Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ivyigwa dukura muri Bibiliya

 ICIGWA CA 22

Igitangaro ku kiyaga Gitukura

Igitangaro ku kiyaga Gitukura

Farawo akimara kwumva ko Abisirayeli bavuye mu Misiri, yaciye ahindura ivyiyumviro. Yategetse abasoda biwe ati: ‘Nimutegure imikogote yose y’intambara tubakurikire! Ntitwari dukwiye kubareka ngo bagende.’ Farawo n’abasoda biwe baciye bakurikira Abisirayeli.

Yehova yayobora abo basavyi biwe akoresheje igicu ku murango n’umuriro mw’ijoro. Yabajanye ku kiyaga Gitukura, ababwira gukambika ng’aho.

Abisirayeli baciye babona Farawo n’abasoda biwe bariko barabakurikira. Imbere yabo hari ikiyaga Gitukura inyuma na ho abasoda b’Abanyamisiri. Baciye batangura kuririra Musa bati: ‘Turapfuye! Wadukuriye iki mu Misiri?’ Ariko Musa ababwira ati: ‘Ntimutinye. Nimurindire mwirabire ingene Yehova aturokora.’ Wumva Musa atizigira Yehova vy’ukuri?

Yehova yabwiye Abisirayeli ngo bahaguruke bagende. Muri iryo joro, Yehova yaciye yimura ca gicu agishira hagati y’Abanyamisiri n’Abisirayeli. Ku ruhande rw’Abanyamisiri hari umwiza, ariko ku ruhande rw’Abisirayeli hari umuco.

Yehova yabwiye Musa ngo aduze ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga. Yehova yaciye atuma umuyaga ukomeye urara urahuhuta.  Ikiyaga carigabuyemwo kubiri, haca haraboneka inzira hagati. Abisirayeli amamiliyoni bajabutse baciye kw’isi yumutse, hagati y’impome z’amazi.

Abasoda ba Farawo barakurikiye Abisirayeli mu kiyaga. Yehova yaciye atuma haba umuvurungano muri bo. Imikogote yabo yaciye itangura kuvako amapine. Nya basoda baciye bakoma induru bati: ‘Duhunge! Yehova ni we ariko arabarwanira.’

Yehova yarongeye kubwira Musa ati: ‘Duza ukuboko kwawe hejuru y’ikiyaga.’ Ubwo nyene vya bihome vy’amazi vyaciye bisenyukira ku basoda b’Abanyamisiri. Farawo n’abasoda biwe bose baciye bapfa. Nta n’umwe yarokotse.

Hakurya y’ikiyaga, isinzi rinini ryariko riraririmbira Yehova riti: ‘Ririmbira Yehova, kuko ashizwe hejuru cane. Ifarasi n’uwuyigendesha yajugunyiye mu kiyaga.’ Igihe bariko bararirimba, abagore baratamvye bavuza n’utugoma. Bose bari banezerewe kubera bari babohowe vy’ukuri.

“Ku buryo dushobora kugira umutima rugabo tukavuga duti: ‘Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya. Umuntu yongira iki?’”​—Abaheburayo 13:6