye abimubwira vyose.

Yehova yagumye ari kumwe na Samweli uko yagenda arakura. Mu gihugu cose, Abisirayeli bose bari bazi ko Yehova yatoye Samweli ngo abe umuhanuzi n’umucamanza.

“Niwibuke rero Umuremyi wawe Ahambaye mu misi y’ubusore bwawe.”​—Umusiguzi 12:1