Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ivyigwa dukura muri Bibiliya

 ICIGWA CA 62

Igiti cagereranya ubwami

Igiti cagereranya ubwami

Umusi umwe Nebukadinezari yararose ibintu vyamuteye ubwoba cane. Yarahamagaye abantu biwe b’incabwenge ngo babimusobanurire, ariko nta n’umwe yabishoboye. Mu nyuma yaravyiganiye Daniyeli.

Yamubwiye ati: ‘Narose mbona igiti, hanyuma kirakura cane gishika mu bicu. Kw’isi yose abantu barashobora kukibona. Cari gifise ibibabi vyiza n’ivyamwa vyinshi. Ibikoko vyaraza kurondera agatutu munsi yaco, n’inyoni zikaza kwubaka ivyari mu mashami yaco. Haca hamanuka umumarayika avuye mw’ijuru, asemerera ati: “Nimuteme ico giti n’amashami yaco. Ariko igishitsi caco mukirekere mw’ivu, mukiboheshe imigozi y’icuma n’umujumpu. Umutima waco nuhindurwe ube uw’igikoko kandi hahere ibihe indwi. Abantu bose bazomenya ko Imana ari yo Mutware be n’uko uwo ishaka ari we iha ubukuru.”’

Yehova yarabwiye Daniyeli ico vyasobanura. Daniyeli avyumvise yaciye agira ubwoba. Yabwiye umwami ati: ‘Mwami, ese iyaba ivyo bintu vyoshikiye abansi bawe! Ariko bizoshikira wewe. Ico giti kinini batemye ni wewe. Uzova ku butegetsi kandi uzorya ivyatsi nk’ibikoko vyo mw’ishamba. Ariko rero, kubera ko umumarayika yavuze ngo igishitsi bakigumize mw’ivu, uzosubira kuba umwami.’

Haciye umwaka, Nebukadinezari yariko aragendagenda ku nzu yiwe araba ingene igihugu ca Babiloni ari ciza. Yaciye avuga ati: ‘Raba ingene iki gisagara nubatse ari ciza. Ndahambaye cane!’ Akiriko aravuga, yagiye yumva ijwi rivuye mw’ijuru rimubwira riti: ‘Nebukadinezari, uravuye ku butegetsi!’

Ako kanya nyene Nebukadinezari yaciye asara, acika nk’igikoko co mw’ishamba. Yarirukanywe i bwami aja kubana n’ibikoko mw’ishamba. Imishatsi yiwe yarakuze imera nk’amababa y’inkona, inzara ziwe na zo zimera nk’ivyara vy’ibisiga.

 Haheze imyaka indwi, Nebukadinezari yarakize, Yehova aca arasubira kumugira umwami. Nebukadinezari yaciye avuga ati: ‘Yehova Imana y’amajuru nashemezwe! Ubu ndamenye ko Yehova ari we Mutware aruta abandi bose. Aracisha bugufi abishira hejuru kandi uwo ashaka ni we aha ubukuru.’

“Ubwishime buza imbere yo gusenyuka, umutima wibona na wo imbere yo gutsitara.”​—Imigani 16:18