Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Ivyigwa dukura muri Bibiliya

 ICIGWA CA 24

Bararenze ku vyo basezeranye

Bararenze ku vyo basezeranye

Yehova yabwiye Musa ati: ‘Duga uze ku musozi. Nzokwandika amategeko yanje ku bisate vy’amabuye hanyuma ndabiguhe.’ Musa yaraduze nya musozi amarayo imisi 40 n’amajoro 40. Musa ari kuri uwo musozi, Yehova yaranditse ya Mabwirizwa cumi ku bisate bibiri vy’amabuye aca arabimuha.

Musa akiri ku musozi, Abisirayeli baribajije ko yabahevye. Babwiye Aroni bati: ‘Dushaka umuntu atuyobora. Nudukorere imana!’ Aroni yabishuye ati: ‘Nimumpe inzahabu zanyu.’ Yaciye aziterera mu muriro zirashonga maze azikoramwo igishusho c’inyana. Abantu baciye bavuga bati: ‘Iyi nyana ni yo Mana yacu yadukuye mu Misiri!’ Baciye batangura gusenga iyo nyana y’inzahabu, baragira n’umusi mukuru. None ivyo vyoba vyari bibi? Vyari bibi cane, kuko bari baremeye ko bazosenga Yehova wenyene.

 Yehova yarabonye ivyo bariko baragira, aca abwira Musa ati: ‘Manuka urabe ba bantu. Bangambarariye. Bariko basenga ikigirwamana.’ Musa yaciye amanuka afise vya bisate bibiri.

Musa ariko aregera ikambi, yarumvise abantu bariko bararirimba. Yaciye ababona bariko baratamba bongera bunamira ya nyana. Yarababaye cane, aca aterera hasi vya bisate bibiri biramanyagurika. Yaciye amenagura ya nyana. Yabajije Aroni ati: ‘Vyagenze gute ngo aba bantu baguhende ku buryo ukora ikintu nk’iki?’ Aroni yamwishuye ati: ‘Ntunshavurire. Urazi uko aba bantu bameze. Bansavye ngo ndabakorere imana, nca nterera inzahabu zabo mu muriro ndabakorera iyi nyana!’ Aroni ntiyari akwiye gukora ico kintu. Musa yarasubiye ku musozi aratakambira Yehova ngo ababarire abo bantu.

Yehova yarababariye abashaka kumugamburukira. Woba ubona igituma vyari bihambaye ko Abisirayeli baguma bagamburukira Musa?

“Igihe cose uraganiye Imana indagano, ntugonanwe kuyishitsa, kuko [idahimbarwa] n’ibijuju. Ico uraganye, gishitse.”​—Umusiguzi 5:4