Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ivyigwa dukura muri Bibiliya

 ICIGWA CA 92

Yezu yiyereka abarovyi

Yezu yiyereka abarovyi

Haheze imisi Yezu yiyeretse intumwa, Petero yaragiye kuroba ku kiyaga ca Galilaya. Yajanye na Toma, Yakobo, Yohani n’abandi bigishwa. Bamaze ijoro ryose baroba, ariko ntibaronka ifi n’imwe.

Bukeye, barabonye umuntu ahagaze ku nkengera. Nya muntu yarabahamagaye ababaza ati: ‘Nta fi mwaronse?’ Na bo bati: “Oya!” Nya muntu yaciye ababwira ati: “Terere urusenga i buryo bw’ubwato.” Babigize, urusenga rwaciye rwuzura amafi ku buryo bibananira kurukwega. Ubwo nyene Yohani yaciye amenya ko ari Yezu, aca avuga ati: “Ni Umukama!” Petero yaciye asimbira mu mazi aroga gushika ku nkengera. Abandi bigishwa baciye baza mu bwato.

Bashitse ku nkengera, barabonye umukate n’amafi biri ku mucanwa. Yezu yaciye abasaba ngo bazane ku mafi bahejeje  kuroba kugira bongereze, hanyuma ababwira ati: ‘Ingo mufungure!’

Bahejeje gufungura, Yezu yarabajije Petero ati: ‘Urankunda kuruta kuroba?’ Na we ati: ‘Ego Mukama. Urazi ko ndagukunda.’ Yezu yaciye amubwira ati: ‘Gaburira intama zanje.’ Yarasubiriye kumubaza ati: ‘Petero, urankunda?’ Na we ati: ‘Mukama, urazi ko ndagukunda.’ Yezu aca amubwira ati: “Ragira intama zanje ntonto.” Yaramubajije n’irya gatatu. Petero yarababaye cane, aca avuga ati: ‘Mukama, urazi vyose. Urazi ko ndagukunda.’ Yezu yaciye amubwira ati: “Gaburira intama zanje ntonto.” Mu gusozera yamubwiye ati: “Guma unkurikira.”

“[Yezu] ababwira ati: ‘Nimunkurikire, nanje nzobagira abarovyi b’abantu.’ Baca baheba za nsenga, baramukurikira.”​—Matayo 4:19, 20

Raba n'ibindi

YEZU NI INZIRA, UKURI N’UBUZIMA

Ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya

Petero aributswa incuro zitatu ingene yokwerekana ko akunda Yezu.

NIWIGANE UKWIZERA KWABO

Petero yararwanije ubwoba n’ugukekeranya

Ugukekeranya ni kubi cane kandi kuronona ibintu vyinshi. Ariko rero, Petero yarashobora gutsinda ubwoba n’ugukekeranya yari afise ku bijanye no gukurikira Yezu.