Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ivyigwa dukura muri Bibiliya

Intangamarara y’igihimba ca 9

Intangamarara y’igihimba ca 9

Iki gihimba kiratubwira ibijanye n’abakiri bato, abahanuzi hamwe n’abami bizigiye Yehova bimwe bidasanzwe. Muri Siriya, akigeme k’Akisirayelikazi karizigiye ko umuhanuzi wa Yehova yari ashoboye gukiza Namani. Umuhanuzi Elisha yarizigira adakeka ko Yehova ashoboye kumukingira ingabo z’abansi. Umuherezi mukuru Yehoyada yaremeye gushira ubuzima bwiwe mu kaga, arakingira agahungu kitwa Yehowasi ngo inakuru wako Ataliya ntakice. Umwami Hezekiya yarizigiye ko Yehova yorokoye Yeruzalemu, ntiyatinya iterabwoba ry’Abashuri. Umwami Yosiya yarakuye mu gihugu ivyo gusenga ibigirwamana, arasanura urusengero yongera arasubizaho ugusenga kw’ukuri.

IBIRI MURI IKI GIHIMBA

ICIGWA CA 51

Agakobwa k’Akisirayelikazi

Akisirayelikazi karabwira inabuja ububasha Yehova afise bwo gukiza, bigatuma shebuja akira ku gitangaro.

ICIGWA CA 52

Yehova akingira Elisha

‘Abo turi kumwe ni benshi kuruta abari kumwe na bo’: Ingene umukozi wa Elisha yiboneye ko ayo majambo ari ay’ukuri.

ICIGWA CA 53

Yehoyada ntiyatinya

Umuherezi w’umwizigirwa arahangana n’umwamikazi w’umubisha.

ICIGWA CA 54

Yehova yarababariye Yona

Vyagenze gute ngo umuhanuzi w’Imana amirwe n’urufi runini? Yarokotse gute? Ni icigwa ikihe Yehova yamuhaye?

ICIGWA CA 55

Umumarayika yarakingiye Hezekiya

Abansi ba Yuda bavuga ko Yehova atazokingira abasavyi biwe, ariko baribesha!

ICIGWA CA 56

Yosiya yarakunda Itegeko ry’Imana

Yosiya aba umwami afise imyaka umunani, kandi arafasha abantu kugaruka kuri Yehova.