Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 15

Yehova ntiyigeze yibagira Yozefu

Yehova ntiyigeze yibagira Yozefu

Igihe Yozefu yari mu gasho, Farawo umwami wa Misiri yararose. Ibintu yarose nta n’umwe yashoboye kubimusigurira. Umwe mu bakozi ba Farawo yaramubwiye ko Yozefu yari gushobora kubimusigurira. Farawo yaciye atumako Yozefu.

Farawo yamubajije ati: ‘Woshobora kunsigurira ibintu narose?’ Yozefu yamwishuye ati: ‘Hazohera imyaka indwi mu Misiri hari indya nyinshi, hace hakurikira iyindi myaka indwi hari inzara. Nutore umuntu aciye ubwenge yokwegeranya indya kugira abantu bawe ntibaze bicwe n’inzara.’ Farawo yaciye amubwira ati: ‘Ntoye wewe! Uzoba umuntu agira kabiri ahambaye muri Misiri yose!’ None Yozefu yashoboye gute gusobanura indoto za Farawo? Ni Yehova yamufashije.

Mu myaka indwi yakurikiye, Yozefu yaregeranije indya. Haciye hatera inzara kw’isi yose, nk’uko Yozefu yari yarabivuze. Abantu bo hirya no hino kw’isi baraza kugura indya kwa Yozefu. Se wiwe Yakobo yarumvise ko mu Misiri hariyo indya, aca arungikayo abahungu biwe cumi ngo baje kugura indya.

Abahungu ba Yakobo baragiye kwa Yozefu. Yozefu akibabona yaciye abamenya, ariko bobo ntibamumenye. Baramwunamiye nk’uko nyene yari yarabirose akiri muto. Yozefu yarashatse kumenya ko bene wabo bari bagifise urwanko. Yaciye ababwira ati: ‘Mwaje gusuma urusaku! Mwaje kuraba aho igihugu kigoyagoya.’ Bamwishuye bati: ‘Oya! Twebwe tuva i Kanani, kandi tuvukana turi 12. Umwe muri twebwe yarapfuye, umuhererezi na we yasigaranye na dawe.’ Yozefu yaciye ababwira ati: ‘Kugira nemere ivyo muvuze, murabanza munzanire uwo muhererezi wanyu.’ Baciye basubira kwa se wabo.

Indya zisubiye guhera, Yakobo yaciye yongera kurungika abahungu biwe mu Misiri. Ico gihe bagiye bajanye na Benyamini umuhererezi wabo. Kugira Yozefu ageze bene wabo, yaranyegeje igikombe ciwe c’ifeza mw’igunira rya Benyamini, aca abagiriza ko bacivye. Igihe abakozi ba Yozefu basanga ico gikombe mw’igunira rya Benyamini, bene wabo barababaye cane. Baratakambiye Yozefu ngo abe ari bo ahana mu kibanza ca Benyamini.

Yozefu yaciye abona ko bene wabo bari barahindutse. Ico gihe hoho vyaranse ko Yozefu yigumya. Yaraturikishije ararira, ababwira ati: ‘Ndi mwene wanyu Yozefu. Dawe aracariho?’ Bene wabo baratangaye cane. Yababwiye ati: ‘Ntimubabare kubera ivyo mwangiriye. Imana ni yo yandungitse hano kugira ndokore ubuzima bwanyu. Nimunyaruke muzane dawe.’

Baciye baja muhira kubwira se wabo iyo nkuru nziza maze baramujana mu Misiri. Inyuma y’imyaka myinshi, Yozefu yarasubiye kubonana na se wiwe.

“Nimutababarira abantu amakosa yabo, na So ntazobababarira amakosa yanyu.”​—Matayo 6:15