Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ivyigwa dukura muri Bibiliya

 ICIGWA CA 47

Yehova aremesha Eliya

Yehova aremesha Eliya

Yezebeli yarumvise ivyashikiye abahanuzi ba Bayali aca arashavura cane. Yararungitse intumwa kubwira Eliya iti: ‘Ejo uzoba wapfuye nka barya bahanuzi ba Bayali.’ Eliya yaragize ubwoba bwinshi, aca arahungira mu bugaragwa. Yasenze ati: ‘Yehova, birananiye kwihangana. Reka nipfire.’ Eliya yararyamye munsi y’igiti aca arasinzira kuko yari yarushe cane.

Umumarayika yaraje aramukangura, amubwira ati: ‘Vyuka urye.’ Eliya yaciye abona umukate uri ku mabuye ashushe be n’umukuza w’amazi. Yarariye yongera aranywa, aca arasubira kuryama. Umumarayika yarasubiye kumuvyura amubwira ati: ‘Irya. Urakeneye inguvu kuko urugendo ari rurerure.’ Eliya yarasubiye kurya. Yaciye agira urugendo rw’imisi 40 n’amajoro 40, gushika ku musozi Horebu. Ashitseyo, yaciye aryama mw’isenga ry’ibuye. Yehova yaramubajije ati: ‘Uriko ukora iki ng’aha ga Eliya?’ Eliya yamwishuye ati: ‘Abisirayeli bararenze ku vyo bagusezeraniye. Barasambuye ibicaniro vyawe barica n’abahanuzi bawe. None nanje bagomba kunyica.’

Yehova yamubwiye ati: ‘Genda uhagarare ku musozi.’ Ubwa mbere, harahuhuse umuyaga mwinshi cane. Haciye hakurikira nyamugigima hama umuriro. Mu nyuma, Eliya yarumvise ijwi ritekanye, ryo hasi. Yaciye yipfuka impuzu yiwe mu maso aca ahagarara hanze y’iryo senga. Yehova yaramubajije igituma yari yahunze. Eliya yamwishuye ati: ‘Ni je jenyene nsigaye.’ Ariko Yehova yamubwiye ati: ‘Si we wenyene usigaye. Hariho abandi 7.000 muri Isirayeli bakinsenga. Genda utore Elisha kugira azobe umuhanuzi mu kibanza cawe.’ Ubwo nyene Eliya yaciye aja gukora ivyo Yehova amubwiye. Na wewe Yehova azogufasha niwakora ivyo agomba. Reka dusubire inyuma turabe ikintu cabaye muri ca gihe imvura itagwa.

“Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.”​—Abafilipi 4:6

Raba n'ibindi

NIWIGISHE ABANA BAWE

Vyoba bishika ukumva uri wenyene ufise n’ubwoba?

Yehova yabwiye iki Eliya igihe yumva ari wenyene? Ni igiki twokwigira ku vyashikiye Eliya?

NIWIGANE UKWIZERA KWABO

Eliya yarahojejwe n’Imana yiwe

Ni ibiki vyatumye Eliya acika intege gushika n’aho yipfuza gupfa?