Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ivyigwa dukura muri Bibiliya

 ICIGWA CA 83

Yezu agaburira abantu benshi

Yezu agaburira abantu benshi

Hari imbere ya Pasika yo mu mwaka wa 32, intumwa zikaba zari zivuye kwamamaza. Yezu yaciye abatwara n’ubwato i Betsayida kugira baruhuke kuko bari barushe. Ariko bagira bashike ku nkengera, Yezu yaciye abona abantu benshi bari babakurikiye. Naho yashaka kumarana akanya n’intumwa ziwe gusa, ntiyaciye abirukana. Yarakijije abari barwaye, aca atangura kubigisha. Yamaze umusi wose ariko arabigisha ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Ku mugoroba, intumwa zaramwegereye zimubwira ziti: ‘Aba bantu barashonje. Barungike baje kurondera ivyo barya.’

Yezu yabishuye ati: ‘Ntibirirwa baragenda. Nimubahe ivyo kurya.’ Baciye bamubaza bati: ‘Ushaka tugende kubagurira imikate?’ Filipo yaciye avuga ati: ‘Naho twoba dufise amahera angana gute, ntitworonka imikate ikwiye aba bantu bose.’

Yezu yaciye ababaza ati: ‘Dufise ivyo kurya bingana gute?’ Andereya yishuye ati: ‘Dufise imikate itanu n’udufi tubiri. Ivyo ntivyopfa bibakwiye.’ Yezu na we ati: ‘Binzanire.’ Yaciye abwira abantu ngo bicare ku vyatsi ari mirongo itanitanu n’ijanijana. Yezu yaratoye ya mikate na twa dufi, araraba mw’ijuru maze arasenga. Yaciye aha ivyo bifungurwa intumwa ziwe, na zo zibiha abo bantu. Bose uko bari abagabo 5.000 hamwe n’abagore n’abana, barariye barahaga. Bahejeje, intumwa  zaciye zegeranya ivyasigaye kugira ntihagire ibipfa ubusa. Begeranije ibiseke 12 vyuzuye! Ico cari igitangaro gikomeye!

Abantu baratangaye cane ku buryo baciye bashaka ko Yezu ababera umwami. Ariko Yezu yari azi ko igihe Yehova yashinze c’uko aba umwami kitaragera. Yaciye arungika abo bantu ngo batahe, intumwa ziwe na zo azibwira zijabuke ikiyaga ca Galilaya. Zaruriye ubwato, Yezu na we aca aduga ku musozi ari wenyene. None yari agiye gukora iki? Yari agiye gusenga Se wiwe. Naho yari afise ibintu vyinshi akora, yama arondera umwanya wo gusenga.

“Ntimukorere ibifungurwa bibora, ahubwo mukorere ibifungurwa bigumaho ku bw’ubuzima budahera, ivyo Umwana w’umuntu azobaha.”​—Yohani 6:27